Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:22

[1] Ico gihe abantu bari aho bamwiganira ivyo Abanyagalilaya Pilato yishe akavanga amaraso yabo n'ayo ibitungwa bariko barashikana.

[2] Arababaza ati: “Mbega mwiyumvira yuko abo Banyagalilaya barusha abandi Banyagalilaya kuba abanyavyaha, kuko bagizwe batyo?”

[3] Ndababwire, si ko biri; ariko ni mutihana, namwe muzohona mutyo mwese.

[4] Canke ba bandi icumi n'umunani, bamwe umunara muremure w'amatafari w'i Silowamu wahomvokeyeko, ukabica, mwiyumvira yuko barusha abandi b'i Yerusalemu bose kuba abanyabicumuro?

[5] Oya na mba! Si ko biri. Na mwebwe ni mutihana muzohona mutyo mwese.

[6] Kandi abacira uwu mugani ati: “Habaye umuntu yari afise igiti c'umusukoni catewe mu murima wiwe w'umuzabibu akironderako ivyamwa arabibura.”

[7] Abwira umukozi w'uwo murima w'inzabibu ati: “Raba, ubu haheze imyaka itatu nza kurondera ivyamwa ku giti c'umusukoni, sindabibone; ni uwuce, kigasarira iki aha hantu?”

[8] Na we aramwishura ati: “Ehe databuja, kireke uwu mwaka na wo, ndacorohereze, ndagitabirire.

[9] Hanyuma ni cama insukoni bizoba ari vyiza; ariko ni yo kitama, uzogica.

[10] Ku musi w'isabato Yesu yariko yigishiriza mu rusengero rumwe rw'Abayuda.

[11] Hari umugore yinjiwemwo n'impwemu itera ubumuga, yari amaze imyaka icumi n'umunani ahetamye, adashobora kwunamuka na gatoya.

[12] Yesu amubonye aramuhamagara, aramubwira ati: “Nyina wanje, urabohowe ubumuga bwawe.”

[13] Amurambikako ibiganza, uwo mwanya aragororoka, ahimbaza Imana.

[14] Ariko umukuru w'isengero ry'Abayuda yitonganiriza ivyo uko Yesu akijije umuntu kw'isabato, abwira abantu ati: “Hariho imisi itandatu, ikwiye gukorwako ibikorwa; mube ari yo muzako mukizwe, ariko atari ku musi w'isabato.

[15] Umwami Yesu aramwishura ati: “Mwa ndyarya mwe, mbega umuntu wese muri mwebwe ntazitura inka yiwe canke indogoba yiwe mu ruhongore kw'isabato, akayijana, akayishora ku mugezi?”

[16] None uwu ko ari umukobwa wa Aburahamu, yaboshwe na Satani iyo myaka icumi n'umunani yose, ntakwiye kubohorwa iyo ngoyi ku musi w'isabato?

[17] Akivuga ivyo, abamurwanya bose baramaramara, ishengero ryose rinezererwa ivyiza vy'agahebuza yakora vyose.

[18] Kandi aravuga ati: “Ubwami bw'Imana busa n'iki, kandi ndabushushanye ni igiki?”

[19] Busa n'akabuto k'umukaratusi, umuntu yakiriye, akagatera mu ntabire yiwe, kagakura, kakaba igiti, inyoni zo mu kirere zikarika mu mashami yaryo.

[20] Yongera kuvuga ati: “Ubwami bw'Imana ndabushushanye ni igiki?”

[21] Busa n'umwambiro umugore yakiriye akawuvanga n'ingero zitatu z'ifu, gushitsa aho bikakamye yose.

[22] Ari mu nzira, ahita mu bisagara no mu mihana, yigisha, ari ku rugendo aja i Yerusalemu.

[23] Umuntu aramubaza ati: “Mugenzi, mbega abakizwa ni bake?” Na we arababarira

[24] ati: “Mushishikare guca mw'irembo ripfunganye. Ndababwira yuko benshi bazogomba kuricamwo, ntibabishobore.”

[25] Nyene inzu ni yaheza guhaguruka, akugara urugi, mugatangura gukomanga muhagaze hanze, mukavuga ko umupfasoni abugururira. Ni ho azovuga ko atabazi, atazi n'iyo muvuye.

[26] Ni ho muzotangura kuvuga ko mwarira, mwanywera imbere yiwe kandi yigishiriza mu nzira z'i wanyu.

[27] Azobabwira ati: “Ndababwire, sinzi iyo muvuye; mviraho, mwebwe mwese mwabakora ibizira mwe.”

[28] Aho ni ho hazoba amarira no kuryanya insya z'amenyo, aho muzobonera Aburahamu, Isaka, Yakobo n'abavugishwa n'Imana bose bari mu bwami bw'Imana, namwe muhindiwe hanze.

[29] Hazoza abava mu buseruko, mu burengero, mu buraruko no mu bumanuko, bazokwicara mu bwami bw'Imana.

[30] Kandi hari abo inyuma bazoba abo imbere, n'abo imbere bazoba abo inyuma.

[31] Uwo mwanya haza Abafarisayo bamwe, baramubarira bati: “Ni uve hano ugende, kuko Herode agomba kukwica.”

[32] Arababarira ati: “Ni mugende mubwire iyo mbwebwe ko nirukana abadayimoni, nkiza abantu uwu musi n'ejo, ku musi ugira gatatu nzotunganywa rwose.”

[33] Ariko nkwiye kugenda uwu musi n'ejo na hirya y'ejo, kuko bidashoboka ko uwuvugishwa n'Imana yicwa, atari i Yerusalemu.

[34] Ewe Yerusalemu, ewe Yerusalemu, wica abavugishwa n'Imana, ugatera amabuye abagutumweko! Ni kangahe nagomvye gukorany'abana bawe, nk'uko inkoko ikoranya imiswi yayo iyibundikira mu vyubi vyayo, ntimwakunda.

[35] Raba, inzu yanyu murayitanywe izocika umusaka. Kandi ndababwire, Ntimukimbona kugeza aho muzovugira muti: 'Hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho.'”

Luka — Chapters