[1] Umwami Yesu amenye ko Abafarisayo bumvise yuko aronka abigishwa benshi, kandi abatiza benshi, arusha Yohana,
[2] (ariko Yesu ubwiwe si we yabatiza, bari abigishwa biwe),
[3] ava i Yudaya, asubira i Galilaya.
[4] Yumva akwiye guca i Samariya.
[5] Nuko ashika ku gisagara c'i Samariya citwa Sukara, hafi y'umusozi Yakobo yahaye Yosefu, umuhungu wiwe,
[6] kandi aho hari iriba rya Yakobo. Yesu ananijwe n'urugendo apfa kwicara kw'iriba, hari nk'isaha zitandatu.
[7] Haza umugore w'Umusamariyakazi kuvoma; Yesu aramubwira ati: “Ni umpe utwo kunywa.”
[8] Kuko abigishwa biwe bari bagiye mu gisagara kugura indya.
[9] Uno Musamariyakazi aramubaza ati: “Wewe uri Umuyuda, none unsaba amazi ute, jewe ndi Umusamariyakazi?” (Ni kuko Abayuda n'Abasamariya banenana.)
[10] Yesu aramwishura ati: “Iyo uba wari uzi ingabire y'Imana, ukamenya n'uwugusavye ngo Mpa utwo kunywa uwo ari we, nawe uba umusavye, na we akaguha amazi y'ubugingo.”
[11] Wa mugore aramwishura ati: “Mugenzi, ko ata co kuvomesha ufise, kandi iriba rikaba ari rirerire, ubwo ayo mazi y'ubugingo uyakura hehe?”
[12] Mbega uruta sogokuruza wacu Yakobo, yaduhaye iri riba, yanywa amazi yaryo, ubwiwe n'abana biwe, n'amasho yiwe?”
[13] Yesu aramwishura ati: “Uwunywa kuri ayo mazi wese azosubira kugira inyota;
[14] ariko uwunywa amazi nzomuha, ntazoba akigira inyota na mba gushitsa ibihe vyose, ariko amazi nzomuha azohinduka muri we imbizi y'amazi yiburuka azana ubugingo budashira.”
[15] Uwo mugore aramubwira ati: “Mugenzi, mpa rero ayo mazi, sinzogire inyota, kandi sinzogaruka kuvoma ino hose.”
[16] Yesu aramubwira ati: “Genda uhamagare umugabo wawe, uheze ugaruke ino.”
[17] Uwo mugore aramwishura ati: “Nta mugabo mfise.” Yesu aramubwira ati: “Uvuze ko, ko ugize ngo nta mugabo ufise,
[18] kuko wari ufise abagabo batanu, ariko uwo ufise ubu si umugabo wawe; ivyo ubivuze ukuri.”
[19] Uno mugore aramubwira ati: “Mugenzi, ndabona ko uri umuntu avugishwa n'Imana.
[20] Ba sogokuruza bacu basengera kuri uwo musozi, ariko mweho mugira ngo i Yerusalemu ni ho hantu hakwiye gusengerwa.
[21] Yesu aramubwira ati: “Nyizera nyina wanje; igihe kija kuza, si kuri uwo musozi canke i Yerusalemu muzosengera Data.
[22] Mwebwe musenga ico mutazi; tweho dusenga ico tuzi, kuko agakiza gaturuka mu Bayuda.
[23] Ariko igihe kiza, kandi kirashitse, ni ho abasenga b'ukuri bazosengera Data mu mpwemu no mu kuri, kuko Data arondera abamusenga bameze batyo.
[24] Imana ni Mpwemu, kandi abayisenga bakwiye kuyisenga mu mpwemu no mu kuri.”
[25] Nya mugore aramubwira ati: “Ndazi ko Mesiya azoza yitwa Kristo; uwo aho azozira ni we azoduserurira vyose.”
[26] Yesu aramubwira ati: “Ni jewe nyene turiko turavugana.”
[27] Buno abigishwa biwe barashika, batangazwa n'uko avugana n'umugore; ariko nta wavuze ati: “Urondera iki? Canke ngo Muvuganira na we iki?”
[28] Maze uno mugore asiga umubindi wiwe hano, asubira mu gisagara, abwira abantu
[29] ati: “Ni muze murabe umuntu ambariye ivyo nakoze vyose; namba ari we Kristo?”
[30] Bava mu gisagara ngo bamusange iyo ari.
[31] Batarashika, abigishwa baramwinginga bati: “Mwigisha, ehe fungura.”
[32] Arabishura ati: “Jewe mfise ivyo kurya mwebwe mutazi.”
[33] Abigishwa barabazanya bati: “Mbega hari uwamuzaniye ivyo kurya?”
[34] Yesu arababwira ati: “Indya zanje ni ugukora ico uwantumye agomba, no guheraheza igikorwa ciwe.”
[35] Mbega mwebwe ntimuvuga ngo hasigaye amezi ane iyimbura rikagera? Ehe ndababwire, ni mwunamure amaso yanyu murabe imirima ireze igeze kwimbura.
[36] Umwimbuzi aragererwa, yegeraniriza ivyimburwa mu bugingo budashira; kugira ngo uwubiba n'uwimbura banezeranwe.
[37] Kuko muri ivyo ari ho iri jambo rimenyekanira ko ari iryo ukuri, ngo Habiba umwe, hakimbura uwundi.
[38] Nabatumye kwimbura ibitabatamije; abandi baratamye, namwe mwashikiye mu vy'ubutame bwabo.
[39] Benshi mu Basamariya bo muri ico gisagara bamwizera ku bwo amajambo ya wa mugore, yavuze ashinga intahe ati: “Ambariye ivyo nakoze vyose.”
[40] Maze Abasamariya baje aho ari, baramwinginga ngo agume i wabo; asibirayo kabiri.
[41] Hizera abandi benshi baruta aba mbere, kuko biyumviye ijambo ryiwe;
[42] maze babwira uwo mugore bati: “Ubu ho ntitwizeye ku bwo amajambo yawe gusa, kuko natwe twiyumviye kandi tumenye ko uwu ari Umukiza w'isi vy'ukuri.”
[43] Iyo misi ibiri ishize, avayo aja i Galilaya.
[44] Kandi Yesu ubwiwe yashinze intahe yuko umuntu avugishwa n'Imana atagira icubahiro mu ntara y'i wabo.
[45] Ashitse i Galilaya, Abanyagalilaya baramwakira, kuko babonye ivyo yakoreye i Yerusalemu vyose muri ya misi mikuru, kuko na bo bari bagiyeyo mu misi mikuru.
[46] Maze asubira kuja i Kana i Galilaya, hamwe yahindurira amazi agacika umuvinyu. Hari umutware atwarira umwami, umwana wiwe w'umuhungu yari arwariye i Kaperinawumu;
[47] uwo yumvise ko Yesu avuye i Yudaya ashitse i Galilaya, aza kuri we, aramwinginga ngo amanuke gukiza umwana wiwe, kuko yari ku mpfiro.
[48] Yesu aramubwira ati: “Iyo mutabonye ibimenyetso n'ibitangaza nta ho mwizera na mba.”
[49] Uwo mutware ati: “Mugenzi, ngwino se umanuke umwana wanje atarapfa.”
[50] Yesu aramubarira ati: “Ni wigire, umwana wawe ni muzima.” Uwo muntu yizera ijambo Yesu amubwiye, aragenda.
[51] Ariko aramanuka abantu biwe baramusanganira bati: “Umwana wawe ni muzima.”
[52] Abasiguza cane igihe yatanguye kworoherwa. Baramubwira bati: “Ejo, kw'isaha indwi, ni ho umururumbo wamuvuyeko.”
[53] Maze se aca amenya ko hari muri nya saha nyene Yesu yamubwiriyemwo ati: “Umwana wawe ni muzima.” Arizera ubwiwe n'abo mu rugo rwiwe bose.
[54] Ico ni co kimenyetso ca kabiri Yesu yakoze, avuye i Yudaya ashitse i Galilaya.