[1] Muri iyo misi icagezwe kiva kwa Kayisari Augusito, ngo abo mw'isi bose bandikwe.
[2] Ukwo ni kwo kwandikwa kwa mbere kwabayeho Kureniyo akiri icegera ca Kayisari i Siriya.
[3] Bose baja kwiyandikisha, umuntu wese aja mu gisagara cabo.
[4] Yosefu na we ava i Galilaya mu gisagara c'i Nazareti, aja i Yudaya mu gisagara ca Dawidi, citwa Betelehemu, kuko yakomotse mu nzu ya Dawidi mu muryango wiwe;
[5] aja kwiyandikishanya na Mariya uwo yakoye, yari akuriwe.
[6] Bakiriyo, igihe ciwe co kuvyara kirashika.
[7] Avyara umuhungu w'imfura, amuzingirako impuzu y'uruyoya, amuryamika mu bwato bw'inka, kuko bari babuze umwanya mu ndaro.
[8] Muri iyo ntara hari abungere barara mu gahinga baraririye umukuku w'intungwa zabo.
[9] Umumarayika w'Umwami Imana ahagarara i ruhande yabo, ubwiza bw'Umwami bubakayanganira irya n'ino, baterwa n'ubwoba bwinshi.
[10] Umumarayika arababwira ati: “Nta co mutinya, umve ndababarira ubutumwa bwiza bw' akanyamuneza kenshi kazoba ku bwoko bwanyu bwose.
[11] Uwu musi Umukiza abavukiye mu gisagara ca Dawidi, ni we Kristo Umwami.
[12] Iki ni co kimenyetso canyu, murasanga umwana w'uruyoya azingiriweko impuzu y'uruyoya, aryamitswe mu bwato bw'inka.”
[13] Uwo mwanya hamwe n'uwo mumarayika haboneka ingabo nyinshi zo mw'ijuru, zihimbaza Imana
[14] ziti: “Icubahiro ni kibe ku Mana ahasumba ijuru, No mw'isi amahoro abe mu b'inezererwa.”
[15] Ba bamarayika bahejeje kuva aho bari, basubiye mw'ijuru, nya bungere baravugana bati: “Ingo rero tuje i Betelehemu, turabe ico kintu cabayeyo, ico Umwami Imana atumenyesheje.”
[16] Bagenda banyaruka, babona Mariya na Yosefu n'uruyoya rubikiriwe mu bwato bw'inka.
[17] Babibonye bababarira ijambo babwiwe kuri uwo mwana.
[18] Abavyumvise bose batangazwa n'ivyo ba bungere bababwiye.
[19] Ariko Mariya abika ayo majambo yose, ayiyumvira mu mutima wiwe.
[20] Maze ba bungere bahindukira bahimbaza Imana, bayishimira ivyo bumvise vyose n'ivyo babonye, nk'uko babibwiwe.
[21] Kandi imisi munani iheze hageze ko bahimbura igikoba c'ubugabo, bamwita YESU, rya zina ryavuzwe n'umumarayika, atarasamwa inda.
[22] Imisi yo guhumanurwa kwabo iheze, nk'uko ivyagezwe vya Mose biri, bamujana i Yerusalemu kumushikanira Umwami Imana,
[23] nk'uko vyanditswe mu vyagezwe n'Umwami Imana, ngo Umuhungu wese w'icavutse ubwa mbere azokwitwe uwera k'Uhoraho;
[24] kandi ngo batange ikimazi c'intunguru zibiri canke inuma zibiri nk'uko vyavuzwe mu vyagezwe n'Umwami Imana.
[25] Kandi i Yerusalemu hari umuntu w'umugororotsi yubaha Imana yitwa Simeyoni kandi Mpwemu Yera yari kuri we. Yari arorereye uguhumurizwa kw'Abisirayeli.
[26] Yari yarabwiwe na Mpwemu Yera yuko atazopfa, atarabona Kristo w'Umwami Imana.
[27] Ajanwa na Mpwemu mu rusengero; abavyeyi bajanye uwo mwana Yesu ngo bamugenze nk'uko umugenzo w'ivyagezwe wari uri,
[28] aramwakira, aramukikira, ashima Imana
[29] ati: “Databuja, noneho urasezeye umusavyi wawe amahoro, Nk'uko wavuze;
[30] Kuko amaso yanje abonye agakiza kawe
[31] Ako wateguye mu maso y' amoko yose,
[32] Ngo kabe umuco wakira amahanga, No kuba ubwiza bw'abantu bawe b'Abisirayeli.
[33] Se na nyina batangazwa n'ayo majambo avuzwe kuri we.”
[34] Simeyoni arabahezagira, abwira nyina Mariya ati: “Umve, uwu ashiriweho kugira ngo benshi mu Bisirayeli bagwe, benshi bavyuke, kandi abantu bazomupfa,
[35] kugira ngo ivyiyumviro vy'imitima myinshi bizoseruke. Kandi nawe, umubabaro uzokubabaza mu mutima nk'uwucumiswe n'inkota.”
[36] Kandi hariho Ana, uwavugishwa n'Imana, umukobwa wa Fanuweli, wo mu muryango wa Asheri, yari umutamakazi wa kera, yabanye n'umugabo wiwe imyaka indwi, uhereye ku kurongorwa kwiwe.
[37] Yamaze imyaka mirongo umunani n'ine ari umupfakazi, ntiyava mu rusengero gusenga, yisonzesha yinginga, ku murango no mw'ijoro.
[38] Ako kanya aca araza, ashima Imana, avuga ivya Yesu, abibwira abari barorereye ugucungurwa kw'i Yerusalemu bose.
[39] Baheraheje vyose nk'uko ivyagezwe n'Umwami Imana bivuga, basubira i Galilaya mu gisagara cabo i Nazareti.
[40] Kandi uno mwana arakura, agwiza inkomezi, yuzuzwa ubwenge, ubuntu bw'Imana bwari kuri we.
[41] Uko umwaka uheze, abavyeyi biwe baja i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika.
[42] Nuko amaze imyaka icumi n'ibiri avutse, baraduga, nk'uko umugenzo w'iyo misi mikuru wari uri.
[43] Baheraheje ivyo iyo misi, barataha, uwo muhungu Yesu asigara i Yerusalemu, abavyeyi biwe ntibabimenya.
[44] Ariko bibwiye yuko ari mw'ikoraniro ry'abo bagendanye, bagenda urugendo rw'umusi wose, maze bamurondera mu ncuti no mu bo bazinanyi.
[45] Bamubuze basubira i Yerusalemu bamurondera.
[46] Hashize imisi itatu, bamubona mu rusengero yicaye mu bigisha hagati, abumva, kandi ababaza.
[47] Abamwumvise bose batangazwa n'ubwenge bwiwe n'ivyo abishura.
[48] Bamubonye baratangara. Nyina aramubaza ati: “Mwananje, ni iki catumye utugirira utyo?” Urabona twe na so aho twakurondereye tubabaye.
[49] Arababaza ati: “Ni igiki cabateye kundondera?” Ntimwari muzi yuko bikwiye ko mba kwa Data?
[50] Ntibamenya iryo jambo ababwiye.
[51] Amanukana na bo, aja i Nazareti, yama abumvira. Nyina abika ayo majambo yose mu mutima wiwe.
[52] Kandi Yesu agwiza ubwenge, gukura no gushimwa n'Imana n'ahantu.