[1] Mu ntango Jambo yariho, kandi Jambo yahoranye n'Imana, kandi uwo Jambo yari Imana.
[2] Uwo yahoranye n'Imana mu ntango;
[3] vyose vyaremwe na we, mu vyaremwe vyose nta kintu na kimwe kitaremwe na we.
[4] Muri we harimwo ubugingo, kandi ubwo bugingo bwari umuco w'abantu.
[5] Uwo muco wakira mu mwiza, ariko umwiza ntiwawakiriye.
[6] Haje umuntu yatumwe n' Imana, izina ryiwe ni Yohana;
[7] ni we yazanywe no kuba icabona, ngo ashingire intahe umuco, kugira ngo bose bizere kubwiwe.
[8] Si we yari wa muco, ariko kwari ugushingira intahe umuco.
[9] Umuco w'ukuri, wakira umuntu wese, wariko uraza muri iyi si.
[10] Yari mw'isi, kandi isi yaremwe na we, ariko'isi ntiyamumenya;
[11] yaje mu vyiwe, ariko abiwe ntibamwakiriye.
[12] Ariko abamwakiriye bose bakamwizera yabahaye ububasha bwo gucika abana b'Imana.
[13] Abo ntibavyawe n'amaraso, canke n'ukwifuza kw'umubiri, canke n'ukwifuza kw'umugabo, ariko bavyawe n'Imana.
[14] Kandi uwo Jambo yihaye umubiri, abana natwe, twitegereza ubwiza bwiwe, n'ubwiza bumeze nk'ubwo Umwana w'ikinege ava kwa Se, yuzuye ubuntu n'ukuri.
[15] Yohana amushingira intahe, arasemerera ati: “Uwo ni we navuze ko uwuza inyuma yanje ni we yari uwa mbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.”
[16] Kandi twese twahawe ku vyuzuye muri we, tugirirwa ubuntu bugerekeranye n'ubundi.
[17] Kuko ivyagezwe vyazanywe na Mose, ubuntu ni ukuri vyazanywe na Yesu Kristo.
[18] Nta muntu yigeze kubona Imana na rimwe; Umwana w'ikinege aba mu gikiriza ca Se ni we yayimenyekanishije.
[19] Uku ni ko Yohana yashinze intahe igihe Abayuda bamutumako abaherezi n'Abalewi bavuye i Yerusalemu ngo bamubaze bati: “Uri nde?”
[20] Na we aravyatura, ntiyahisha ukuri, aravyatura ati: “Si jewe Kristo.”
[21] Baramubaza bati: “None se bimeze bite? Uri Eliya?” Ati: “Sindi we.” Bati: “Uri wa muntu avugishwa n'Imana?” Ati: “Oya.”
[22] Baramubaza bati: “None uri nde, ngo tuje kwishura abadutumye? Kuri wewe wivuga ute?”
[23] Ati: “Ndi ijwi ry'uwusemererera mu bugaragwa rivuga ko mugorora inzira y'Uhoraho, nk'uko uwavugishwa n'Imana Yesaya yavuze.”
[24] Kandi abo batumwe bari Abafarisayo;
[25] baramubaza bati: “None ubatiriza iki, ko utari Kristo, ntube Eliya canke wa muntu avugishwa n'Imana?”
[26] Yohana arabishura ati: “Jeho mbatiza mu mazi; hagati muri mwebwe hahagaze uwo mutazi,
[27] ni we aza inyuma yanje, kandi jewe ntibimbereye gupfundurura akagozi k'ibirato vyiwe.”
[28] Ivyo vyabereye i Betaniya, hakurya ya Yorodani aho Yohana yabatiriza.
[29] Bukeye bw'aho abona Yesu aza kuri we, aravuga ati: “Nguwu Umwagazi w'intama w'Imana ukuraho icaha c'abari mw'isi.”
[30] Uwo ni we navuze nti: “Inyuma yanje hazoza umuntu yari uwo imbere kuri jewe, kuko yariho ntarabaho.
[31] Nanje sinaribwamumenye, ariko kugira ngo yerekwe Abisirayeli, ni co catumye nanje nza mbatiza mu mazi.”
[32] Kandi Yohana ashinga intahe ati: “Nabonye Mpwemu amanuka ava mw'ijuru asa n'inuma, aguma kuri we;
[33] kandi jewe sinaribwamubone, ariko Uwantumye kubatiza mu mazi, ni we yambariye ko uwo nzobona Mpwemu amanuka amujeko, akamugumako, ni we abatiza muri Mpwemu Yera.
[34] Nanje narabibonye, narabishingiye intahe yuko uwo ari Umwana w'Imana.”
[35] Bukeye bw'aho, Yohana yongeye guhagararana na babiri mu bigishwa biwe,
[36] yitegereza Yesu agendagenda, aravuga ati: “Nguwu Umwagazi w'intama w' Imana.”
[37] Abo bigishwa babiri bumvise uko avuga, bakurikira Yesu.
[38] Yesu akebutse, abona bamukurikiye, arababaza ati: “Murondera iki?” Baramubwira bati: “Rabi” (risobanurwa ngo Mwigisha), “usembereye hehe?”
[39] Arababwira ati: “Ni muze muharabe.” Nuko baragenda, babona aho yatse indaro, basibira aho ari uwo musi, hari nk'isaha icumi.
[40] Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, yari umwe muri abo babiri bumvise Yohana, bagakurikira Yesu.
[41] Uwo abanza kurondera mwene nyina Simoni, aramubwira ati: “Twabonye Mesiya.” (risobanurwa ngo Kristo).
[42] Amujana kuri Yesu. Yesu aramwitegereza, aramubwira ati: “Uri Simoni umwana wa Yohana; uzokwitwa Kefa” (risobanurwa ngo Petero).
[43] Bukeye bw'aho Yesu agomba kuvayo ngo aje i Galilaya, abona Filipo, aramubarira ati: “Nkurikira.”
[44] Kandi uwo Filipo, i wabo ni i Betsayida, igisagara c'i wabo wa Andereya na Petero.
[45] Filipo abona Natanayeli, aramubwira ati: “Uwo Mose yanditse mu vyagezwe, n'abavugishwa n'Imana bakamwandika, twamubonye, ni Yesu w'i Nazareti, umwana wa Yosefu.”
[46] Natanayeli aramubaza ati: “Mbega i Nazareti hova iciza?” Filipo aramubwira ati: “Ni uze urabe.”
[47] Yesu abona Natanayeli aza kuri we, amuvugako ati: “Ehe Umwisirayeli vy'ukuri, atarimwo uburyarya.”
[48] Natanayeli aramubaza ati: “Wamenyeye hehe?” Yesu aramwishura ati: “Filipo ataraguhamagara, aho wari musi y'umusukoni, nakubonye.”
[49] Natanayeli na we aramwishura ati: “Mwigisha, uri Umwana w'Imana, ni wewe Mwami w'Abisirayeli.”
[50] Yesu aramwishura ati: “Wijejwe n'uko ndakubwiye ko nakubonye uri musi y'umusukoni? Uzobona ibiruta ivyo.”
[51] Arongera aramubwira ati: “Ni ukuri ndababwira koko yuko muzobona ijuru rikingurutse, kandi abamarayika b'Imana baduga bamanuka ku Mwana w'umuntu.”