[1] Kw'isabato agenda aca mu mirima y'ingano; abigishwa biwe bamyoza ingano, barazihekenya, bazivungavunze mu minwe.
[2] Bamwe mu Bafarisayo barababaza bati: “Ni igiki gitumye mukora ikizira gukorwa kw'isabato?”
[3] Yesu na we arababaza ati: “Nta ho murigera musoma ivyo Dawidi yakoze, aho yari ashonje, asonzanye n'abari kumwe na we;
[4] ingene yinjiye mu nzu y'Imana, akakira imitsima yagenewe gushikanirwa Imana, akayirya, akayihako n'abari kumwe na we, ari umuziro kuribwa, uretse abaherezi bonyene?
[5] Kandi arababwira ati: “Umwana w'umuntu ni Umwami w'isabato.”
[6] Ku yindi sabato yinjira mu rusengero rw'Abayuda, arigisha; kandi hari umuntu anyunyutse ukuboko kw'i buryo.
[7] Abahinga b'ivyanditswe bo n'Abafarisayo baramugenza ngo barabe ko akiza kw'isabato, ngo baronke ingene bomurega.
[8] Na we amenya ivyo biyumvira; abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati: “Va hasi, uhagarare hagati.” Ava hasi, arahagarara.
[9] Yesu arababwira ati: “Ndababaze, mbega ivyemerwa ni ugukora ivyiza kw'isabato, canke ni ugukora ibibi; gukiza umuntu, canke kumwica?”
[10] Aberaguzamwo amaso bose, aramubarira ati: “Ramvura ukuboko kwawe.” Arabigira, ukuboko kwiwe kurakira.
[11] Ariko bo birabasaza rwose, baja inama y'ico bogira Yesu.
[12] Muri iyo misi avayo, aja ku musozi gusenga. Akesha ijoro asenga Imana.
[13] Ijoro rikeye, ahamagara abigishwa biwe, atoranyamwo icumi na babiri, abita intumwa.
[14] Simoni, uwo yise Petero, Andereya mwene nyina, Yakobo, Yohana, Filipo, Barutolomayo,
[15] Matayo, Toma, Yakobo umwana wa Alufayo, Simoni yitwa Zelote,
[16] Bari Yuda umwana wa Yakobo na Yuda Isikaryota yabaye umuguranyi.
[17] Amanukana na bo, ahagarara ahateze, kandi hariho ishengero ryinshi ry'abigishwa biwe, n'ishengero ryinshi ry'abantu bavuye i Yudaya hose n'i Yerusalemu no mu gihugu co muri Tiro n'i Sidoni gihereranye n'ikiyaga kinini, baje kumwumva no gukizwa indwara zabo.
[18] Kandi n'abababazwa n'impwemu zihumanye barakizwa.
[19] Kandi ishengero ryose rigerageza kumukorako, kuko ubushobozi bwamuvamwo bukabakiza bose.
[20] Yunamurira amaso abigishwa biwe arababwira ati: “Murahiriwe mwebwe aboro; kuko ubwami bw' Imana ari ubwanyu.
[21] Murahiriwe mwebwe mushonje ubu, kuko muzohazwa. Murahiriwe mwebwe murira ubu, kuko muzotwenga.
[22] Muzoba muhiriwe abantu ni babanka bakabaca, bakabatuka, bakanegura izina ryanyu nk'aho ari ribi, babahoye Umwana w'umuntu.
[23] Uwo musi muzonezererwe mwitere hejuru, kuko impera yanyu ari nini mw'ijuru; kuko ari ko ba sekuruza babo bagize abavugishwa n'Imana.
[24] Ariko muzobona ibara, mwebwe abatunzi; kuko muhejeje gutunganirwa.
[25] Muzobona ibara, mwebwe muhaze ubu; kuko muzosonza. Muzobona ibara, mwebwe mutwenga ubu; kuko muzoboroga murira.
[26] Muzobona ibara, aho abantu bose bazobashemagiza; kuko ari ko ba sekuruza babo bashemagije abigira abavugishwa n'Imana.
[27] Ariko mwebwe mwumviriza ndababwire: “Ni mukunde abansi banyu, mugirire neza ababanka.”
[28] Muhezagire ababavuma, musabire ababagirira nabi.
[29] Uwugukubise mu musaya, umuhindukirize n'uwundi; uwukwaka umutamana, ntumwime n'ikanzu.
[30] Uwugusaba wese umuhe, uwunyaga ivyawe ntuzosubire kubimwaka.
[31] Kandi uko mugomba ko abantu babagirira, mube ari ko mubagirira namwe.
[32] Kandi ni mwakunda ababakunda, muzoshimwa iki? Kuko abanyavyaha na bo bagira batyo.
[33] Kandi ni mwagirira neza ababagirira neza, muzoshimwa iki? Kuko abanyavyaha na bo bagira batyo.
[34] Kandi ni mwagurana abo muziga ko bazobishura, muzoshimwa iki? Abanyavyaha na bo bagurana abandi banyavyaha, ngo bishurwe nk'ivyabo.
[35] Ariko mukunde abansi banyu, mubagirire neza, mugurane abantu, mutaziga ko muzokwishurwa; kandi impera zanyu zizoba nyinshi, namwe muzoba abana b'Iyisumbavyose; kuko igirira neza intashima n'ababi.
[36] Mugire imbabazi, nk'uko So agira imbabazi.
[37] Kandi ntimugahinyurire mu mitima yanyu, namwe mukazohinyurwa; kandi ntimugatsindishe, namwe mukazotsindishwa. Mubohore, namwe muzobohorwa. Mutange, namwe muzohabwa.
[38] Ingero nziza, itsindagiye, inyingishe, isesekaye, ni yo bazobaha mu co muteze. Kuko ingero mugeramwo ari yo muzosubirizwamwo namwe.
[39] Kandi abacira umugani ati: “Mbega impumyi yoshobora kujana iyindi mpumyi?” Zompi ntizogwa mu cobo?
[40] Umwigishwa ntaruta umwigisha wiwe, ariko umwigishwa wese arangije azoba nk'umwigisha wiwe.
[41] Urabira iki akabango kari mu jisho rya mugenzawe, ikigiga kiri mu jisho ryawe ntucitegereze?
[42] Woshobora ute kubwira umuvukanyi wawe uti: “Zana muvukanyi ndagutosore ikigiga kiri mu jisho ryawe; nawe ubwawe nturabe ikigiga kiri mu jisho ryawe? Wa ndyarya we, banza witosore ikigiga kiri mu jisho ryawe, uheze ubone neza gutosora akabango kari mu jisho ry'umuvukanyi.
[43] Kuko ata giti ciza cama ibibi, kandi nta giti kibi cama ivyiza.
[44] Igiti cose kimenyekanira ku vyo camye. Nta bokwamura insukoni ku munyinya, canke inzabibu ku mukere.
[45] Umunyangeso nziza akura ivyiza mw'itunga ryiza ryo mu mutima wiwe, n'umunyangeso mbi akura ibibi mw'itunga ribi. Ibibogaboga mu mutima ni vyo akanwa kiwe kavuga.
[46] Kandi mumpamagarira iki ngo Mwami, Mwami; ntimukore ivyo mvuga?
[47] Umuntu wese aza aho ndi, akumva amajambo yanje, akayakora, ndabereka uko asa.
[48] Asa n'umuntu yubaka inzu, yimvye hasi cane, akubaka umushinge ku rutare. Maze umugezi wuzuye usurira kuri iyo nzu, ntiwashobora kuyinyiganyiza, kuko yubatswe neza.
[49] Ariko uwumva, ntabikore, asa n'umuntu yubatse inzu ko ivu, atimvye umushinge; maze umugezi uyisurirako, ica irasenyuka, uguhomvoka kw'iyo nzu kwabaye ugukomeye.