Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:35

[1] Nuko ishengero ririko rirahita ryumva ijambo ry'Imana, yari ahagaze ku musenyi w'ikiyaga c'i Genesareti.

[2] Abona amato abiri aziritswe ku nkombe y'ikiyaga, ariko abarovyi bari bayavuyemwo, boza insenga.

[3] Atambukira mu bwato bumwe, bwari ubwa Simoni, aramusaba ngo abwigizeyo buve ku nkombe gatoya; aricara, yigisha ishengero, ari mu bwato.

[4] Ahejeje kuvuga, abarira Simoni ati: “Igira hagati, muterere insenga zanyu murobe.”

[5] Simoni aramwishura ati: “Erega Mwigisha, twakesheje ijoro ryose twarushe, nta co twafashe; ariko ku bwo ijambo ryawe ndaterera insenga.”

[6] Babigize, baroba ifi nyinshi cane, insenga zabo zigomba gucika.

[7] Bakura abagenzi babo bari mu bundi bwato, ngo bazobafashe. Baraza, buzuza ubwato bwompi, bwagomba kwibira.

[8] Ariko Simoni Petero abibonye yikubita imbere y'amavi ya Yesu ati: “Va aho ndi, Mugenzi, kuko ndi umunyavyaha.”

[9] Kuko atangaye, n'abari kumwe na we bose, babonye ifi barovye.

[10] Na Yakobo na Yohana abana ba Zebedayo na bo baratangara, bari bafatanije na Simoni. Yesu abwira Simoni ati: “Nta co utinya, kuva ubu uzoroba abantu.

[11] Bahejeje gushikana ubwato bwabo ku nkombe, basiga vyose, baramukurikira.

[12] Ikindi gihe ari mu gisagara kimwe muri vyo, haza umuntu ajejeta imibembe. Abonye Yesu yikubita hasi yubamye, aramwinginga ati: “Mugenzi, ukunze, woshobora kumpumanura.”

[13] Agorora ukuboko, amukorako ati: “Ndakunze, humanuka.” Imibembe ica imuvako.

[14] Aramwihanikiriza ati: “Ntagire umuntu ubibarira mugabo genda, wiyereke umuherezi, utange ivyo uguhumanurwa kwawe, nk'uko Mose yabitegetse, bibe ikimenyetso kibabere icabona.”

[15] Ariko inkuru yiwe irushiriza gukwira, ishengero ryinshi rikoranira kumwumva no gukizwa indwara zabo.

[16] Ariko we yiherera mu bugaragwa, asenga.

[17] Umusi umwe Yesu ariko arigisha, Abafarisayo n'abigisha ivyagezwe bari bicayeho, bavuye mu mihana yose y'i Galilaya, i Yudaya n'i Yerusalemu; kandi ubushobozi bw'Imana bwo gukiza indwara bwari muri we.

[18] Maze haza abagabo bazanye ikimuga, bagiteruye mu nderuzo, barondera ingene bacinjiza ngo bagishire imbere yiwe.

[19] Babuze aho bocinjiriza ku bwo ishengero, burira hejuru ku nzu, bagicisha mu mategura ayisakaye, bacururutsa mu nderuzo hagati y'abantu imbere ya Yesu.

[20] Abonye ukwizera kwabo, aravuga ati: “Ewe muntu, ivyaha vyawe urabihariwe.”

[21] Abahinga b'ivyanditswe n'Abafarisayo batangura kwiburanya bati: “Uwo ni nde arogose? Ni nde ashobora guharira ivyaha atari Imana yonyene?”

[22] Maze Yesu, amenye ivyo biburanya, arababaza ati: “Mwiburanya ibiki mu mitima yanyu?”

[23] Icoroshe ni ikihe ni ukuvuga nti: 'Uhariwe ivyaha vyawe;' canke ni ukuvuga nti: 'Vyuka ugende?'

[24] Ariko kugira ngo mumenye ko Umwana w'umuntu afise ububasha mw'isi bwo guharira ivyaha-” abwira ico kimuga ati: “Ndakubariye nti Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.”

[25] Aca avyuka imbere yabo, yikorera inderuzo yari aryamyemwo, arataha, ahimbaza Imana.

[26] Bose barumirwa cane, bahimbaza Imana, baterwa n'ubwoba bwinshi bati: “Uwu musi tubonye ibitangaza.”

[27] Ivyo bishize, arasohoka, abona umutozakori yitwa Lewi, yicaye aho yatoreza ikibuguro, aramubarira ati: “Nkurikira.”

[28] Asiga vyose, ava hasi, aramukurikira.

[29] Lewi amuteguriza izimano ryinshi mu nzu yiwe; kandi hari abantu benshi b'abatozakori n'abandi bicaranye na bo basangira.

[30] Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe bafatanye na bo bidodombera abigishwa ba Yesu bati: “Ni igiki gitumye musangira n'abatozakori n'abanyavyaha?”

[31] Yesu arabishura ati: “Abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abarwaye.

[32] Sinaje guhamagara abagororotsi, ariko naje guhamagara abanyavyaha ngo bihane.”

[33] Na bo baramubwira bati: “Abigishwa ba Yohana barisonzesha kenshi bagasenga, n'abo Abafarisayo ni uko, ariko abawe baririra, barinywera.”

[34] Yesu arababaza ati: “Mbega mwoshobora mute kugera abatowe ngo bisonzeshe, bakiri kumwe n'umukwe?”

[35] Ariko hari imisi izoza; kandi umukwe ni yabakurwamwo, bazoca bisonzesha muri iyo misi.

[36] Kandi abacira umugani ati: “Ntawotabura ikiraka ku mpuzu nshasha, ngo acomeke ku mpuzu y'umushire. Uwogira atyo yoba atabuye nshasha, kandi ikiraka atabuye kuri nshasha nticomatana n'iyo umushire.”

[37] Kandi nta wotara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato ibombotse; kuko umuvinyu woturitsa iyo mikuza, igashirira hasi, imikuza igapfa.

[38] Ariko igikwiye ni ugutara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato.

[39] Kandi nta muntu yanyoye umuvinyu uhiye yogomba umutobe; kuko avuga ati: “Iyihiye ni yo nziza.”

Luka — Chapters