Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:41

[1] Kandi abwira abigishwa biwe ati: “Ibitsitaza abantu ntibizobura kuza, ariko uwubizana azobona ibara.”

[2] Ivyoba vyiza ni uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw'izosi, agatererwa mu kiyaga, hako atsitaza n'umwe muri aba bato.

[3] Mwirinde; mugenzawe musangiye ukwizera ni yakora icaha, umuhanure; ni yihana, umuharire.

[4] Kandi ni yakugirira nabi indwi ku musi umwe, agahindukira incuro indwi, akubwira ko yihanye uzobimuharire.

[5] Kandi za ntumwa zibwira Umwami Yesu ziti: “Ni utwongere ukwizera.”

[6] Umwami arabishura ati: “Namba mufise ukwizera kungana n'akabuto k'umukaratusi, mwobarira iki giti c'umusukamino muti: 'Randuka, ubadikwe mu kiyaga,' kandi cobumvira.

[7] Ariko ni nde muri mwebwe afise umushumba amurimira canke amuragirira intama, iyo yinjiye avuye ku kivi canke kuragira, mbega yomubarira ko aza ningoga akicara akarya?

[8] Ariko ntiyomubarira ko yarura ivyo kurya vyiwe, agakenyera akamugaburira, gushika aho ahejeje kurya no kunywa na we hanyuma abone kurya no kunywa?

[9] Mbega akengurukira uwo mugurano kuko yakoze ivyo yamugezeko?

[10] Mube ari ko namwe mugira, ni mwaheza gukora ivyo mwagezweko vyose, muvuge ko muri abaja gusa, mwakoze ivyo mwategerezwa gukora vyonyene.

[11] Maze bari mu nzira baja Yerusalemu, aca hagati y'i Samariya n'i Galilaya.

[12] Ashitse mu mihana, asanganirwa n'abanyamibembe icumi, bahagarara kure,

[13] baratabaza cane bati: “Yesu, Mwigisha, tugirire imbabazi.”

[14] Ababonye arababwira ati: “Ni mugende, mwiyereke abaherezi.” Bariko baragenda barakira, barahumanuka.

[15] Umwe muri bo, abonye akize, agaruka ahimbaza Imana n'ijwi rirenga.

[16] Yikubita imbere y'ibirenge vyiwe, aramushima; kandi uwo yari Umusamariya.

[17] Yesu arabaza ati: “Ntibahumanutse bose uko ari icumi?” Abandi icenda bari hehe?

[18] Nta bandi babonetse ngo bagaruke guhimbaza Imana, atari uwu munyamahanga?

[19] Kandi aramubarira ati: “Va hasi, ugende; ukwizera kwawe kuragukijije.”

[20] Abafarisayo bamubajije igihe ubwami bw'Imana buzozira, arabishura ati: “Ubwami bw'Imana ntibuzoza bwerekanwa,

[21] kandi ntibazovuga bati: 'Ehe ngubu; canke nguburiya; kuko ubwami bw'Imana buri muri mwebwe.”

[22] Abwira abigishwa biwe ati: “Hazoza imisi muzokwifurizamwo kubona umusi umwe musa w' Umwana w'umuntu, ntimuzowubona.”

[23] Kandi bazobabwira ngo nguriya; canke ngo nguwu. Ntimuzojeyo, kandi ntimubakurikire.

[24] Kuko nk'uko umuravyo urabiriza mu ruhande rumwe rw'ijuru, ukarabagiranira mu rundi, uko ni ko Umwana w'umuntu azoba ku musi wiwe.

[25] Ariko akwiye kuzobanza kubabazwa uburyo bwinshi no kwankwa n'abo iki gihe.

[26] Kandi uko vyari biri mu misi ya Nowa, ni ko bizoba mu misi y'Umwana w'umuntu:

[27] bararya, baranywa, bararongora, barashingira, bageza kuri wa musi Nowa yinjiye muri bwa bwato, umwuzure ukaza ukabahonya bose.

[28] No mu misi ya Loti vyabaye bityo: bararya, baranywa, baradandaza, baragura, baratera, barubaka.

[29] Maze umusi Loti yaviriye i Sodomu, umuriro n'ibizuku biratibuka bivuye mw'ijuru, birabahonya bose.

[30] Ni ko bizoba, umusi Umwana w'umuntu azoserukirako.

[31] Uwo musi, uzoba ari hejuru ku nzu, ibintu vyiwe biri mu nzu, ntazokwururutswe no kubisahura, n'uwuri mu mirima ni uko, ntazosubire inyuma.

[32] Mwibuke muka Loti.

[33] Uwuzogerageza gukiza ubugingo bwiwe azobubura; ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe azoburokora.

[34] Ndababwire, muri iryo joro abantu babiri bazoba ku buriri bumwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe;

[35] aho abagore babiri bazoba bariko barasera hamwe, umwe azojanwa, uwundi arekwe; [

[36] aho babiri bazoba mu mirima, umwe azojanwa, uwundi arekwe.]

[37] Baramubaza bati: “Bizoba hehe ga Mushingantahe?” Arabishura ati: “aho umuvyimba uri hose, ni ho ibikona bizokoranira.”

Luka — Chapters