Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:47

[1] Ashika i Yeriko, ariko arahaca.

[2] Hari umuntu yitwa Zakayo, yari umutozakori mukuru, kandi yari umutunzi.

[3] Ageza kuraba Yesu, ngo amenye uko asa, bimwankira ku bwo ishengero, kuko yari mugufi.

[4] Arirukanga, aja imbere, yurira igiti citwa umusukomora ngo amurabe, kuko yagira ace muri iyo nzira.

[5] Yesu ahashitse, ararangamiza, aramubarira ati: “Zakayo, ururuka vuba, kuko uwu musi nkwiye kurara i wawe.”

[6] Yururuka vuba, amwakirana akanyamuneza.

[7] Babibonye, bose baridodomba bati: “Ko yinjiye kurarira umuntu w'umunyavyaha!”

[8] Zakayo arahagarara, abwira Umwami Yesu ati: “Raba Mugenzi, umugabane w'itunga ryanje ngira ndawuhe aboro; kandi umuntu wese nagunze ndabimurihe kane.”

[9] Yesu amuvugako ati: “Uwu musi agakiza gashitse muri iyi nzu, kuko uwu na we ari umwana wa Aburahamu.”

[10] Kandi Umwana w'umuntu yazanywe no kurondera no gukiza icari cazimiye.

[11] Bakiriko barumva ivyo, avyongerako umugani, kuko yari hafi y'i Yerusalemu, kandi kuko biyumvira yuko ubwami bw'Imana bugira buboneke uwo mwanya;

[12] nuko aravuga ati: “Habaye umuganwa yagiye mu gihugu ca kure kwimikirwayo, ngo agaruke.”

[13] Ahamagara icumi bo mu bishikira biwe, abaha ibingorongoro icumi vy'izahabu, arababarira ati: “Muyacuruze, gushika aho nzozira.”

[14] Ariko abantu biwe baramwanka, bamukurikiza intumwa bati: “Uwo ntitugomba ko atuganza.”

[15] Agarutse, amaze kwimikwa, ahamagaza ba bishikira yasigaranye ya mahera, ngo amenye inyungu umuntu wese yungutsemwo mu kuyacuruza.

[16] Uwa mbere arengutse, aravuga ati: “Mugenzi, ibingorongoro cawe cungutsemwo ibindi bingorongoro vy'inzahabu icumi.”

[17] Aramubwira ati: “Wagize neza, muntu wanje mwiza, ko wabaye umwizigirwa no kuri gito cane, ni ube umutware w'ibisagara icumi.”

[18] Uwa kabiri arengutse, aravuga ati: “Mugenzi, ibingorongoro cawe cungutsemwo ibindi bingorongoro bitanu.”

[19] Uwo na we aramubarira ati: “Nawe twara ibisagara bitanu.”

[20] Uwundi arengutse, aravuga ati: “Mugenzi, ngiki kingorongoro cawe, nabitse kitekeye mu kiremo;

[21] kuko nagutinye ko uri umuntu w'umuhambazi, uterura ivyo utahateretse, wimbura ivyo utarimye.”

[22] Aramubwira ati: “Ndagucira urubanza ku vyakuvuye mu kanwa, wa muntu wanje mubi we. Ko wari uzi yuko ndi umuntu w'umuhambazi, nterura ivyo ntahateretse, nimbura ivyo ntarimye;

[23] none se cakubujije guha abacuruza amahera yanje, nanje nagaruka nkayakwaka n'inyungu yayo?”

[24] Abarira abahagazeho ati: “Ni mumwake ca kingorongoro, mugihe uwufise ibingorongoro icumi.”

[25] Baramubwira bati: “Mugenzi, mbega ko afise icumi!”

[26] Ndababwire, Uwufise wese azohabwa, ariko uwudafise azokwakwa n'ico yarafise.

[27] Ariko abo bansi banje batakunze ko ndabaganza ni mubazane hano, mubicire imbere yanje.

[28] Yesu ahejeje kuvuga ivyo, aja imbere, aduga aja i Yerusalemu.

[29] Ageze hafi y'i Betifage n'i Betaniya, ku musozi witwa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa,

[30] arababarira ati: “Nimuje muri iriya mihana iri imbere yanyu, ni mwayishikamwo, murabona inyana y'indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako; muyiziture muyizane.

[31] Kandi ni hagira uwubabaza igitumye muyizitura? mumwishure ko Sobuja ari we ayigomba.”

[32] Abatumwe baragenda, babisanga uko yabibabwiye.

[33] Bariko barazitura ya nyana y'indogoba, bene yo barababaza bati: “Ko muzitura iyo nyana ni ibiki?”

[34] Barabishura bati: “Databuja ni we ayigomba.”

[35] Bayizanira Yesu, bayishirako impuzu zabo, bayiterekako Yesu.

[36] Ariko aragenda, basasa impuzu zabo mu nzira.

[37] Agira ashike, ageze ku kamanuko k'umusozi wa Elayono, ishengero ryose ry'abigishwa ritangura kunezerwa no guhimbaza Imana n'ijwi rirenga, bayishimira ibitangaza babonye vyose

[38] bati: “Nihashemezwe Umwami, aje mw'izina ry'Uhoraho, Amahoro abe mw'ijuru, Icubahiro ni kibe mw'ijuru ahasumba vyose.”

[39] Abafarisayo bamwe bo mw'ishengero baramubarira bati: “Mwigisha, zibiza abigishwa bawe.”

[40] Arabishura ati: “Ndababwire, Aba ni bahora, amabuye arasemerera.”

[41] Ashitse hafi, abona igisagara, arakiririra

[42] ati: “Uwu musi iyo umenya ivyo amahoro! Ariko ubu bihishijwe amaso yawe.”

[43] Kuko imisi izokuzako, aho abansi bawe bazokurundira ikirundo c'ivu kigukikije, na bo ubwabo bakagukikiza, bakakwugariza impande zose,

[44] bakagukekana n'abana bawe bo muri wewe; kandi ntibazogusigariza ibuye na rimwe rigeretse ku rindi, kuko utamenye igihe wagendewemwo.

[45] Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo,

[46] arababwira ati: “Vyanditswe, ngo ingoro yanje izoba inzu yo gusengeramwo; ariko mwebwe mwayihinduye nk'isenga ry'abambuzi.”

[47] Kandi yigishiriza mu rusengero imisi yose. Ariko abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe n'abantu bakurubakuru bo muri ubwo bwoko barondera ingene bomwica,

[48] babura uko bamugira; kuko abantu bose bari bamurundanyeko, batamariwe.

Luka — Chapters