[1] Yinjiye mu nzu y'umwe mu bakuru b'Abafarisayo kw'isabato kurya, baramugenza.
[2] Imbere yiwe hari umuntu arwaye urusina.
[3] Yesu abaza abigisha ivyagezwe n'Abafarisayo ati: “Mbega biremerwa gukiza umuntu kw'isabato, canke ntivyemerwa?”
[4] Maze barihorera. Aramufata, aramukiza, aramusezera.
[5] Kandi arababaza ati: “Ni nde muri mwebwe afise umwana canke inka, hogira igikorokera mw'iriba, ntiyoca agikurayo kw'isabato?”
[6] Ntibashobora kumwishura muri ivyo.
[7] Kandi acira umugani abatumiwe, abonye ingene batanguranwa ivyicaro vy'icubahiro;
[8] arababwira ati: “Umuntu ni yagutorera ubukwe, ntuzokwicare mu cicaro c'abakuru; ngo kumbure ntihabeho umuntu akurusha icubahiro yatowe,
[9] kandi uwabatoye mwempi akaza akakubwira ati: “Ni ubise uwu ahicare. Ni ho uzomaramara, ukagenda, ukicara inyuma y'abandi bose.
[10] Ariko ni watumirwa, ugende, wicare inyuma y'abandi bose, kugira ngo uwagutoye aje, akubwire ati: “Igira ino haruguru mugenzi; ni ho uzobona icubahiro imbere y'abo mwicaranye musangira bose.”
[11] Kuko umuntu wese yishira hejuru azocishwa bugufi, kandi uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
[12] Kandi abwira uwamutumiye ati: “Ni wategura inzimano ku murango canke mw'ijoro, ntuzotumire abagenzi bawe canke abo muvukana canke incuti zawe canke ababanyi bawe b'abatunzi; kuko kumbure na bo bogutumira, bakagusubiriza.
[13] Ariko ni wategura inzimano, upfume utumira aboro, ibirema, abacumbagira n'impumyi: ni ho uzoba uhiriwe;
[14] kuko badafise ivyo kukwishura, ariko uzokwishurwa mw'izuka ry'abagororotsi.
[15] Maze umwe mu bicaranye na we avyumvise, aramubwira ati: “Harahiriwe uwuzorira mu bwami bw'Imana.”
[16] Na we aramubwira ati: “Habaye umuntu yarondeje amazimano menshi, atumira benshi.
[17] Igihe co kurya gishitse, atuma umushumba wiwe kubarira abatowe, ngo baze, kuko bihejeje gutegurwa.”
[18] Bose bahuriza hamwe umutima wo kwidohora, baramwisaba. Uwa mbere ati: “Naguze itongo, nkwiye kuja kuriraba; ndakwinginze, uramvugira antunge.”
[19] Uwundi ati: “Naguze inka icumi, ngiye kuzirimisha ngo ndabe; ndakwinginze, uramvugira antunge.”
[20] Uwundi ati: “Narongoye, ni co kimbujije kuza.”
[21] Maze wa mushumba agarutse, abwira shebuja uko vyagenze. Nyene urugo araraka, abarira umushumba wiwe ati: “Genda ningoga, uje mu nzira zagutse no mu nzira ntonto zo mu gisagara, uzane hano aboro n'ibirema n'impumyi n'abacumbagira.”
[22] Umushumba wiwe ati: “Mugenzi, ico umbariye ndagikoze, ariko imyanya iracasigaye.”
[23] Shebuja abarira uno mushumba wiwe ati: “Genda uje mu nzira zagutse no mu mihora, ubagobere baze, kugira ngo inzu yanje yuzure.”
[24] Ndababwira yuko ata muntu n'umwe wo muri abo natumiye aza kugira ico atamira mu vyo nabateguriye.
[25] Kandi ishengero ryinshi ryari rijanye na we. Arahindukira, arababwira
[26] ati: “Umuntu ni yazako, ntiyanke se, nyina, umugore wiwe, abana biwe, abavukanyi biwe, bashiki biwe, mbere n'amagara yiwe na yo, ntashobora kuba umwigishwa wanje.”
[27] Uwutikorera umusaraba wiwe ngo ankurikire, ntashobora kuba umwigishwa wanje.
[28] Ni nde muri mwebwe agomba kwubaka umunara w'amatafari muremure, ntiyobanza kwicara, akarimbura igitigiri c'amahera yowubaka, ngo amenye yuko afise ayowuheraheza?
[29] Ngo kumbure yoba ahejeje kwubaka amatafari y'intango, ntashobore kuwuzuza; ababibonye bose bagatangura kumutwenga
[30] bavuga ko uwu yatanguye kwubaka, ntashobora kwuzuza.
[31] Canke hari umwami yoba agiye guhura n'uwundi ngo barwane, ntiyobanza kwicara, akaja inama, ko yoshobora kujana ingabo ibihumbi icumi guhwana ni uwumuteye ari n'ingabo ibihumbi mirongo ibiri?
[32] Bisanzwe atari ko biri, wa wundi akiri kure cane, amutumako intumwa, akamubaza indishi yomuha ngo babane amahoro.
[33] Ni ko biri, umuntu wese muri mwebwe adaheba ivyo afise vyose ntashobora kuba umwigishwa wanje.
[34] Umunyu ni mwiza; ariko umunyu wo, woshira uburyohe, woba ukiryoshwa ni igiki?
[35] Nta co umaze mu murima canke mw'icukiro; bapfa kuwuta. Uwuri n'amatwi yumva ni yumve.