[1] Ni ukuri ni ukuri ndababwire, uwudaca mw'irembo ry'urugo rw'intama, ariko akuririra ahandi, uwo aba ari igisuma n'umwambuzi.
[2] Ariko uwuca mw'irembo ni we mwungere w'intama.
[3] Umurarizi w'irembo aramwugururira, kandi intama zumva ijwi ryiwe; ahamagara intama ziwe mu mazina yazo, akaziturutsa.
[4] Kandi iyo amaze guturutsa iziwe zose, azija imbere, zikamukurikira kuko zizi ijwi ryiwe.
[5] Ariko uwo zitazi ntizomukurikira na mba, zomuhunga, kuko zitazi amajwi y'abandi.
[6] Yesu abacira uwo mugani, ariko bo ntibatahura ivyo ababwira ivyo ari vyo.
[7] Nuko Yesu yongera kubabwira ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire, ni jewe rembo ry'intama.”
[8] Abanyitangiye imbere bose bari ibisuma n'abambuzi, ariko intama ntizabumviye.
[9] Ni jewe rembo, kandi uwushika mu rugo wese aciye muri jewe arakizwa; agataha, agaturuka, akaronka ubwatsi butotahaye.
[10] Igisuma ntikizanwa n'ikindi, atari ukwiba, ukwica n'ugutikiza; nayo jeho nazanywe no kugira ngo zironke ubugingo, kandi ngo ziburonke busagutse.
[11] Ni jewe mwungere mwiza; umwungere mwiza yigura intama ziwe.
[12] Ariko umucangero, atari umwungere bwite, n'intama ntizibe iziwe, iyo abonye ibingira rije, ata intama, agahunga, ibingira rikazisahura, rikazishwiragiza.
[13] Arahunga, kuko ari umucangero, atababaye intama.
[14] Ni jewe mwungere mwiza, ndazi izanje, n'izanje ziranzi,
[15] nk'uko Data anzi, nanje nkamumenya; kandi ndigura intama zanje.
[16] Kandi mfise n'izindi ntama zitari izo muri uru rugo, na zo nyene birankwiye kuzija imbere, zizokwumva ijwi ryanje, hazoba umukuku umwe n'umwungere umwe.
[17] Igituma Data ankunda, ni uko ndekura ubugingo bwanje, ngo mpeze nsubire kubwakira.
[18] Nta n'umwe abunyaka, kuko ndaburekura kubwanje; mfise ububasha bwo kuburekura, mfise n'ububasha bwo gusubira kubwakira. Ico ni co cagezwe nahawe na Data.”
[19] Abayuda bongera kumupfa kubwo ayo majambo,
[20] benshi muri bo bati: “Arimwo dayimoni, kandi yasaze; mumwumviririza iki?”
[21] Abandi bati: “Erega ayo majambo si nk' ayo uwuhagazweko na dayimoni; mbega dayimoni arashobora guhumura amaso y'impumyi?”
[22] Maze haza imisi mikuru yo kwibuka uguhumanurwa kw'urusengero i Yerusalemu, hari mu rushana.
[23] Yesu agendagenda mu rusengero mw'ibaraza rya Salomo.
[24] Abayuda baramukikiza, baramubaza bati: “Mbega uzotujuragiza kugeza ryari?” Asangwa uri Kristo bidufoborere.
[25] Yesu arabishura ati: “Narababwiye, ariko ntimwizera. Ibikorwa nkora mw'izina rya Data, ni vyo binshingira intahe.
[26] Ariko ntimwizera, kuko mutari abo mu ntama zanje.
[27] Ababaye intama zanje bumva ijwi ryanje, nanje ndabazi, na bo barankurikira,
[28] kandi nanje ndabaha ubugingo budashira, nta ho bazokwigera bapfa rubi gushitsa ibihe bidashira, kandi nta wushobora kubanshikura mu kuboko kwanje.
[29] Data yabampaye ni we aruta bose; nta wushobora kubashikura mu kuboko kwa Data.
[30] Jewe na Data turi umwe.”
[31] Buno Abayuda bongera gutora amabuye, ngo bayamutere.
[32] Yesu arababwira ati: “Naberetse ibikorwa vyiza vyinshi bivuye kuri Data, ikibatuma kuntera amabuye muri ivyo bikorwa ni ikihe?”
[33] Abayuda baramwishura bati: “Ntituguterera amabuye ku bwo igikorwa ciza, ariko ni kuko watyojeje Imana; kuko wewe uri umuntu ukigira Imana.”
[34] Yesu arabishura ati: “Mbega ntihanditswe mu vyagezwe vyanyu, ko navuze nko muri imana?”
[35] None ko yabise imana, bamwe ijambo ry'Imana ryashitseko (kandi ivyanditswe ntibishobora guhinduka),
[36] mwebwe mubwira mute uwo Data yejeje, akamutuma mw'isi, ko atyojeje Imana, kuko navuze nti: “Ndi Umwana w' Imana?
[37] Asangwa ntakora ibikorwa vya Data, ntimunyemere;
[38] ariko ni nabikora, naho jewe mutanyemera, mupfe kwemera ibikorwa, kugira ngo mumenye, mutahure, yuko Data ari muri jewe, nanje nkaba muri Data.
[39] Nuko bongera kurondera ingene bomufata, abava mu maboko.
[40] Avayo, yongera kuja hakurya ya Yorodani, ha hantu Yohana yabatiriza ubwa mbere, agumayo.
[41] Benshi baza kuri we; baravuga bati: “Yohana nta kimenyetso yakoze, ariko ivyo Yohana yavuze vyose kuri uwo vyari ivyo ukuri.”
[42] Kandi benshi bamwizererayo.