[1] Abatozakori bose n'abanyavyaha bariko baramwegera, ngo bamwumve.
[2] Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baridodomba bati: “Uwo yiyegereza abanyavyaha, agasangira na bo.”
[3] Abacira uwu mugani
[4] ati: “Hogira umuntu muri mwebwe afise intama ijana, yozimiza imwe muri zo, ntiyosiga izindi mirongo icenda n'icenda mu gahinga, akaja kurondera iyazimiye, kugeza aho ayibonera?”
[5] Iyo ayibonye, ayiterera ku bitugu anezerewe;
[6] yashika mu rugo, agahamagara incuti ziwe n'ababanyi biwe, akababwira ati: “Tunezeranwe, kuko ndabonye intama yanje yari yazimiye.”
[7] Ndababwira yuko mw'ijuru bazonezererwa batyo umunyavyaha umwe yihanye, bakamurutisha abagororotsi mirongo icenda n'icenda batarinda kwihana.
[8] Canke umugore yogira amahera icumi, akabura rimwe, ntiyodomeka itara, agakubura inzu, akarondera ashishikaye kugeza aho aribonera?
[9] Iyo aribonye, ahamagara incuti ziwe n'ababanyi biwe, akababwira ko anezewe, kuko abonye ihera yari yazimije.
[10] Ndababwire, Uko ni ko haba umunezero imbere y'abamarayika b'Imana ku bwo umunyavyaha umwe yihanye.
[11] Kandi arababwira ati: “Habaye umuntu yari afise abahungu babiri.”
[12] Umuhererezi abwira se ati: “Data ni umpe umugabane w'ibintu notwaye.” Abagaburira itunga ryiwe.
[13] Imisi mike ishize, umuhererezi akoranya ibintu vyiwe vyose, aragenda, aja mu kindi gihugu ca kure; ashitseyo asesagurira ibintu vyiwe mu buhumbu.
[14] Abimaze vyose, ikigoyi gikomeye gitera muri ico gihugu, atangura gufutana.
[15] Aragenda, ashumba ku muntu wo muri ico gihugu, amurungika ku gasozi kiwe kuragira ingurube.
[16] Yifuza guhazwa n'ibishishwa ingurube zarya, ntihagira uwubimunutsa.
[17] Yisubiyemwo, aribwira ati: “Abacangero ba data bangana kuriya, kandi bahazwa n'ivyo kurya bakabisigaza, nayo jeho inzara iriko iranyicira hano.”
[18] Reka mve hasi, nje kwa data, ndamubwire nti: “Data, nacumuye ku Yo mw'ijuru no mu maso yawe,
[19] singikwiye kwitwa umwana wawe. Pfuma ungira umucangero wawe.”
[20] Ava hasi, aja kwa se. Se amubona akiri kure, amutera akagongwe, arirukanga, amugwa mu nda, aramugumbira.
[21] Wa muhungu aramubwira ati: “Data, nacumuye ku Yo mw'ijuru no mu maso yawe, singikwiye kwitwa umwana wawe.”
[22] Maze se abarira abashumba biwe ati: “Ni muzane ningoga ikanzu iruta izindi, muyimwambike, mumwambike n'impeta ku rutoke n'ibirato mu birenge.
[23] Muzane ya nka ivyibushe inuze, muyibage, turye tunezerwe.
[24] Kuko uwu mwana wanje yari yarapfuye, none arazutse; yari yarazimiye none arabonetse.” Nuko batangura kunezerwa.
[25] Ariko umwana wiwe w'imfura yari mu murima; ariko araza, agira ashike ku nzu, yumva inanga n'intambo.
[26] Ahamagara umwe mu bashumba, amubaza ibibaye ivyo ari vyo.
[27] Aramwishura ati: “Murumunawe yaje, so yamubagiye ya nka ivyibushe inuze, kuko amubonye agikomeye.”
[28] Araraka, yanka kwinjira. Se arasohoka, aramwinginga.
[29] Maze abwira se ati: “Raba iyi myaka ingana itya ndagukorera, nta ho nigeze kwanka ico wangezeko, nanje nta ho wigeze kumpa n'agasuguru, ngo nezeranwe n'abagenzi.”
[30] Maze uwo mwana wawe aje, yamaze ivyawe abisambanisha, umubagira ishuri inuze.
[31] Na we aramubwira ati: “Mwana wanje, tubana imisi yose, kandi ivyanje vyose ni ivyawe.
[32] Ariko akanyamuneza no guhimbarwa biratubereye. Kuko uwu murumunawe yari yapfuye, none arazutse; yari yarazimiye none arabonetse.”