[1] Hanyuma y'ivyo Yesu agendagenda i Galilaya; ntiyashaka kugendagenda i Yudaya kuko Abayuda barondera ingene bomwica.
[2] Imisi mikuru y'Abayuda yitwa iyo Amahema yariko irashika.
[3] Nuko abavukanyi biwe baramubwira bati: “Ni uve ino, uje i Yudaya, abigishwa bawe na bo barabe ibikorwa ukora;
[4] kuko ata wogira ico akora mu mpisho, na we ngo arondere kumenyekana. Ko ukora ivyo, ni wiserure mu b'isi.”
[5] Kuko n'abavukanyi biwe na bo batamwizera.
[6] Maze Yesu arabishura ati: “Igihe canje ntikiragera, ariko igihe canyu co, cama kiriho.
[7] Abo isi ntibabanka, ariko jewe baranyanka, kuko ndabavugira ibikorwa vyabo ko ari bibi.
[8] Mwebwe ni muduge kumara iyo misi mikuru, ariko jeho sindayidugako, kuko igihe canje kitaragera.
[9] Ababwiye ivyo, aguma i Galilaya.
[10] Abavukanyi biwe bamaze kuduga i Yerusalemu kumara iyo misi mikuru, na we araduga, ntiyiyerekana, ariko agenda mu mpisho.
[11] Maze Abayuda bamurondera muri iyo misi mikuru bati: “Mbega wa wundi ari hehe?”
[12] Haba ivyongoshwe vyinshi mw'ishengero bamuvuga, bamwe bati: “Ni umuntu mwiza,” abandi bati: “'Oya, arazimiza abantu.'”
[13] Ariko nta n'umwe yamuvuze atobora, kuko batinya Abayuda.
[14] Ya misi mikuru igeze hagati, Yesu aduga mu rusengero, arigisha.
[15] Abayuda baratangara bati: “Mbega uwu yakuye ubwenge hehe, atigishijwe?”
[16] Maze Yesu arabishura ati: “Izi nyigisho zanje si izanje, ni izo uwantumye.
[17] Ni haba hari uwugomba gukora ivyo uwo akunda, azomenya izi nyigisho, ko zavuye ku Mana, canke ko ndabivuga ndavyigeneye.
[18] Uwuvuga ivyo yigeneye aba yironderera icubahiro; ariko uwurondera icubahiro c'uwamutumye, ni we w'ukuri, kandi nta kugabitanya kuba kuri muri we.
[19] Mbega Mose si we yabahaye ivyagezwe? Ariko muri mwebwe nta n'umwe yitondera ivyo vyagezwe. Muronderera iki kunyica?”
[20] Ishengero riramwishura riti: “Urimwo dayimoni! Ni nde ashaka kukwica?”
[21] Yesu arabishura ati: “Nakoze igikorwa kimwe, mwese muratangara.”
[22] Mose yabahaye guhimbura igikoba c'ubugabo mugabo ntikwavuye kuri Mose, ni kuri ba sogokuruza banyu kandi muhimbura igikoba c'ubugabo umuntu kw'isabato.
[23] None se, ko umuntu ahimburwa igikoba c'ubugabo kw'isabato, kugira ngo icagezwe ca Mose ntimukirenge, none jewe mumpora iki ko kw'isabato nakijije umuntu akwiye?
[24] Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z'ukuri.
[25] Bamwe mu b'i Yerusalemu baravuga bati: “Mbega uwo Si we bashaka kwica?”
[26] Ehe avuga akararamango, nta co baruha bamubwira. Mbega harya abakuru bemeye vy'ukuri ko uyo ari we Kristo?
[27] Uwo ko tuzi aho yaturutse, ariko Kristo aho azozira, nta wuzi aho azoturuka.
[28] Nuko Yesu arasemerera yigisha mu rusengero ati: “Jewe muranzi, n'aho naturutse murahazi, kandi sinaje nitumye, ariko uwantumye n'uwo ukuri, mwebwe ntimumuzi;
[29] jeho ndamuzi, kuko navuye kuri we, kandi ari we yantumye.”
[30] Buno barondera ingene bomufata, ariko ntihagira uwumukozako n'intoke, kuko igihe ciwe kitaribwagere.
[31] Benshi mw'ishengero baramwizera baravuga bati: “Kristo ni yaza, mugira ngo azokora ibitangaza vyinshi birengeye ivyo uwu akora?”
[32] Abafarisayo bumvise ko ishengero rimuvugavuganako ivyo mu twongoshwe, abaherezi bakuru n'Abafarisayo batuma abagendanyi kumufata.
[33] Maze Yesu aravuga ati: “Hasigaye igihe gito nkiri kumwe namwe, hanyuma nkaja ku wantumye.
[34] Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi iyo nzoba ndi ntimuzoshobora gushikayo.”
[35] Maze Abayuda baravugana bati: “Mbega uwo agira aje hehe, aho twebwe tutazoshobora kumubona? Agira aje mu basabagiriye mu Bagiriki, ngo azokwigishe Abagiriki?
[36] Mbega iryo jambo atubwiye ni iriki, ngo Muzondondera, ariko ntimuzombona, kandi ngo iyo nzoba ndi mwebwe ntimuzoshobora gushikayo?”
[37] Nuko ku musi uherukira ya misi mikuru, ni wo musi uruta iyindi, Yesu arahagarara, arasemerera ati: “Namba hari uwufise inyota, ni aze kuri jewe, anywe.
[38] Uwunyizera, inzuzi z'amazi y'ubugingo zizotemba ziva mu nda yiwe, nk'uko ivyanditswe bivuga.”
[39] Ariko ivyo yabivuze kuri Mpwemu, uwo abamwizera bagira bahabwe; kuko Mpwemu ataribwatangwe, kuko Yesu ataribwashike mu bwiza bwiwe.
[40] Bamwe mw'ishengero bumvise ayo majambo bati: “Ni ukuri uwu ni wa muntu avugishwa n'Imana.”
[41] Abandi bati: “Uwu ni we Kristo. Abandi bati: “Oya, mbega Kristo yova i Galilaya?
[42] Mbega icanditswe ntikivuga ko Kristo azova mu ruvyaro rwa Dawidi, i Betelehemu, wa musozi Dawidi yabako?”
[43] Ishengero riramupfa,
[44] bamwe muri bo bashaka kumufata, ariko ntihagira n'umwe amukozako n'intoke.
[45] Nuko ba bagendanyi basubira ku baherezi bakuru n'Abafarisayo, na bo barababaza bati: “Ko mutamuzanye?”
[46] Abagendanyi barabishura bati: “Erega ntihigeze kuboneka umuntu avuga nka we.”
[47] Abafarisayo barababaza bati: “Mbega namwe mwajimijwe?
[48] Hari umukuru n'umwe yamwizeye, canke Umufarisayo?”
[49] Ariko abo bantu batazi ivyagezwe ni ibivume.
[50] Nikodemu, umwe yaza kuri we mbere, yari umwe muri bo, arababaza
[51] ati: “Mbega ivyagezwe vyacu biratsindisha umuntu batabanje kumwumva no kumenya ico yakoze?”
[52] Baramwishura bati: “Mbega nawe uri uwo i Galilaya? Soma witonze urabe yuko hari uwuvugishwa n'Imana yova i Galilaya.” [
[53] Bose baca baritahira.