[1] Yesu yuzuzwa Mpwemu Yera, ava kuri Yorodani, agendagendeshwa mu bugaragwa na Mpwemu, amarayo imisi mirongo ine,
[2] ageragezwa n'Umwansi Satani. Kandi muri iyo misi nta co yariye; ishize arasonza.
[3] Umwansi aramubwira ati: “Ni waba uri Umwana w'Imana, bwira iri buye ricike umutsima.”
[4] Yesu aramwishura ati: “Vyanditswe ngo Umuntu ntatungwa n'umutsima gusa.”
[5] Aramudugana, amwereka ubwami bwose bwo mw'isi mu kanya gato.
[6] Umwansi aramubwira ati: “Ndaguha ubu bubasha bwose n'ubwiza bwabwo, kuko jewe nabuhawe, kandi ndabuha uwo ngomba wese.
[7] Nuko ni wampfukamira, ukansenga, ubwo bwose buraba ubwawe.”
[8] Yesu aramwishura ati: “Vyanditswe ngo Usenge Uhoraho, Imana yawe, abe ari yo usaba yonyene.”
[9] Amujana i Yerusalemu, amuhagarika mu gatwe k'urusengero, aramubwira ati: “Ni waba uri Umwana w'Imana, ikororere hasi,
[10] kuko vyanditswe, ngo azokuragiza abamarayika biwe, ngo bakuzigame;
[11] kandi ngo Bazokuramira mu maboko yabo, Ngo kumbure ntutsitare kw'ibuye.”
[12] Yesu aramwishura ati: “Vyaravuzwe, ngo ntukagerageze Uhoraho, Imana yawe.”
[13] Umwansi arangije ivyo amugerageresha vyose, amara igihe amuretse.
[14] Maze Yesu asubira i Galilaya, ari n'ubushobozi bwa Mpwemu, inkuru yiwe ikwira mu gihugu cose kihakikije.
[15] Yigishiriza mu nsengero z'Abayuda zabo, bose baramushima.
[16] Aja i Nazareti, iyo yakuriye; ku musi w'isabato yinjira mu rusengero rw'Abayuda, nk'uko yamenyereye, ava hasi ngo asome.
[17] Bamuha igitabo c'uwavugishwa n'Imana Yesaya, arakizingurura, abona ahantu handitswe,
[18] ngo Mpwemu w'Uhoraho ari kuri jewe, Ni co catumye andobanuza amavuta kugira ngo mbwire aboro ubutumwa bwiza. Yantumye kumenyesha abarindwa ko barekuwe, N'impumyi ko zihumuka, No kubohora imitima iri mu kazitiro,
[19] No kumenyesha abantu umwaka wo kwemererwamwo n'Uhoraho.
[20] Azinga igitabo, agisubiza umusanzi w'inzu, aricara; abantu bose bari mu rusengero rw'Abayuda bamuhanga amaso.
[21] Atangura kubabwira ati: “Ivyo vyanditswe birashitse uwu musi, nk'uko amatwi yanyu yiyumviye.”
[22] Bose baramushima, batangazwa n'amajambo y'igikundiro avuye mu kanwa kiwe bati: “Mbega uwu si we umwana wa Yosefu?”
[23] Arababwira ati: “Ntimuzobura kuncirako uwu mugani muti: 'Muvuzi ni wivure.'” Ivyo twumvise vyose ko wakoreye i Kaperinawumu, ubikorere n'ino mu ntara y'i wanyu.
[24] Kandi avuga ati: “Ndababwire ukuri, Nta muntu avugishwa n'Imana yemerwa mu ntara y'i wabo.”
[25] Kandi ati: “Ni ivyo ukuri, hariho abapfakazi benshi mu Bisirayeli mu gihe ca Eliya, hamwe ijuru ryakingwa, imvura igatara imyaka itatu n'amezi atandatu, ikigoyi cinshi kigatera mu gihugu cose;
[26] yamara Eliya ntiyatumwa kuri n'umwe muri bo, ariko atumwa i Zarefati mu gihugu c'i Sidoni ku mugore w'umupfakazi.”
[27] Kandi hariho abanyamibembe benshi mu Bisirayeli mu gihe c'uwavugishwa n'Imana Elisa, ntihakizwa n'umwe muri bo, atari Namani Umusiriya.
[28] Abo mu rusengero rw'Abayuda bose bumvise ivyo banigwa n'ishavu,
[29] bava hasi, baramukwega bamukura mu gisagara cabo, bamujana ku manga y'umusozi wubatsweko igisagara cabo, ngo bamutembagarizeyo;
[30] ariko aca hagati muri bo, arigira.
[31] Aramanuka aja Kaperinawumu, igisagara c'i Galilaya: kandi ariko arabigisha kw'isabato,
[32] batangazwa n'inyigisho ziwe, kuko ijambo ryiwe ryari n'ububasha.
[33] Kandi mu rusengero rw'Abayuda hari umuntu yinjiwemwo n'impwemu ya dayimoni ahumanye, asemerera n'ijwi rirenga
[34] ati: “Yo! Duhuriye hehe ga Yesu Munyanazareti? Uje kuduhonya? Ndakuzi uwo uri we, uri Uwera w'Imana.”
[35] Yesu aramuzibiza ati: “Hora, muvemwo.” Dayimoni amutuye hasi hagati yabo, amuvamwo, atagize ico amugira.
[36] Bose baratangara, barabazanya bati: “Iryo ni ijambo ki? Kubwo ububasha n'ubushobozi afise, ategeka impwemu zihumanye zigasohoka.”
[37] Inkuru yiwe ikwira hose mu ntara ihakikije.
[38] Ava hasi, arasohoka ava mu rusengero rw'Abayuda, yinjira mu nzu kwa Simoni. Kandi inabukwe wa Simoni yari afashwe n'umururumbo ukomeye, baramumwingingira.
[39] Amuhagarara i ruhande, akankamira umururumbo, urazima; avyuka uwo mwanya, arabazimana.
[40] Kandi ku kirengazuba, abari bafise abarwaye bose barwaye indwara zitandukanye barabamuzanira. Abarambikako ibiganza umwumwe, arabakiza.
[41] Kandi n'abadayimoni bava muri benshi, basemerera bati: “Uri Umwana w'Imana.” Arabazibiza, ntiyabakundira ko bavuga, kuko bari bazi yuko ari Kristo.
[42] Kandi ijoro rikeye, arasohoka, aja mu gahinga; ishengero riramurondera, bashika aho ari, bageza kumubuza ngo ntave muri bo.
[43] Maze arababwira ati: “Nkwiye kuvuga ubutumwa bwiza bw'ubwami bw'Imana no mu bindi bisagara, kuko ari co natumwe.”
[44] Nuko avugira ijambo ry'Imana mu nsengero z'Abayuda y'i Galilaya.