[1] Abacira umugani wo kubigisha ko bakwiye guhora basenga, ntibarambirwe.
[2] Arababwira ati: “Mu gisagara habaye umucamanza, adatinya Imana, ntagire udusoni ku bantu.”
[3] Muri ico gisagara hari umupfakazi, aza kuri we kenshi, aramusaba ko amucira urubanza rumukiza umwansi wiwe.
[4] Amara imisi atemera, ariko hanyuma aribwira ati: “Naho ntatinya Imana, kandi singire isoni z'abantu,
[5] ariko kuko uwo mupfakazi angoye, ndamucira urubanza rumukiza, ngo ntiyame aza imisi yose, akanzigiriza.”
[6] Kandi Umwami Yesu aravuga ati: “Ni mwumve ivyo uwo mucamanza agabitanya yavuze.”
[7] None mbega Imana ntizocira urubanza rukiza abo yatoranije, bayiborogera ku murango no mw'ijoro, naho ibatevya?
[8] Ndababwira yuko izorubacira vuba. Ariko Umwana w'umuntu ni yaza, mbega azosanga ukwizera mw'isi?
[9] Uwu mugani na wo awucira abiyizigira ubwabo ko bagororotse, bagakengera abandi bose
[10] Ati: “Abantu babiri baduze baja mu rusengero gusenga, umwe yari Umufarisayo, uwundi yari umutozakori.”
[11] Umufarisayo ahagaze asengera ku mutima wiwe ati: “Mana, ndagushimye yuko ntameze nk'abandi bose, abasahura, abagabitanya, abasambanyi canke n'abameze nk'urya mutozakori.”
[12] Mu misi indwi yose nisonzesha kabiri, ntanga icacumi c'ivyo ndonka vyose.
[13] Ariko wa mutozakori, ahagaze kure, ntiyagomba no kurangamiza ngo arabe mw'ijuru, ariko arishishitira ati: “Mana, ngirira ikigongwe, ndi umunyavyaha.”
[14] Ndababwire, Uwo muntu yamanutse aja i we, atsindanishirijwe kuruta wa wundi; kuko uwishira hejuru wese azocishwa bugufi, ariko uwicisha bugufi azoshirwa hejuru.
[15] Maze bamuzanira abana babo b'inzoya ngo abakoreko. Abigishwa babibonye barabakankamira.
[16] Maze Yesu arabahamagara ati: “Ni mureke abana bato baze aho ndi, ntimubabuze; kuko ubwami bw'Imana ari ubwo abameze batyo.”
[17] Ndababwire ukuri; Uwutazokwakira ubwami bw'Imana nk'umwana muto ntazobwinjiramwo na gatoya.
[18] Umukuru w'isengero ry'Abayuda aramubaza ati: “Mwigisha mwiza, nkore iki, ngo nzoragwe ubugingo budashira?”
[19] Yesu aramubaza ati: “Unyitira iki mwiza?” Nta mwiza atari umwe, ni we Mana.
[20] Urazi ivyagezwe, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukagirize abandi ibinyoma, wubahe so na nyoko.
[21] Aramubwira ati: “Ivyo vyose naravyitondeye, mpereye mu buto bwanje.”
[22] Yesu avyumvise aramubwira ati: “N'ubu uracahajije kimwe; shora ivyo ufise vyose, ugabire aboro, ni ho uzogira itunga mw'ijuru, uteko uze, unkurikire.”
[23] Maze yumvise ivyo, arababara cane, kuko yari atunze vyinshi.
[24] Yesu amwitegereje aravuga ati: “Erega biragoye ko aba vyinshi binjira mu bwami bw'Imana!”
[25] Kuko icoroshe ari uko ingamiya yoca mw'izuru ry'urushinge hako umutunzi yinjira mu bwami bw'Imana.
[26] Abavyumvise baravuga bati: “Ubu rero, ni nde ashobora gukizwa?”
[27] Maze arababwira ati: “Ibidashobokera abantu bishobokera Imana.”
[28] Petero aravuga ati: “Raba, twebwe twaretse ivyacu, turagukurikira.”
[29] Arababwira ati: “Ndababwire ukuri, Nta waretse inzu, canke umugore, canke abavukanyi biwe, canke abavyeyi, canke abana, ku bwo ubwami bw'Imana,
[30] atazobishumbushwa umurengera muri iki gihe, no mu gihe kizoza atazohabwa ubugingo budashira.”
[31] Yihereranya bamwe icumi na babiri, arababwira ati: “Ehe turaduze i Yerusalemu, kandi ivyanditswe n'abavugishwa n'Imana vyose bizoshika ku Mwana w'umuntu.”
[32] Azoshirwa mu maboko y'abanyamahanga, acokorwe, ateterezwe, avumwe amate;
[33] kandi bazomushishagura, bamwice, ku musi ugira gatatu azozuka.
[34] Ntibagira ico batahura muri ivyo, kandi iryo jambo bari barihishijwe, ntibamenya ivyo babwiwe.
[35] Ageze hafi y'i Yeriko, hari impumyi yicaye i ruhande y'inzira, isegerereza.
[36] Yumvise ishengero rihita, ibaza ivyo ari vyo.
[37] Barayibwira bati: “Ni Yesu Umunyanazareti ahita.”
[38] Irasemerera iti: “Yesu, mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.”
[39] Abagiye imbere barayizibiranya ngo ihore. Ariko irushiriza cane gutakamba iti: “Mwana wa Dawidi, ngirira imbabazi.”
[40] Yesu arahagarara, avuga ko bayimuzanira; ishitse hafi, arayibaza
[41] ati: “Ugomba ko ndagukorera iki?” Iramwishura iti: “Ndagomba guhumuka, Mwami wanje.”
[42] Yesu arayibwira ati: “Humuka, ukwizera kwawe kuragukijije.”
[43] Aca ahumuka buno nyene, amukurikira ahimbaza Imana; abantu bose babibonye bashima Imana.