Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 9:15

[1] Abantu benshi bagerageje kwandika amajambo adonda ivyabaye muri twebwe,

[2] nk'uko twabirazwe n'abahereye ubwa mbere ari ivyabona vyavyo n'abakozi b'ijambo ry'Imana.

[3] Nuko nanje, mpejeje gukurikiranya vyose neza mpereye ku vya mbere, nabonye ko ari vyiza kubikwandikira uko bikurikirana, wewe Teyofilo umwubahwa,

[4] kugira ngo umenye neza yuko amajambo wigishijwe ari ayo ukuri adakekeranywa.

[5] Ku butware bwa Herode, umwami w'i Yudaya, hariho umuherezi yitwa Zakariya, wo mu mutigiri wa Abiya, kandi yarafise umugore wo mu nzu ya Aroni, yitwa Elisabeti.

[6] Bompi bagororoka imbere y'Imana, bagendera mu vyagezwe n'amabwirizwa vy' Umwami Imana vyose, batagawa.

[7] Ariko ntibagira umwana, kuko Elisabeti yari ingumba, kandi bompi bari bageze mu zabukuru.

[8] Maze yariko arakora igikorwa c'ubuherezi imbere y'Imana, uko bagenda bakurikirana;

[9] kandi nk'uko umugenzo w'abaherezi wari uri, ni we yari yatoranijwe n'ubupfindo kwinjira ahera h'urusengero rw'Umwami Imana, guturira imibavu.

[10] Kandi ishengero ryose ry'ubwo bwoko ryariko rirasengera hanze mu gihe co guturira.

[11] Maze umumarayika w'Umwami Imana aramwiyereka, ahagaze i buryo bw'igicaniro baturirirako imibavu.

[12] Zakariya amubonye ahagarika umutima, aterwa n'ubwoba.

[13] Umumarayika aramubwira ati: “Nta co utinya, Zakariya, kuko ivyo wasavye vyumviswe, umugore wawe Elisabeti azokuvyarira umuhungu, uzomwite Yohana.

[14] Uzonezerwa, uzohimbarwa, kandi benshi bazonezererwa ukuvuka kwiwe;

[15] kuko azoba mukuru mu maso y'Umwami Imana; ntazonywa umuvinyu canke ikiboreza na kimwe; azokwuzuzwa Mpwemu Yera, ahereye ku kuva mu nda ya nyina,

[16] kandi azogarura benshi bo mu Bisirayeli bumvire k'umwami Imana yabo.”

[17] Azoyiza imbere ari n'umutima wa Eliya n'ubushobozi bwiwe, ngo ahuze imitima y'abavyeyi n'abana, n'intabarirwa azisubize ku bwenge bw'abagororotsi, ategurire Umwami Imana ubwoko burorane.

[18] Zakariya abaza umumarayika ati: “Ivyo nzovyerekwa n'iki, ko ndi umutama, n'umugore wanje akaba ageze mu zabukuru?”

[19] Umumarayika aramwishura ati: “Ndi Gaburiyeli, nama mpagaze mu maso y'Imana, kandi natumwe kubonana nawe no kukubwira ubwo butumwa bwiza.

[20] Umve, uragobwa ururimi, kandi ntuzoshobora kuvuga, kugeza ku musi ivyo bizoberako, kuko utemeye ijambo ryanje, rizoshika mu gihe caryo.”

[21] Abantu bari barorereye Zakariya batangazwa n'uko atevye ahera h'urusengero;

[22] Maze asohotse ntiyagira ico ashobora kuvugana na bo, bamenya yuko hari ico yerekewe ahera h'urusengero: arabagereraniriza, akomeza kuba ikiragi.

[23] Maze imisi yo gukora kwiwe ishize, asubira i we.

[24] Iyo misi ishize, umugore wiwe Elisabeti asama inda, atinya abantu amezi atanu

[25] ati: “Uku ni ko Umwami Imana inkoreye ikanteturura mu bantu mu misi yandabiyemwo.”

[26] Kandi mu kwezi kwa gatandatu, umumarayika Gaburiyeli atumwa n'Imana mu gisagara c'i Galilaya citwa Nazareti,

[27] ku mwigeme asabwe n'umugabo yitwa Yosefu, wo mu nzu ya Dawidi, izina ry'iyo nkumi ni Mariya.

[28] Yinjira aho ari, aramubwira ati: “Ni amahoro, ugiriwe ubuntu, Umwami Imana ari kumwe nawe.”

[29] Ariko we ahagarika umutima cane kubwo iryo jambo, yibaza iyo ndamukanyo iyo ari yo.

[30] Umumarayika aramubwira ati: “Nta co utinya Mariya, kuko ugiriwe ubuntu n'Imana.

[31] Umve, uzosama inda, uvyare umuhungu, kandi uzomwite YESU.

[32] Azoba mukuru, azokwitwa Umwana w'Iyisumbavyose, kandi Umwami Imana azomuha intebe y'ubwami ya sekuruza Dawidi,

[33] ahangame mu nzu ya Yakobo ibihe bidashira; ubwami bwiwe ntibuzogira iherezo.”

[34] Mariya abaza umumarayika ati: “Ivyo bizobaho bite, ko ntararongorwa?”

[35] Umumarayika aramwishura ati: “Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bw'Iyisumbavyose buzokuzako usame inda. Ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w' Imana.

[36] Kandi umve, Elisabeti mwene wanyu na we atwaye inda y'umuhungu mu butamakazi bwiwe, uwitwa ingumba uku ni ukwezi kwiwe kwa gatandatu;

[37] kuko ata jambo rivuye ku Mana ribura ububasha.”

[38] Mariya aramubwira ati: “Ehe ndi umusavyi w'Umwami Imana, bimbere uko ijambo ryawe rivuzwe.” Maze umumarayika ava aho ari, aragenda.

[39] Muri iyo misi Mariya aritegura, agenda yihuta, aja mu misozi mu gisagara co mu Buyuda,

[40] yinjira mu nzu kwa Zakariya umugabo wa Elisabeti.

[41] Maze Elisabeti yumvise indamukanyo ya Mariya, inda irikina mu nda, Elisabeti yuzuzwa Mpwemu Yera,

[42] avuga n'ijwi rirenga ati: “Mu bagore urahiriwe, n'inda yo mu nda yawe irahiriwe.

[43] Kandi iryo teka ndaritewe ni iki kubona nyina w'umwami wanje aza kundamutsa?

[44] Kuko ijwi ry'indamukanyo yawe ryinjiye mu matwi yanje, inda igakinagizwa muri jewe n'umunezero.

[45] Kandi urahiriwe wewe wizeye, kuko ivyo wabwiwe n'Umwami Imana bizoshika.”

[46] Mariya aravuga ati: “Ubugingo bwanje butazira Umwami Imana,

[47] Umutima wanje unezererewe Imana Umukiza wanje.

[48] Kuko yabonye jewe umugurano wayo ndi nyarucari, Kandi uhereye none, abo ibihe vyose bazonyita umuhirwe.

[49] Kuko Iyo ubushobozi inkoreye ibikomeye, Kandi izina ryayo ni iryera.

[50] Imbabazi zayo ziri ku bayubaha uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira.

[51] Yerekanishije ubushobozi ukuboko kwayo, Yasabagije abibona mu vyo biyumvira mu mitima yabo.

[52] Yirukanye abaganza ku ntebe zabo, Yashize hejuru abakene bo hasi.

[53] Abashonje yabahagije ivyiza, Yirukanye abatunzi bagenda imbokoboko.

[54] Kubwo imbabazi zayo yatabaye Isirayeli umusavyi wayo,

[55] Nk'uko yari yarabibwiye ba sogokuruza, Ko azozigirira Aburahamu n'uruvyaro rwiwe, ibihe bidashira.”

[56] Kandi Mariya amarana na we amezi nk'atatu, asubira i wabo.

[57] Igihe co kuvyara kwa Elisabeti kirashika, avyara umuhungu.

[58] Ababanyi biwe n'incuti ziwe bumva yuko Umwami Imana yamugiriye imbabazi nyinshi, banezeranwa na we.

[59] Ku musi w'umunani baza guhimbura umutwe w'igikoba c'ubugabo c'irondoka c'uwo mwana, bagomba kumwitiranya na se Zakariya.

[60] Nyina arababwira ati: “Oya, ni yitwe Yohana.”

[61] Baramubwira bati: “Mu muryango wanyu ko ata witwa iryo zina.”

[62] Bagereraniriza se, bamubaza uko agomba ko yitwa.

[63] Yaka ico kwandikako, arandika ati: “Izina ryiwe ni Yohana.”

[64] Bose baratangara. Uwo mwanya akanwa kiwe karazibuka, n'ururimi rwiwe ruragobodoka, aravuga, ashima Imana.

[65] Ababanyi babo bose baterwa ni ubwoba. Ayo majambo yose akwira mu misozi yose y'i Yudaya.

[66] Abavyumvise bose babishira mu mitima yabo bati: “Mbega none uwo mwana azoba umuntu ki?” Kuko ukuboko kw'Umwami Imana kwari kumwe na we.

[67] Se Zakariya yuzuzwa Mpwemu Yera, avugishwa n'Imana

[68] ati: “Umwami Imana ashimwe, Imana y'Abisirayeli, Kuko igendeye abantu bayo, ikabacungura;

[69] Kandi iduhagurukirije umukiza akomeye Mu nzu ya Dawidi umusavyi wayo,

[70] Nk'uko yavugiye mu kanwa k'abera yavugisha, bahereye mu bihe vya kera,

[71] Ngo idukize abansi bacu n'amaboko y'abatwanka bose;

[72] Kandi igirire ba sogokuruza imbabazi, Yibuke isezerano ryayo ryera,

[73] Indahiro yarahiye sogokuruza Aburahamu,

[74] Ko izoduha gukizwa amaboko y'abansi bacu, Tukayisenga ata bwoba,

[75] Turi abera tugororoka mu maso yayo imisi yacu yose.

[76] Kandi nawe, mwana, uzokwitwa umuntu avugishwa n'Iyisumbavyose, Kuko uzokwitangira imbere y'Umwami Imana gutegura inzira ziwe;

[77] Kumenyesha abantu biwe agakiza, Ko ari uguharirwa ivyaha vyabo,

[78] Kubwo umutima w'imbabazi w'Imana yacu, Ni wo uzotuma umutwenzi utugendera, uvuye mw'ijuru,

[79] Ngo urasire abicaye mu mwiza no mu gitutu c'urupfu, Urongorere ibirenge vyacu mu nzira y'amahoro.

[80] Nya mwana arakura, agwiza inkomezi z'umutima, aba mu bugaragwa kugeza umusi yerekeweko Abisirayeli.

Luka — Chapters