[1] Akoranya bamwe icumi na babiri, abaha ubushobozi n'ububasha bwo kwirukana dayimoni bwose no gukiza indwara.
[2] Abatuma kubarira abantu ivyo ubwami bw' Imana, no gukiza abarwaye.
[3] Arababarira ati: “Ntimugire ico mujana ku nzira, ari inkoni canke isaho, canke induhuro, canke amahera; kandi ntimutware imyambaro ibiri.”
[4] Kandi inzu yose muzokwinjiramwo, mube ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu.
[5] Aho bazokwanka kubakira bose, mukiva muri ico gisagara, muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.
[6] Baragenda, bagendagenda mu mihana, bavuga ubutumwa bwiza, bakiriza abarwaye hose.
[7] Maze umwami Herode, yumvise ivyabaye vyose, arazazanirwa, kuko bamwe bavuga bati: “Yohana yazutse mu bapfuye;”
[8] abandi bati: “Ni Eliya yiseruye;” abandi bati: “Ni umwe mu bavugishwa n'Imana ba kera yazutse.”
[9] Herode aravuga ati: “Yohana ni jewe namwiciriye izosi; mbega uwo ni nde, numvako ibimeze bityo?” Arondera uko yomubona.
[10] Za ntumwa zigarutse zidondera Yesu ivyo zakoze vyose. Arabajana, abihererana mu gisagara citwa Betsayida.
[11] Maze ishengero ribimenye riramukurikira. Arabakira, ababwira ivyo ubwami bw'Imana, kandi abagomba kuvurwa arabakiza.
[12] Maze buhaye burira, bamwe icumi na babiri baramwegera bati: “Sezera abantu, baje mu mihana no mu misozi impande zose bake indaro, baronke ivyo kurya, kuko hano turi mu gahinga.”
[13] Arababarira ati: “Ni mube ari mwebwe mubagaburira.” Baramubwira bati: “Nta kindi dufise, atari udutsima dutanu n'udufi tubiri, kiretse tugiye gusumira aba bantu bose.”
[14] Kuko bari abagabo nk'ibihumbi bitanu. Abarira abigishwa biwe ati: “Ni mubicarike bari mu mirwi y'abantu nka mirongo itanitanu.”
[15] Babigira batyo, barabicarika bose.
[16] Yakira ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, araba mw'ijuru, arabihezagira, arabimanyagura, abiha abigishwa ngo babishire imbere y' abantu.
[17] Bararya, barahaga bose, batororokanya utumanyagu tw'imisigazwa, twuzura ibiseke icumi na bibiri.
[18] Maze yariko arasenga yiherereye, abigishwa biwe bari kumwe na we; arababaza ati: “Abantu bagira ngo ndi nde?”
[19] Baramwishura bati: “Bagira ngo uri Yohana Umubatizi; abandi ngo uri Eliya;” “abandi ngo uri umwe mu bavugishwa n'Imana ba kera yazutse.”
[20] Arababaza ati: “Ariko mweho mugira ngo ndi nde?” Petero aramwishura ati: “Uri Kristo w'Imana.”
[21] Arabihanikiriza, ababarira kutagira umuntu babwira ivyo
[22] ati: “Umwana w'umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bwinshi, no kuzokwankwa n'abashingantahe n'abakuru b' baherezi n'abahinga b'ivyanditswe, no kuzokwicwa, no kuzozurwa ku musi ugira gatatu.”
[23] Abwira bose ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe uko bukeye, ankurikire.”
[24] Kuko ugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura; ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe ku bwanje azobukiza.
[25] Kandi umuntu vyomumarira iki gutunga ivyo mw'isi vyose ni yiyica canke akiyaka ubugingo ubwiwe?
[26] Kuko umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje, n'Umwana w'umuntu bizomutera isoni kumwemera, aho azozira afise ubwiza bwiwe n'ubwa Se n'ubwo abamarayika bera.
[27] Ariko ndababwire ukuri: muri aba bahagaze hano, harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubwami bw'Imana.
[28] Hanyuma y'ayo majambo, hashize imisi nk' umunani, ajana Petero, Yohana na Yakobo aduga igisozi, aja gusenga.
[29] Ariko arasenga, ishusho yo mu maso hiwe ihinduka ukundi, imyambaro yiwe yera derere, irakayangana.
[30] Abagabo babiri bavugana na we, bari Mose na Eliya.
[31] Baboneka bafise ubwiza, bavuga ivyo kurangiza kwiwe, yagira aheraheze i Yerusalemu.
[32] Petero n'abari kumwe na we bari baremerewe n'itiro, bikanguye rwose babona ubwiza bwiwe na ba bagabo babiri bahagararanye na we.
[33] Bagira batandukane na we, Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano; nuko twubake amahema atatu, rimwe ribe iryoiwawe, irindi rya Mose, irindi rya Eliya.” Ntiyari azi ico avuga.
[34] Akibivuga, igicu c'igipfungu kiraza, kirabatwikira; ico gipfungu kikibashikako, baratinya.
[35] Ijwi riva muri nya gicu riti: “Nguwu Umwana wanje natoranije, ni mumwumve.”
[36] Iryo jwi rishize, Yesu aboneka ari umwe. Barabihora, ntihagira umuntu muri iyo misi babwira na kimwe mu vyo babonye.
[37] Bukeye bw'aho bamanutse ico gisozi, ishengero ryinshi riramusanganira.
[38] Kandi umugabo wo muri bo avuga n'ijwi rirenga ati: “Mwigisha ndakwinginze, ndabira umwana, kuko namuvyaye ari ikinege,
[39] kandi hari impwemu imufata, agatura akaborogo, ikamujegeza, akabimba ifuro, kandi ihejeje kumukungagura ikagora cane kumuvamwo.”
[40] Nanje ninginze abigishwa bawe kuyisenda, irabananira.
[41] Yesu arishura ati: “Yemwe abo iki gihe mutizera b'ibigaba, nzogeza ryari kubana namwe no kubihanganira?” Zana hano umwana wawe.
[42] ariko araza, dayimoni imutura hasi, iramujegeza cane; Yesu akankamira iyo mpwemu ihumanye, akiza uwo muhungu, amusubiza se.
[43] Bose batangazwa n'icubahiro gihambaye c'Imana. Ariko bose bagitangarira ivyo yakoze vyose, abarira abigishwa biwe
[44] ati: “Mushire aya majambo mu matwi yanyu. Umwana w'umuntu azoshirwa mu maboko y'abantu.
[45] Bayoberwa iryo jambo, kandi bararihishwa ngo ntibarimenye, batinya kurimubaza iryo ari ryo.”
[46] Kandi havyuka ibihari muri bo, vy'umukuru wabo uwo ari we.
[47] Ariko Yesu abonye ivyo bihari vyo mu mitima yabo, yakira akana, agahagarika i ruhande yiwe,
[48] arababwira ati: “Uwuzokwakira aka kana mw'izina ryanje, azoba anyakiriye; kandi uwunyakiriye aba yakiriye uwantumye. Kuko umuto muri mwebwe hanyuma ya mwese ari we mukuru.”
[49] Yohana aramwishura ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw'izina ryawe, turamubuza, kuko atadukurikira.”
[50] Yesu aramubwira ati: “Ntimumubuze, kuko uwutari umwansi wanyu ari mu ruhande rwanyu.”
[51] Maze imisi yiwe yo kuduzwa mw'ijuru igira ishike, yerekeza i Yerusalemu amaramaje kujayo,
[52] atuma integuza imbere yiwe. Ziragenda, zija mu mihana y'Abasamariya kumuteguriza.
[53] Ntibamwakira, kuko yerekeje i Yerusalemu.
[54] Abigishwa biwe Yakobo na Yohana, babibonye, baramubaza bati: “Mugenzi, ugomba ko tubarira umuriro ngo utibuke uve mw'ijuru, ubayigize, nk'uko Eliya yakoze?”
[55] Maze arahindukira arabakankamira ati: “Erega ntimuzi umutima wanyu uko usa; kuko Umwana w'umuntu ataje guhonya ubugingo bw' abantu, ariko yaje kubukiza.”
[56] Nuko baja mu yindi mihana.
[57] Bariko baragenda mu nzira, umuntu aramubwira ati: “Ndagukurikira aho uja hose.”
[58] Yesu aramubwira ati: “Imbwebwe ziri n'imyobo, n'ibiguruka mu kirere biri n'ivyari; ariko Umwana w'umuntu we ntagira aho arambika umusaya.”
[59] Maze abarira uwundi muntu ati: “Nkurikira.” Na we ati: “Mugenzi, banza undekure ngende mpambe data.”
[60] Ariko Yesu aramubarira ati: “Reka abapfuye bahambe abapfuye babo, ariko weho genda, wamamaze ivyo ubwami bw'Imana.”
[61] Uwundi muntu aramubwira ati: “Mugenzi, ndagukurikira, ariko banza undekure, nje gusezera abo mu rugo i wanje.”
[62] Ariko Yesu aramubwira ati: “Nta muntu afashe isuka irimishwa n'inka, araba inyuma, abereye ubwami bw'Imana.”