[1] Muri ico gihe, ishengero ry'abantu ibihumbi vyinshi rikoranira kuri we, bakandagirana, ahera ku bigishwa biwe, arababarira ati: “Mwirinde umwambiro w'Abafarisayo, ni wo buryarya.”
[2] Nta catwikiriwe kitazotwikururwa, canke icanyegejwe kitazomenyekana.
[3] Nuko ivyo mwavugiye mu mwiza vyose bizokwumvikanira mu muco, n'ico mwongoreraniye mu mazu haruguru kizovugirwa ku mazu hejuru.
[4] Kandi ndabwira mwebwe abakunzi banje; Ntimugatinye abica umubiri, hanyuma batagira ikindi bazobagira.
[5] Ariko ndabereka iyo mukwiye gutinya; mutinye Iyiheza kwica umuntu, ikagira ububasha bwo kumukororera muri Gehinomu. Ni koko, ndababwire, ni mube ari yo mutinya.
[6] Mbega utunyoni dutanu ntitugurwa amakuta abiri? Ariko kamwe muri two ntikibagirwa imbere y'Imana.
[7] Ariko n'umushatsi wo ku mitwe yanyu wose waraharuwe. Ntimutinye; muruta utunyoni twinshi.
[8] Kandi ndababwire; Umuntu wese azonyaturira imbere y'abantu, Umwana w'umuntu azomwaturira imbere y'abamarayika b'Imana.
[9] Ariko uwunyihakanira imbere y'abantu, azokwihakanirwa imbere y'abamarayika b'Imana.
[10] Kandi umuntu wese azodedemba ku Mwana w'umuntu, azobiharirwa; ariko uwuzodedemba kuri Mpwemu Yera ntazobiharirwa.
[11] Kandi ni babajana mu nsengero z'Abayuda bakabashira abakuru n'abaganza, ntimuzohagarikishwe imitima n'ico muzokwireguza n'ingene muzokwiregura canke n'ico muvuga.
[12] Kuko muri ako kanya nyene, Mpwemu Yera ababwiriza ivyo mukwiye kuvuga.
[13] Maze umuntu wo mw'ishengero ryari rikoraniye aho aramubwira ati: “Mwigisha, mbaririra mwene mama tugabure umwandu.”
[14] Aramubaza ati: “Mbega wa mugabo, ni nde yanshizeho kuba umucamanza wanyu, canke kubagaburira ivyanyu?”
[15] Kandi arababarira ati: “Murumva, mwirinde ukwifuza kwose, kuko ubugingo bw'umuntu butava mu bihinda vy'ibintu atunze.”
[16] Kandi abacira umugani ati: “Habaye umuntu w'umutunzi yarafise itongo rimera cane.”
[17] Yiyumvira mu mutima wiwe ati: “Ndagira nte, ko ntagira aho nimburira imirima yanje?”
[18] Ati: “Ndabigenza gutya: ndasambura ibigega vyanje, nubake ibindi bininibinini, abe ari ho nimburira imirima yanje yose n'ibintu vyanje vyose.”
[19] Mpeze mbwire umutima wanje nti: “Mutima, ufise ibintu vyinshi bizohitira imyaka myinshi, ruhuka, urye, unywe, unezerwe.”
[20] Maze Imana iramubwira iti: “Wa gipfu we muri iri joro barakwaka ubugingo bwawe; none ivyo woziganije bizoba ivya nde?”
[21] Umuntu yishingurira ni ko amera, atari umutunzi mu vy'Imana.
[22] Abwira abigishwa biwe ati: “Ni co gitumye ndababarira nti: 'Ntimukaganyire amagara yanyu ku vyo muzorya, canke umubiri wanyu ku vyo muzokwambara.'
[23] Kuko amagara aruta ivyo kurya, n'umubiri uruta imyambaro.
[24] Ni mwitegereze ibikona, ingene bitabiba, ntibishwabure, ntibigire ububiko canke ikigega, kandi Imana irabitunga. Erega mwebwe muruta ibisiga cane.
[25] Ni nde muri mwebwe ku bwo amaganya yiwe yoshobora kwiyongerako n'akangana n'ukuboko kumwe?
[26] Nuko ko mudashobora gukora gito rwose ni iki gituma mwiganyira ibindi?
[27] Ni mwitegereze amashurwe, ingene akura; ntiyirirwa araruha, ntajisha impuzu; ariko ndababwire na Salomo mu bwiza bwiwe bwose ntiyari ashajije nka rimwe muri ayo.
[28] None Imana ko yambika ivyatsi vyo ku misozi ityo, biriho uwu musi, ariko nk'ejo bigatererwa mu ziko, mbega ntizorushiriza kubambika, mwebwe abo ukwizera guke mwe?
[29] Kandi ntimukitwaririke ivyo murya n'ivyo munywa, ntimukiganyire.
[30] Kuko ivyo vyose abanyamahanga bo mw'isi ari vyo bitwaririka, ariko So arazi ko mubikena ivyo.
[31] Ariko mwitwaririke ubwami bwiwe, ni ho ivyo muzovyongerwa.
[32] Yemwe mwa busho buto, ntimutinye; kuko So bimuhimbara kubaha ubwami.
[33] Mugurishe ivyo mufise, Muzotange ibiguzi vyavyo ku bwo ubuntu; mwibaririre imipfuko idashira, ubutunzi budashira buri mw'ijuru, ahategerwa n'igisuma, ata n'inyenzi zonona;
[34] kuko aho ubutunzi bwanyu buri ari ho imitima yanyu izoba.
[35] Mwame mukenyeye, kandi amatara yanyu yame yaka.
[36] Ni mube nk'abantu barorereye shebuja, igihe agarukira ava mu bukwe, ngo ni yaza, akaramutsa, bace bamwugururira.
[37] Harahiriwe abo bashumba, abo shebuja azoza agasanga bari maso. Ndababwire ukuri; azokenyera, abicarike, aze, abagaburire.
[38] Ni yaza mu gicugu canke mu nkoko, akabasanga atyo, bazoba abahirwe.
[39] Kandi mumenye iki, yuko iyaba nyene urugo yari asanzwe azi igihe igisuma kiziramwo, yogavye, ntiyokunze ko inzu yiwe yimbwa.
[40] Namwe mwame mwiteguye, kuko Umwana w'umuntu azoza mu gihe mutiyumviriye.
[41] Petero aramubaza ati: “Mbega Mugenzi, uwo mugani ni twebwe twenyene uwuciriye, canke uwuciriye n'abandi bose?”
[42] Umwami Yesu na we aramubaza ati: “Ni nde munyabigega wo kwizigirwa w'ubwenge, shebuja yosigarana abo mu rugo rwiwe, ngo abagaburire ku ngero yabo igihe kigeze?”
[43] Harahiriwe uwo mushumba shebuja agarutse azosanga akora atyo.
[44] Ndababwira ukuri yuko azomuha kugaba ivyo afise vyose.
[45] Ariko uwo mushumba ni yibwira mu mutima wiwe ati: “Databuja aracatevye kuza; maze agatangura gukubita abashumba n'incoreke, akaja mu vyo kwirira no kwinywera akaborerwa,
[46] shebuja w'uwo mushumba azoza ku musi atamwiteze, no mu gihe atazi, azomuhana vy'akarorero, amusangize umugabane wiwe n'abatizera.
[47] Kandi uwo mushumba yari azi ivyo shebuja agomba, ntiyitegure, ntakore ivyo agomba, azokubitwa nyinshi.
[48] Ariko uwutari abizi, agakora ibikwiye kumukubitisha, azokubitwa nkeya. Uwahawe vyinshi wese azobazwa vyinshi; uwabikijwe vyinshi ni we bazorushiriza kwaka vyinshi.
[49] Naje guta umuriro mw'isi, none iyaba wari umaze gufatwa, nta kindi mba nkigomba?
[50] Hariho umubatizo nkwiye kubatizwa. Umubabaro mfise mu mutima ntuzohera ntarawubatizwa.
[51] Mbega mwiyumvira ko naje kuzana amahoro mw'isi?
[52] Ndababwire, si ko biri, ariko naje kubaryanisha. Kuko uhereye ubu, ahazoba batanu mu nzu imwe bazokwicamwo ibice, batatu barwanye babiri na babiri barwanye batatu.
[53] Umwana azotandukana na se, na se n'umwana ni uko; umukobwa azotandukana na nyina, na nyina n'umukobwa ni uko; inabukwe azotandukana n'umukazana wiwe, n'umukazana na inabukwe ni uko.
[54] Kandi abwira ishengero ati: “Iyo mubonye igicu kivuye mu burengero, muca mugira ngo imvura iraguye; kandi ni ko biba.”
[55] Iyo mubonye umuyaga uturutse mu bumanuko mugira ngo Haraba indugumba, kandi ni ko biba.
[56] Mwa ndyarya mwe, murazi kugenzura isi n'ijuru, ni iki kibabuza kugendeza iki gihe?
[57] Kandi namwe ubwanyu ni iki kibabuza kugenzura ivyo kugororoka?
[58] Ni wajana n'uwukurega muja ku mushingantahe, mukiri mu nzira ushishikare kuringaniza na we, ngo ntagukwegere ku mucamanza, umucamanza akaguha umusoda, akagushira mw'ibohero.
[59] Ndakubwire, Ntuzohava na gatoya, utishuye n'ihera rya nyuma.