Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:43

[1] Iryo koraniro ryose riva hasi, bamujana kwa Pilato.

[2] Batangura kumwagiriza bati: “Uwu twamubonye agumura ubwoko bwacu, ababuza gutanga ikori rya Kayisari, yivuga ngo ni Kristo, Umwami.”

[3] Pilato aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?” Na we aramwishura ati: “Uravyivugiye.”

[4] Pilato abwira abaherezi bakuru n'ishengero ati: “Nta kibi mbona kuri uwo muntu.”

[5] Na bo barashimika bati: “Asibanganya igihugu, yigisha i Yudaya hose; yahereye i Galilaya none ageza n'ino.”

[6] Pilato avyumvise, abaza yuko uwo muntu ari Umunyagalilaya.

[7] Amenye yuko ari uwo mu gihugu ca Herode, amurungika kwa Herode, kuko na we yari i Yerusalemu muri iyo misi.

[8] Herode abonye Yesu aranezerwa cane, kuko yahereye kera yipfuza kumuraba, kuko yahora yumva ivyiwe, kandi yaziga ko yobona ikimenyetso yokora.

[9] Amubaza amajambo menshi, ntiyamwishura na rimwe.

[10] Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barahagarara, bakovya kumwagiriza cane.

[11] Herode aramutitura, hamwe n'abasoda biwe, aramushinyagurira, maze amwambika impuzu itukura y'agaciro, amusubiza kwa Pilato.

[12] Uwo musi nyene Herode na Pilato baca barakundana kandi bari basanzwe bankana.

[13] Pilato akoranya abaherezi bakuru n'abashingantahe n'abantu,

[14] arababwira ati: “Mwanzaniye uwu muntu ngo agumure abantu; none jewe namusambishije imbere yanyu, nta caha mbona kuri we ku vyo mwamureze.”

[15] Na Herode ni uko, kuko yamudushubije; kandi raba nta co yakoze gikwiye kumwicisha.

[16] Nuko ndamukubita, ndamurekure. [

[17] Kuko yari akwiye kubarekurira imbohe imwe muri iyo misi mikuru.]

[18] Ariko bose basemererera icarimwe bati: “Kuraho uwo, uturekurire Baraba.”

[19] Uwo yari yashizwe mw'ibohero bamuhoye ukugarariza kwabaye muri ico gisagara, bo n'ubwicanyi.

[20] Pilato yongera kubabwira, kuko agomba kurekura Yesu.

[21] Ariko bo barayogora bati: “Mubambe, mubambe.”

[22] Ababaza ubugira gatatu ati: “Ku ki? uwu yakoze ikibi giki? Sindamubonako igikwiye kumwicisha; nuko ndamukubita, ndamurekure.”

[23] Ariko bakovya kuyogora bavuga n'amajwi arenga, bamusaba ko abambwa, amajwi yabo aramunesha.

[24] Nuko Pilato aca urubanza nk'uko bamusavye.

[25] Arekura uwashizwe mw'ibohero bamuhoye ubugarariji n'ubwicanyi, uwo basavye; maze atanga Yesu ngo agirwe uko bagomba.

[26] Bakimujana, bafata umuntu yitwa Simoni Umunyakurene, avuye mu mihana, bamukorera umusaraba, ngo awikorere akurikiye Yesu.

[27] Ishengero ry'abantu ryinshi riramukurikira, ririmwo n'abagore bamuborogera, bamuborogera.

[28] Yesu arakebuka ati: “Yemwe bakobwa b'i Yerusalemu, ntimundirire, ariko mwiririre n'abana banyu,

[29] kuko imisi izoza bazovuga bati: 'Garahiriwe abagumbashe n'inda zitigeze kuvyara n'amabere atigeze kwonsa.'”

[30] Ni ho bazotangura kubarira imisozi bati: “Ni mutugweko;” n'imirambi bati: “Ni mudupfuke.”

[31] Ko bagirira batyo igiti kibisi, none icumye kizogirirwa gite?

[32] Bamujanana n'inkozi z'ikibi zibiri ngo zicanwe na we.

[33] Bashitse ahantu hitwa Nyagihanga, bamubambanaho na za nkozi z'ibibi, umwe i buryo bwiwe, uwundi mu bubamfu.

[34] Yesu aravuga ati: “Data, n'ubaharire, kuko batazi ico bakora.” Bagabura impuzu ziwe, bakoresheje ubupfindo.

[35] Abantu bahagarara baraba. Abashingantahe na bo bamutwengera mw'ijigo bati: “Yakijije abandi, ni yikize, namba ari Kristo w'Imana, uwatoranijwe na yo.”

[36] N'abasoda baramucurira, baramwegera, bamuha inkarisha,

[37] baramubarira bati: “Ni waba uri Umwami w'Abayuda, ni wikize.”

[38] Hejuru yiwe kandi hari icandiko canditswe, ngo uwu NI UMWAMI W'ABAYUDA.

[39] Umwe mu nkozi z'ibibi zibambwe aramutuka ati: “Si wewe Kristo? Ni wikize, natwe udukize.”

[40] Ariko uwa kabiri amwishura amuhana ati: “No kwubaha Imana ntuyubaha, kandi uciriwe urubanza rumwe n'urwiwe?”

[41] Tweho turishuye, kuko tugiriwe ibihwanye n'ivyo twakoze; ariko uwu nta kibi yakoze.

[42] Kandi aravuga ati: “Urahava uzonyibuke Yesu, aho uzozira mu bwami bwawe.”

[43] Aramwishura ati: “Ndakubwire ukuri, uwu musi urabana nanje muri Paradiso.”

[44] Kandi hari nk'isaha zitandatu, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw'isaha y'icenda

[45] izuba ryazimanganye. Igihuzu gikingiriza ahera cane h'urusengero gitabukamwo kubiri.

[46] Yesu amaze gusemerera n'ijwi rirenga, aravuga ati: “Data, nshize ubugingo bwanje mu maboko yawe.” Ahejeje kuvuga atyo aracikana.

[47] Intwazangabo z'abasoda ijana abonye ibibaye, ahimbaza Imana ati: “Ni ukuri uwu muntu yari umugororotsi.”

[48] Ishengero ryose ryari ribikungereye, babonye ibibaye basubira inyuma bamuborogera.

[49] Abazinanyi na Yesu bose n'abagore bari bavanye i Galilaya na we bari bahagaze kure babiraba.

[50] Maze hari umuntu yitwa Yosefu, yari umushingantahe mu nama nkuru, kandi Yari umunyangeso nziza agororotse.

[51] Uwo ntiyari yafatanije inama n'abandi n'ivyo bakoze; yari Umunyarimataya, igisagara c'Abayuda, yari areretse ubwami bw'Imana.

[52] Uwo aja kwa Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.

[53] Arakibambura, akizingira mu mpuzu yera, agishira mu mva yimbwe mu bitandara, itarahambwamwo umuntu.

[54] Wari umusi wo Kwitegura, isabato igira ishike.

[55] Abagore bari bavanye na Yesu i Galilaya bakurikira Yosefu, babona iyo mva, n'ingene ikiziga ciwe gishizwemwo.

[56] Basubira inyuma, bategura ibimota neza n'amavuta amota cane. Kandi kw'isabato bararuhuka, nk'uko vyagezwe.

Luka — Chapters