Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 7:08

[1] Yesu ahereje kubwira ishengero ayo majambo yose mu matwi y'abantu, aja i Kaperinawumu.

[2] Hariyo intwazangabo y'abasoda ijana, umushumba wiwe akunda cane yari arwaye, ari ku mpfiro.

[3] Yumvise inkuru ya Yesu, imutumako abashingantahe b'Abayuda kumwinginga, ngo aze gukiza umushumba wiwe.

[4] Na bo bashitse aho Yesu ari, baramwinginga cane bati: “Birabereye ko umugirira utyo,

[5] kuko akunda ubwoko bwacu, n'urusengero rwacu ni we yarutwubakiye.”

[6] Yesu ajana na bo. Ashitse hafi y'inzu, ya ntwazangabo imutumako incuti ziwe ati: “Mugenzi, nturinde kwigora, kuko bitambereye ko winjira mu nzu yanje;

[7] ni co catumye niyumvira ko bitambereye ko noza aho uri. Ariko vuga ijambo gusa, uwo muhungu arakira.”

[8] Kuko nanje ndi umuntu agendera musi y'abanganza, mfise abasoda ntwara. Iyo mbariye umwe nti: “Genda,” aragenda; n'uwundi nti: “Ngwino,” akaza; nabarira umushumba wanje nti: “Kora iki,” akagikora.

[9] Yesu yumvise ivyo, aramutangarira, ahindukirira ishengero rimukurikiye ati: “Ndababwire, Sinaribwabone ukwizera kungana gutyo no mu Bisirayeli.”

[10] Abatumwe basubiye mu nzu, basanga wa mushumba akomeye.

[11] Hashize igihe gitoya, aja mu gisagara citwa Nayini; abigishwa biwe n'ishengero ryinshi bajana na we.

[12] Ashitse hafi y'irembo ry'igisagara, hasokoroka abagiye guhamba umuntu, yari ikinege, kandi nyina yari umupfakazi. Abantu benshi bo muri ico gisagara bari kumwe na we bamuherekeje ku maziko.

[13] Umwami Yesu amubonye amutera akagongwe, aramubarira ati: “Nta co urira.”

[14] Yigira hafi y'inderuzo, ayikorako, abari bayikoreye barahagarara. Aravuga ati: “Muhungu, ndakubariye nti: 'Vyuka.'”

[15] Uwari yapfuye aravyuka, aricara, atangura kuvuga; Yesu amuha nyina.

[16] Bose baterwa n'ubwoba, bahimbaza Imana bati: “Uwuvugishwa n'Imana ahambaye aserutse muri twebwe; kandi Imana igendeye abantu bayo.”

[17] Iyo nkuru yiwe ikwira i Yudaya hose no mu gihugu cose gihereranye na ho.

[18] Abigishwa ba Yohana bamudondera ivyo vyose.

[19] Yohana ahamagara babiri mu bigishwa biwe, abatuma ku Mwami Yesu ngo bamubaze ko ari wa wundi akwiye kuza, canke ko bitega uwundi.

[20] Abo bagabo bamushikiriye, baramubwira bati: “Yohana Umubatizi yakudutumyeko, ngo tukubaze ko uri wa wundi canke ko twitege uwundi?”

[21] Muri ako kanya akiza benshi indwara n'ivyago n'ibisigo bibi; n'impumyi nyinshi arazihumura.

[22] Maze arabishura ati: “Ni mugende, mubarire Yohana ivyo mubonye n'ivyo mwumvise.” Impumyi zirahumuka, abacumbagira bagenda neza, abanyamibembe barakizwa, ibipfamatwi birumva, abapfuye barazurwa, aboro barabwirwa ubutumwa bwiza.

[23] Kandi Hahiriwe uwo ivyanje bitazotsitaza.”

[24] Abatumwe na Yohana bagiye, atangura kubwira ishengero ivya Yohana ati: “Mwagiye mu bugaragwa kuraba iki?” Mbega ni irenga rihungabanywa n'umuyaga?

[25] Ariko mwagiye kuraba iki? Mbega ni umuntu yambaye impuzu nziza? Erega abambara impuzu zishajije n'abidibamiye baba mu ngo z'abami.

[26] Ariko mwajanywe no kuraba iki? Umuntu avugishwa n'Imana? Ego me ni vyo; kandi ndababwire, Aruta uwuvugishwa n'Imana cane.

[27] Uwo ni we yanditswe, ngo Umve, ngira ntume integuza yanje imbere y'amaso yawe, Ikuroranirize inzira imbere yawe.

[28] Ndababwire, Mu bavyawe n'abagore nta wuruta Yohana; ariko umutoya mu bwami bw' Imana aramuruta.

[29] Kandi abantu bose n'abatozakori bumvise Yohana bemeye ukugororoka kw' Imana, kuko babatijwe na Yohana.

[30] Ariko Abafarisayo n'abigisha ivyagezwe bibujije inama z'Imana, kuko batabatijwe na we.

[31] Nuko abantu b'iki gihe ndabagereranya ni iki, kandi basa ni igiki?

[32] Basa n'abana bicaye mw'isoko bahamagarana bati: 'Twavugije imyironge, ntimwatamba; twakomye induru, ntimwarira.'

[33] Yohana Umubatizi yaje atarya umutsima, atanywa umuvinyu, mugira muti: 'Ahagazweko na dayimoni.'

[34] Umwana w'umuntu yaje arya, anywa, mugira muti: 'Nguwu umukunzi w'inda kandi ari n'umunoho w'umuvinyu, incuti y'abatozakori n'abanyavyaha.'

[35] Kandi ubwenge bw'Imana bwerekanwa ko ari ubwo ukuri n'abana babwo bose.

[36] Maze umwe mu Bafarisayo aramuhamagara ngo amuzimane. Yinjira mu nzu y'uwo Mufarisayo, aricara ngo arye.

[37] Umugore wo muri ico gisagara, yari umunyavyaha, amenye yuko arira mu nzu y'uwo Mufarisayo, azana agacupa k'amavuta amota cane.

[38] Ahagarara inyuma yiwe, hafi y'ibirenge vyiwe, arira. Atangura kumutonyangiriza amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe. Arabisomagura, abisiga ya mavuta.

[39] Wa Mufarisayo yamuhamagaye abibonye, aribwira ati: “Uwu muntu iyo aba uwuvugishwa n'Imana, yari kumenya uwu mugore amukozeko, uko ari n'uko asa, ko ari umunyavyaha.”

[40] Yesu aramubwira ati: “Simoni, mfise ico ngomba kukubwira.” Aramwishura ati: “Mbarira, Mwigisha.”

[41] Aramubwira ati: “Habaye umuntu yagurana, hariho abantu babiri bamufitiye umwenda. Umwe yari amufitiye idenariyo amajana atanu, uwundi mirongo itanu.

[42] Maze badafise ico kumwishura, azibahebera bompi. Mbega uwuzorushiriza kumukunda ni uwuhe?

[43] Simoni aramwishura ati: “Ngira ngo ni uwo yahebeye nyinshi.” Na we aramubwira ati: “Uvuze ukuri.”

[44] Ahindukiriye wa mugore, abwira Simoni ati: “Urabona uwu mugore?” Ninjiye mu nzu yawe, ntiwampa amazi yo kwoga ibirenge; ariko uwu antonyangirije amosozi ku birenge, abihanaguza umushatsi wiwe.

[45] Ntiwansomye; ariko uwu uhereye aho ninjiriye ntiyasizeho kunsomagura ibirenge.

[46] Ntiwansutse amavuta ku mutwe; ariko uwu ansize amavuta amota cane ku birenge.

[47] Iki ni co gitumye ndakubwira yuko ahariwe vya vyaha vyiwe vyinshi; kuko yagize urukundo rwinshi; ariko uhariwe bike agira urukundo ruke.

[48] Abwira wa mugore ati: “Urahariwe ivyaha vyawe.”

[49] Maze abasangira na we batangura kwibaza bati: “Uwo ni nde, ko aharira n'ivyaha?”

[50] Abwira wa mugore ati: “Ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro.”

Luka — Chapters