[1] Hashize igihe gitoya, agendagenda mu bisagara no mu mihana, ababwira ijambo ry'Imana, avuga ubutumwa bwiza bw'ubwami bwayo; bamwe icumi na babiri bajana na we,
[2] n'abagore bamwe bakijijwe ibisigo n'indwara, Mariya ari we Magadalene, abadayimoni indwi bari baramuvuyemwo,
[3] na Yowana muka Kuza, umukuru w'abakozi bo mu rugo wa Herode, na Susana, n'abandi bagore benshi, bafashisha Yesu n'abigishwa biwe ivyabo.
[4] Ishengero ryinshi rirakorana, kandi abavuye mu bisagara vyose baza kuri we, abacira umugani
[5] ati: “Umubivyi yasohoye imbuto ziwe; akibiba, zimwe zigwa i ruhande y'inzira, barazikandagira, inyoni zo mu kirere zirazinobagura.”
[6] Izindi zigwa ku rutare, zihejeje kumera ziruma, kuko zibuze ahabomvye.
[7] Izindi zigwa mu mahwa hagati, amahwa amerana na zo, arazinyoha.
[8] Izindi zigwa mw'ivu ryiza, ziramera, zama impeke, imwe ijana, iyindi ijana, bityobityo.” Avuze ivyo, avuga n'ijwi rirenga ati: “Uwuri n'amatwi yumva ni yumve.”
[9] Maze abigishwa biwe bamubaza uwo mugani, ico usobanura.
[10] Arababwira ati: “Mwebwe mwahawe kumenya amabanga y'ubwami bw' Imana; ariko abasigaye babibarirwa mu migani; ngo barabe, yamara ntibavyitegereze; bumve, yamara ntibabitahure.”
[11] Umugani ni uwu. Imbuto ni ijambo ry'Imana.
[12] Abo i ruhande y'inzira n'abaryumvise, maze Umwansi yaza, agakura iryo jambo mu mitima yabo, kugira ngo ntibizere ngo bakizwe.
[13] Abo ku rutare ni aba: iyo bumvise iryo jambo, baryakirana umunezero, ariko ntibagira imizi, bizera akanya gato, maze mu gihe c'igeragezwa bakarireka.
[14] Izaguye mu mahwa ni abaryumvise, maze bariko barigira umwitwaririko wo muri ubu bugingo, bo n'ubutunzi n'ibihimbaro vyo muri bwo, bikabanyoha, ntibame imbuto nziza.
[15] Izo mw'ivu ryiza ni abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakamishwa imbuto n'ukwihangana.
[16] Kandi nta wodomeka itara, ngo aryubikeko ikintu, canke ngo arishire mu rutara, ariko arishira ku gitereko caryo, ngo abinjira basange habona.
[17] Kuko ata canyegejwe kitazozanwa ahabona, canke icagizwe ibanga kitazomenyekana kikaja ahabona.
[18] Mwiyubare uburyo mwumva; kuko uwufise azohabwa kandi uwudafise azokwakwa n'ico yiyumvira ko afise.
[19] Maze nyina n'abavukanyi biwe baza aho ari, ntibashobora kumushikira ku bwo ishengero.
[20] Baramubwira bati: “Umuvyeyi wawe na barumuna bawe bahagaze hanze bagomba kubonana nawe.”
[21] Na we arabishura ati: “Mama na bene mama ni aba bumva ijambo ry'Imana bakarikora.”
[22] Igihe kimwe Yesu n'abigishwa biwe batambukira mu bwato, arababwira ati: “Tujabuke, tuje hakurya y'ikiyaga.” Baherako baragenda, bava ku nkombe.
[23] Bariko baragenda, arasinzira; haduka igihuhusi c'umuyaga mu kiyaga, ubwato bwariko buruzura amazi, bari mw'irinde.
[24] Baraza, baramukangura bati: “Mwigisha, Mwigisha, turapfuye!” Arikangura, azibiza ingunza n'ugusuriranya kw'amazi; birahora, haba agahwekere.
[25] Arababaza ati: “Mbega ukwizera kwanyu kuri hehe?” Baratinya baratangara, barabazanya bati: “Mbega uwu n'umuntu ki, ko abarira n'umuyaga n'amazi bikamwumvira?”
[26] Bafata hakurya mu gihugu c'Abageraseni, kirabana n'i Galilaya.
[27] Ashitse i musozi, umuntu yavuye mu gisagara, yinjiwemwo n'abadayimoni, aramusanganira. Yari amaze imisi myinshi ata mpuzu acambara; nta nzu yabamwo, yaba mu masenga y'imva.
[28] Abonye Yesu arasemerera, amwikubita imbere, avuga n'ijwi rirenga ati: “Unshakako iki ga Yesu, Mwana w'Imana Isumbavyose?” Ndakwinginze, ntunyice rubi.
[29] Kuko yari abariye iyo mpwemu ihumanye kuva muri uwo muntu Yahora imutera kenshi, kandi bamubohesha iminyororo ku maboko no ku maguru, bakamurinda, agacagagura ibimuboshe, dayimoni akamutwara nk'agashururu mu bugaragwa.
[30] Yesu aramubaza ati: “Witwa nde?” Aramwishura ati: “Ndi Gitero.” Kuko abadayimoni benshi bari baramwinjiyemwo.
[31] Ziramwinginga ngo ntazibarire kuja i kuzimu.
[32] Kandi hari ubusho bw'ingurube nyinshi zirisha kuri uwo musozi; ziramwinginga ngo azemerere kuzinjiramwo; arazemerera.
[33] Abadayimoni basokoroka muri uno muntu, binjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembwe, zisuka mu kiyaga, amazi araziniga.
[34] Abaziragira babibonye barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi.
[35] Na bo bavayo, baza kuraba ivyabaye, bashika aho Yesu ari, basanga wa muntu dayimoni zamuvuyemwo, yicaye i ruhande y'ibirenge vya Yesu, yambaye, ubwenge bwagarutse; baratinya.
[36] Ababibonye babiganira ingene uwari yinjiwemwo n'abadayimoni yakize.
[37] Abantu bose bo mu gihugu c'Abageraseni gikikije aho baramwinginga ngo ave i wabo, kuko bari batewe n'ubwoba bwinshi. Atambukira mu bwato, asubira inyuma.
[38] Ariko wa muntu dayimoni zavuyemwo aramwinginga ngo agumane na we. ariko aramusezera
[39] ati: “Subira i muhira i wawe, ubadondere ivyo Imana igukoreye vyose.” Aragenda, akwiza mu gisagara cose ivyo Yesu yamukoreye vyose.
[40] Yesu agarutse, ishengero riramusanganira, kuko bose bari bamurorereye.
[41] Maze haza umuntu yitwa Yayiro, umukuru w'isengero ry'Abayuda: yitembagaza imbere y'ibirenge vya Yesu, aramwinginga ngo aze i muhira i we,
[42] kuko yarafise umukobwa w'ikinege, yari amaze imyaka nka icumi n'ibiri avutse, kandi yariko arahwera. Ariko aragenda, ishengero riramubanda.
[43] Umugore arwaye ubutinyanka, yari abimaranye imyaka icumi n'ibiri, yamariye utwiwe twose ku bavuzi adutangamwo ingemu, ntihagira uwushobora kumukiza,
[44] amuturuka inyuma, akora ku buyonga bw'impuzu yiwe, ako kanya umugende w'amaraso urakama.
[45] Yesu arabaza ati: “Ni nde ankozeko?” Bose bahakanye, Petero n'abari kumwe na we baramwishura bati: “Erega Mwigisha, n'ishengero rigutaye hagati rikugundanirako.”
[46] Yesu aramubwira ati: “Hari uwunkozeko, kuko numvise ubushobozi bumvuyemwo.”
[47] Wa mugore abonye yuko atayoberanye, aza ahinda agashitsi, amwikubita imbere, amubwirira mu maso y'abantu bose icatumye amukorako, n'uko akize uwo mwanya.
[48] Aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.”
[49] Akivuga, haza umuntu avuye kwa wa mukuru w'isengero ry'Abayuda ati: “Wa mwana wawe aracikanye, ureke kugora umwigisha.”
[50] Maze Yesu avyumvise aramubwira ati: “Ntutinye, wizere gusa, arakira.”
[51] Ashitse ku nzu, ntiyagira uwundi muntu akundira kwinjirana na we, atari Petero, Yohana na Yakobo, na se wa nya mukobwa na nyina.
[52] Asanga bamuririra bose, bishishitira. Arababarira ati: “Nta co murira, ntahwereye, ariko arasinziriye.”
[53] Baramutwenga bamushimanga, kuko bari bazi ko yapfuye.
[54] Amufata ukuboko, avuga n'ijwi rirenga ati: “Mukobwa, vyuka.”
[55] Ubuzima bwiwe buragaruka, aca ava hasi uwo mwanya; Yesu ababarira ngo bamugaburire.
[56] Abavyeyi biwe baratangara, ariko arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu n'umwe babwira ibibaye.