[1] Imisi mikuru y'ukurya imitsima itambiwe yitwa Pasika yagira ishike.
[2] Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barondera uburyo bwo kumwica, kuko batinya abantu.
[3] Satani yinjira muri Yuda ari we Isikaryota, yari mu gitigiri ca bamwe icumi na babiri.
[4] Aragenda, aja inama n'abaherezi bakuru n'abakuru b'abacungera irembo ry'urusengero, y'uburyo bwo kumubaronkera.
[5] Baranezerwa, basezerana kumuha amahera y'ifeza.
[6] Na we aremera, arondera uburyo bwo kumubaronkera, ishengero ritariho.
[7] Umusi w'ukurya imitsima itambiwe urashika, uwo bakwiye kubagako umwagazi w'intama wa Pasika.
[8] Atuma Petero na Yohana, arababarira ati: “Ni mugende, mudutegurire ivya Pasika, kugira ngo turye.”
[9] Baramubaza bati: “Ugomba ko tubitegurira hehe?”
[10] Arabishura ati: “Umve, mumaze gushika mu gisagara, murahura n'umugabo yikoreye umubindi w'amazi; mumukurikire mu rugo ajamwo.”
[11] Mubwire nyene urugo ko umwigisha abaza aho indaro iri, aho asangirira ivya Pasika n'abigishwa biwe?
[12] Na we arabereka icumba kinini co mw'igorofa gitunganijwe; mube ari co muteguriramwo.
[13] Baragenda, babisanga uko yabibabariye, bategura ivya Pasika.
[14] Igihe gishitse, aricara ngo arye, kandi intumwa na zo zicarana na we.
[15] Arababwira ati: “Nari navyipfuje cane gusangira namwe ivyo iyi Pasika, ntarababazwa.
[16] Ndababwire, Sinzokwongera kuyiryako, kugeza aho izoshikira mu bwami bw'Imana.”
[17] Yakira igikombe, agishimira Imana, arababarira ati: “Nimucakire, mugisangire;
[18] kuko ndababwira yuko uhereye ubu ntazokwongera kunywa ku nzabibu, kugeza aho ubwami bw'Imana buzozira.”
[19] Yakira umutsima, awushimira Imana, arawumanyagura, arawubaha, arababwira ati: “Uwu ni umubiri wanje ubatangiwe; murakore mutya kugira ngo kibe icibutso canje.”
[20] N'igikombe akigenza atyo bahejeje kurya, arababwira ati: “Iki gikombe n'isezerano rishasha ryo mu maraso yanje, abaviriye.”
[21] Kandi raba, ukuboko kw'uwungura kuri kumwe nanje ku meza.
[22] Ni ukuri, Umwana w'umuntu aragenda, nk'uko vyashinzwe; ariko uwo muntu amugurisha azobona ibara.
[23] Batangura kubazanya, ngo ni nde muri bo agira akore ico kintu. Abigishwa baja Impari z'ivyo ubukuru
[24] Maze havyuka impari muri bo, z'uwuzoba umukuru uwo ari we.
[25] Arababwira ati: “Abami b'amahanga bayatwaza amanyama, n'abafise ububasha bwo kuyaganza bitwa ba rutungaboro.”
[26] Ariko mwebwe si uko; mugabo umukuru muri mwebwe abe nk'umuto, n'uwuganza abe nk'uwubakorera.
[27] Umukuru ni nde, ni uwukorerwa, canke ni uwumukorera? Mbega si uwukorerwa ariko jeho ndi hagati muri mwebwe meze nk'uwubakorera.
[28] Ni mwebwe mwamanye nanje mu vyo nageragejwe.
[29] Nanje ndababikiye ubwami, nk'uko Data ya bumbikiye,
[30] ngo muzorire, munywere ku meza yanje mu bwami bwanje; kandi muzokwicara ku ntebe z'icubahiro mucire imanza imiryango y'Abisirayeli, uko ari icumi n'ibiri.
[31] Aravuga ati: “Simoni, Simoni, raba Satani yabasavye ngo abagosore nk'ingano;
[32] ariko wewe nagusengeye ngo ukwizera kwawe ntiguhere.” Nawe ni wamara guhinduka, uzoremeshe incuti zawe.”
[33] Aramubwira ati: “Mugenzi, niteguye kujana nawe no mw'ibohero no mu rupfu.”
[34] Aramubwira ati: “Petero, ndakubwire, Inkoko itarabika uwu musi, uhava unyihakana gatatu ngo ntunzi.”
[35] Kandi arababaza ati: “Hamwe nabatuma mudafise umupfuko w' amahera canke isaho canke ibirato, hari ico mwabuze?” Baramwishura bati: “Nta co twabuze.”
[36] Arababwira ati: “Ariko noneho, uwufise umupfuko w'amahera awujane, n'uwufise isaho ayijane; kandi uwudafise inkota, ashore impuzu yiwe ayigure.”
[37] Ndababwire, Ibi vyanditswe bikwiye kunshikako, ngo Yaharuranywe n'abanyabicumuro. Kuko ivyanje bigira bishike.
[38] Baramubwira bati: “Mushingantahe, ehe, ngizi inkota zibiri.” Arababwira ati: “Ziramaze.”
[39] Arasohoka, aja ku musozi wa Elayono, nk'uko yamenyereye; abigishwa biwe na bo baramukurikira.
[40] Ashitse aho hantu, arababarira ati: “Ni musenge, kugira ngo ntimuje mu mosha mabi.”
[41] Atandukana na bo, ashika nk' ahoterwa ibuye, arapfukama, arasenga
[42] ati: “Data, asangwa ubigomba, kura iki gikombe, kindengane: ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
[43] Umumarayika aramwiyereka, avuye mw'ijuru, amutera intege.
[44] Arushirije kwicwa n'umubabaro, ashishikara gusenga cane, icuya ciwe kiba nk'ibitonyanga binini vy'amaraso bitonyanga hasi.
[45] Amaze gusenga, ava hasi aja aho abigishwa bari, asanga basinzirijwe n'umubabaro.
[46] Arababaza ati: “Ni igiki gitumye musinzira? Ni muvyuke, musenge, ntimuje mu mosha mabi.”
[47] Akivuga, haza igitero kizanywe n'uwitwa Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, abagiye imbere; yegera Yesu, ngo amusome.
[48] Yesu aramubaza ati: “Yuda, mbega utangisha Umwana w'umuntu kumusoma?”
[49] Abari kumwe na we babonye ibigira bibeho, baramubaza bati: “Mugenzi, tubakubite inkota?”
[50] Umwe muri bo ayikubita umusavyi w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi kw'i buryo.
[51] Yesu arababarira ati: “Geza aho.” Akora ku gutwi kwiwe, aramukiza.
[52] Yesu abaza abaherezi bakuru n'abakuru b'abacungera irembo b'urusengero n'abashingantahe bamuziriye ati: “Mbega munziriye nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri?
[53] Imisi yose namana namwe mu rusengero ko mutaramvuye amaboko ngo mumfate; ariko iki n'igihe canyu n'ico ububasha bw'umwiza.”
[54] Baramufata, baramujana, bamwinjiza mu nzu y'umuherezi mukuru, ariko Petero amuja inyuma barenga arenguka.
[55] Bacanye umuriro mu rugo hagati, bicaye hamwe, Petero yicara hagati muri bo.
[56] Incoreke imubona yicaye ahabona, imwitegereje iravuga iti: “N'uwu yari kumwe na we.”
[57] Na we arabihakana ati: “Eka nyina wanje, sindanamuzi.”
[58] Hashize akanya gato, uwundi aramubona, aramubwira ati: “Nawe nyene uri uwo muri bo.” Petero aramwishura ati: “Eka wa muntu, si jewe.”
[59] Hashize umwanya nk'isaha imwe, uwundi abivuga ashimitse ati: “Ni ivyo ukuri, uwu yari kumwe na we, bitayeko n'Umunyagalilaya.”
[60] Petero aramubwira ati: “Eka wa muntu, sinzi n'ivyo uvuze.” Akivuga, uwo mwanya inkoko irabika.
[61] Umwami Yesu arakebuka, yitegereza Petero. Petero yibuka rya jambo ry'Umwami, ingene yamubwiye ati: “Uwu musi inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu.”
[62] Arenga irembo, araturika ararira.
[63] Abagabo bari bafashe Yesu baramushinyagurira, baramushishagura,
[64] bamupfuka mu maso, baramubaza bati: “Pfindura: ni nde agukubise?”
[65] N'ibindi vyinshi babimuvuga bamutuka.
[66] Iryo joro rikeye, hakorana abashingantahe b'ubwo bwoko, ni bo baherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe, bamujana mw'ikoraniro ry'abashingantahe ryabo, baramubaza
[67] bati: “Namba uri Kristo, tubwire.” Arababwira ati: “N'iyo nobabwira, ntimwovyemera;
[68] n'iyo nobabaza, ntimwonyishura.”
[69] Ariko uhereye ubu Umwana w'umuntu azoba yicaye i buryo bw'ububasha bw'Imana.
[70] Bose baramubaza bati: “None rero uri Umwana w' Imana?” Arabishura ati: “Muravyivugiye ko ndi we.”
[71] Bati: “Turacaronderera iki ivyabona? Kuko ubwacu tuvyiyumviye ibivuye mu kanwa kiwe.