Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:48

[1] Mu mwaka ugira icumi na gatanu Kayisari Tiberiyo ari ku butware, Pontiyo Pilato ari icegera ciwe i Yudaya, Herode na we ari umwami w'i Galilaya, Filipo mwene se ari umwami w'intara yo muri Ituraya n'i Tirakoniti, Lusaniya ari umwami w'i Abilene,

[2] Anasi na Kayafa ari abaherezi bakuru, muri uwo mwaka ijambo ry'Imana rishika kuri Yohana umwana wa Zakariya, ari mu bugaragwa.

[3] Aja mu gihugu cose giherereye kuri Yorodani, yigisha abantu ukubatizwa kwo kwihana ngo bakurweko ivyaha;

[4] nk'uko vyanditswe mu gitabo c'amajambo y'uwavugishwa n'Imana Yesaya, ngo ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa Ati: “Ni mutegure inzira y' Uhoraho, Mugorore utuyira acamwo twiwe.”

[5] Umwonga wose uzokwuzuzwa, N'umusozi wose n'akarambi bizoringanizwa, Ibigoramye bizogororoka, N'inzira zirimwo udusozisozi zizosenwa.

[6] Maze abafise umubiri bose, bazobona agakiza k'Imana.

[7] Nuko abwira ishengero ryari rivuye i wabo rije kubatizwa na we ati: “Mwa bana b'inzoka mwe, ni nde yababuriye ngo muhunge ishavu buzoza?”

[8] Nuko mwame imbuto zikwiranye n'ukwihana; kandi ntimutangure kwiyumvira mu mitima ngo mufise Aburahamu wanyu, ni we sogokuruza. Ndababwira yuko aya mabuye Imana ishobora kuyavyuramwo abana ba Aburahamu.

[9] Ariko incabiti igira ice ibitsina vy'ibiti; nuko rero, igiti cose kitama ivyiza kiracibwa, kigatererwa mu muriro.

[10] Ishengero riramubaza riti: “None tugire dute?”

[11] Arabishura ati: “Uwufise impuzu zibiri ni ahe imwe uwutarifise, n'uwufise ivyokurya ni agire atyo.”

[12] Kandi haza n'abatozakori kubatizwa, baramubaza bati: “Mwigisha tugire dute?”

[13] Arabishura ati: “Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe.”

[14] N'abasoda baramubaza bati: “Tweho tugire dute?” Arabishura ati: “Ntihakagire umuntu mwambura ivyiwe canke mumwagirize ibinyoma, kandi ingero zanyu zibabumbe.”

[15] Kandi abantu bari barorereye ibizoba, bose bakibaza mu mitima ngo kumbure Yohana yoba Kristo.

[16] Yohana ababarira bose ati: “Ni ukuri jeho ndababatirisha amazi, ariko hazoza uwundusha ubushobozi, ntibimbereye no gupfundurura utugozi tw'ibirato vyiwe; uwo azobabatiza muri Mpwemu Yera no mu muriro.”

[17] Urutaro rwiwe ruri mu kuboko kwiwe, ngo akubure imbuga yiwe neza, yimburire ingano mu kigega ciwe, maze umuguruka awuturire mu muriro utazima.

[18] Kandi abarira abantu ubutumwa bwiza, abahanurisha ibindi vyinshi.

[19] Maze ahishutse umwami Herode ku vya Herodiya umugore wa mwene se, no ku vy'ibindi bibi vyose Herode yakoze.

[20] Kuri ivyo vyose Herode agerekako iki, yugaranira Yohana mw'ibohero.

[21] Nuko abantu bose babatijwe, na Yesu ahejeje kubatizwa, ariko arasenga, ijuru rirakinguruka,

[22] Mpwemu Yera aramanuka amugwako, afise ishusho y'umubiri usa n'inuma; ijwi riva mw'ijuru riti: “Ni wewe Mwana wanje nkunda ukampimbara.”

[23] Aho Yesu yatangura kwigisha, yari amaze imyaka nka mirongo itatu avutse, kandi biyumvira ko yari umwana wa Yosefu, Yosefu umwana wa Heli,

[24] Heli umwana wa Matati, Matati umwana wa Lewi, Lewi umwana wa Meluki, Meluki umwana wa Yanayi, Yanayi umwana wa Yosefu,

[25] Yosefu umwana wa Matatiya, Matatiya umwana wa Amosi, Amosi umwana wa Nahumu, Nahumu umwana wa Esili, Esili umwana wa Nagayi,

[26] Nagayi umwana wa Mati, Mati umwana wa Matatiya, Matatiya umwana wa Semeyini, Semeyini umwana wa Yoseki, Yoseki umwana wa Yoda, Yoda umwana wa Yohanani,

[27] Yohanani umwana wa Resa, Resa umwana wa Zerubabeli, Zerubabeli umwana wa Shalutiyeli, Shalutiyeli umwana wa Neri,

[28] Neri umwana wa Meluki, Meluki umwana wa Adi, Adi umwana wa Kosamu, Kosamu umwana wa Elumadamu, Elumadamu umwana wa Eri, Eri umwana wa Yesu,

[29] Yesu umwana wa Eliyezeri, Eliyezeri umwana wa Yorimu, Yorimu umwana wa Matati, Matati umwana wa Lewi,

[30] Lewi umwana wa Simeyoni, Simeyoni umwana wa Yuda, Yuda umwana wa Yosefu, Yosefu umwana wa Yonamu, Yonamu umwana wa Eliyakimu, Eliyakimu umwana wa Meleya,

[31] Meleya umwana wa Mena, Mena umwana wa Matata, Matata umwana wa Natani, Natani umwana wa Dawidi,

[32] Dawidi umwana wa Isayi, Isayi umwana wa Obedi, Obedi umwana wa Bowazi, Bowazi umwana wa Salumoni, Salumoni umwana wa Nahasoni,

[33] Nahasoni umwana wa Aminadabu, Aminadabu umwana wa Aruni, Aruni umwana wa Hesironi, Hesironi umwana wa Peresi,

[34] Peresi umwana wa Yuda, Yuda umwana wa Yakobo, Yakobo umwana wa Isaka, Isaka umwana wa Aburahamu, Aburahamu umwana wa Tera, Tera umwana wa Nahori,

[35] Nahori umwana wa Serugi, Serugi umwana wa Reyu, Reyu umwana wa Pelegi, Pelegi umwana wa Eberi, Eberi umwana wa Shela, Shela umwana wa Kayinani,

[36] Kayinani umwana wa Arupakisadi, Arupakisadi umwana wa Shemu, Shemu umwana wa Nowa,

[37] Nowa umwana wa Lameki, Lameki umwana wa Metusela, Metusela umwana wa Henoki, Henoki umwana wa Yeredi, Yeredi umwana wa Mahalaleyeli,

[38] Mahalaleyeli umwana wa Kayinani, Kayinani umwana wa Enoshi, Enoshi umwana wa Seti, Seti umwana wa Adamu, Adamu w'Imana.

Luka — Chapters