[1] Maze abwira abigishwa biwe ati: “Habaye umuntu w'umutunzi yari afise umukuru w'abakozi bo mu rugo rwiwe, bamumuregako ko asesagura ibintu vyiwe.”
[2] Aramuhamagaza, aramubaza ati: “Ivyo ndakwumvako ni ibiki?” Harura igitigiri c'ivyo wabikijwe, kuko utagikwiye kuba umukuru w'abakozi bo mu rugo rwanje.
[3] Uwo mukuru w'abakozi bo mu rugo aribaza ati: “Mbe ndabigire gute, ko databuja agira ansohore mu bubwiriza bwanje?” Sinshobora kurima, binteye isoni ko nosegerereza.
[4] Ndazi ico nkora, ngo ni nasohorwa mu bubwiriza bazontunge mbe mu ngo zabo.
[5] Ahamagara abari n'imyenda ya shebuja bose umwumwe, abaza uwa mbere ati: “Harya databuja umufitiye ibingana iki?”
[6] Aramwishura ati: “Ingero ijana z'amavuta ya elayo.” Na we ati: “Akira ikete ryawe, wicare ningoga, wandike mirongo itanu.”
[7] Kandi abaza uwundi ati: “Harya weho umufitiye ibingana iki?” Aramwishura ati: “Ingero ijana z'ingano.” Aramubarira ati: “Akira ikete ryawe, wandike mirongo umunani.”
[8] Nuko shebuja ashima uwo munyabigega agabitanya, kuko yakoze ivyo ubwenge; kuko abana b'iki gihe bagira ubwenge mu vy'ubu bugingo kurusha abana b'umuco.
[9] Nanje ndababwire, Itunga ribi muryironkeshereze incuti, ngo ni ryabura bazobatunge mube muri za ngo zitazoshira.
[10] Uwukora ivyo yizigiweko ku coroshe cane, agira atyo no ku gikomeye. Uwugabitanya ku coroshe cane, agabitanya no ku gikomeye.
[11] Namba mutabaye abizigirwa kw'itunga ribi mubikijwe, ni nde azobabitsa itunga nyaryo?
[12] Kandi namba mudakora ivyo mwizigiweko ku vy' abandi mwabikijwe, ni nde azobaha ivyo mwokwiganzira?
[13] Nta muntu asaba abami babiri; yokwanka umwe, agakunda uwundi, canke yoguma kuri umwe, akagaya wa wundi. Ntimushobora gusaba Imana n'Itunga.
[14] Abafarisayo, bari abantu bakunda itunga, bumvise ivyo vyose, baramutwenga cane.
[15] Arababwira ati: “Mwebwe mugomba kwiyerekana nk'abagororotse mu maso y'abantu, ariko Imana irazi imitima yanyu; kuko igishizwe hejuru mu bantu ari igisesema mu maso y'Imana.”
[16] Ivyagezwe, bo n'amajambo y'abavugishwa n'Imana, vyabayeho gushitsa igihe ca Yohana. Uhereye ico gihe ubutumwa bwiza bw'ubwami bw'Imana ni ho bwavugiwe, umuntu wese akabutanguranirwa.
[17] Icoroshe ni uko ijuru n'isi vyovaho, hako akazatsa na kamwe kova ku rudome rumwe rwo mu vyagezwe.
[18] Umuntu wese yirukana umugore wiwe, akarongora uwundi, aba asambanye; kandi n'uwurongora umugore yahukanye n'umugabo wiwe aba asambanye.
[19] Habaye umuntu w'umutunzi yambara impuzu zitukura z'igiciro kinini n'izera nziza, yama adibamye mu vyiza imisi yose.
[20] Kandi hariho n'umworo yitwa Lazaro, yatembagara kw'irembo ryiwe yatonyanga ibisebe.
[21] Yifuza guhazwa n'udukorokera musi y'imeza y'uno mutunzi; kandi imbwa na zo zaraza zikamurigata ibisebe.
[22] Hanyuma rero wa mworo arapfa, abamarayika bamujana mu gikiriza ca Aburahamu. Na nya mutunzi arapfa, arahambwa.
[23] Ari i kuzimu, ararangamiza, ababazwa cane, abona Aburahamu ari kure, na Lazaro ari mu gikiriza ciwe.
[24] Aratabaza ati: “Aburahamu muvyeyi, ngirira ikigongwe, rungika Lazaro, akoze isonga y'urutoke mu mazi, ampfuvye ururimi, kuko nsesererejwe muri uru rubeya.”
[25] Aburahamu aramubwira ati: “Mwana wanje, ibuka yuko wahawe ivyiza vyawe ukiriho, Lazaro na we yahawe ibibi. None amariwe imibabaro hano, nawe uraseserezwa.”
[26] Mbere ukuye n'ivyo, hagati yacu namwe hariho imanga ihambaye yashizweho kugira ngo ni hagira abagomba kuva ino bakaja aho muri ntibabishobore, kandi ngo ntibave iyo ngo bashike aho turi.
[27] Na we ati: “Ndakwingize se muvyeyi, umurungike mu rugo kwa data,
[28] kuko mfise bene mama batanu; ababwire uko bimeze, ngo na bo ntibazoze hano hantu ho kubabarizwa.”
[29] Aburahamu aramubwira ati: “Bafise ivya Mose n'ivyo abavugishwa n'Imana, ni babumvire.”
[30] Na we ati: “Oyaye, Aburahamu muvyeyi, ariko ni hajayo uwuvuye mu bapfuye, bazokwihana.”
[31] Aramubwira ati: “Ni batumvira Mose n'abavugishwa n'Imana, ntibokwemera naho umuntu yozuka mu bapfuye.”