Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 2:40

[1] Maze isabato ishize, Mariya Magadalene, Mariya nyina wa Yakobo na Salome bagura ibimota neza, ngo baje kubimusiga.

[2] Kandi mu mutwenzi ku wa mbere w'imisi indwi barazinduka, bashika ku mva izuba rirashe.

[3] Barabazanya bati: “Ni nde yodutembagariza ikibuye co ku munwa w'imva?”

[4] Maze bunamuye amaso babona ca kibuye catembagajwe cavuyeho, kandi cari kinini cane.

[5] Maze binjiye mu mva, babona umusore yicaye mu ruhande rw'i buryo, yambaye imvune yera, barumirwa cane.

[6] Arababwira ati: “Nta co mwumirwa, ndazi yuko murondera Yesu Umunyanazareti umwe yabambwa; none yazutse, ntari hano; ehe, raba aho bari bamushize!”

[7] Ariko ni mugende mubwire abigishwa biwe na Petero muti: “Arabitangira imbere kuja i Galilaya, iyo ni ho muzomubonera, nk'uko yababwiye.”

[8] Bava mu mva, barahunga, kuko bari bafashwe n'ubwoba bwinshi n'akumiza, maze ntibagira ico babwira umuntu n'umwe, kuko batinye. [

[9] Yesu amaze kuzuka mu mutwenzi ku wa mbere w'imisi indwi, abanza kwiyereka Mariya Magadalene, uwo yasenzemwo abadayimoni indwi.

[10] Uwo aragenda, abibarira ababana na we, asanga bababaye barira.

[11] Na bo bumvise ko ari muzima, kandi ko yamwiboneye, ntibavyemera.

[12] Hanyuma y'ivyo yiyereka babiri muri bo, afise iyindi shusho, bagenda baja mu misozi.

[13] Na bo nyene baragenda, babibwira abasigaye, maze ntibabemerera na bo.

[14] Hanyuma yiyereka bamwe icumi n'umwe, bicaye bariko bararya, abagaya ukutizera kwabo no gukomantara kw'imitima yabo, kuko batemereye abamubonye, amaze kuzuka.

[15] Arababarira ati: “Mugende muje mu bihugu vyose, mubwire abaremwe bose ubutumwa bwiza.

[16] Uwizera akabatizwa azokizwa, ariko uwutizera azotsindwa n'urubanza.

[17] Kandi ibimenyetso bizokwama biboneka ku bizera ni ibi: bazosenda abadayimoni mw'izina ryanje; bazovuga indimi nshasha;

[18] bazofata inzoka; ni banywa ikintu cica, nta co kizobagira na gatoya; bazorambika ibiganza ku barwaye, bakire.”

[19] Kandi Umwami Yesu ahejeje kubibabarira, aduzwa mw'ijuru, avyagira i buryo bw'Imana.

[20] Abo bavayo, bigisha hose, Umwami Yesu akorana na bo, ijambo ryiwe arishingishiriza intahe ibimenyetso birikurikira. Amina.]

Mariko — Chapters