Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:16

[1] Ariko arahita, abona umuntu yavutse ari impumyi.

[2] Abigishwa biwe baramubaza bati: “Mwigisha, ni nde yakoze icaha, ni uwo, canke ni abavyeyi biwe, ko yavutse ari impumyi?”

[3] Yesu arabishura ati: “Uwu ntiyakoze icaha, kandi si abavyeyi biwe, ariko ni ukugira ngo ibikorwa vy'Imana bibonekere kuri we.”

[4] Twebwe dukwiye gukora ibikorwa vy'uwantumye hakibona; buhava bwira, ata wugishobora gukora.

[5] Nkiri mw'isi, ndi umuco w'isi.”

[6] Avuze ivyo, acira amate hasi, avurungisha amate utwondo, araheza amusiga utwo twondo ku maso;

[7] aramubarira ati: “Genda wiyuhagire mu kidengeri Silowamu; (Silowamu risobanurwa ngo Mutumwa). Nuko aragenda ariyuhagira, agaruka abona.

[8] Nuko ababanyi biwe, n'abahora bamubona ko ari umusezi, barabazanya bati: “Mbega uwu si we yahora yicaye asegerereza?”

[9] Abandi bati: “Ni we;” abandi bati: “Oya, ni uwo basa.” Na we arababwira ati: “Ni jewe.”

[10] Nuko baramubaza bati: “Mbega none amaso yawe yahumutse ate?”

[11] Na we arabishura ati: “Wa muntu yitwa Yesu yavurunze utwondo, atunsiga ku maso, arambwira ko nja kuri Silowamu kwiyuhagira; nuko ndagenda, ndiyuhagira, ndahumuka.”

[12] Baramubaza bati: “Ari hehe?” Ati: “Sindahazi.”

[13] Umwe yahora ari impumyi bamujana ku Bafarisayo.

[14] Kandi uwo musi wari isabato, Yesu yavurunzeko utwondo, agahumura amaso yiwe.

[15] Abafarisayo basubira kumubaza ingene yahumutse, na we arababwira ati: “Yansize utwondo ku maso, ndiyuhagira, ndahumuka.”

[16] Bamwe mu Bafarisayo baravuga bati: “Uwo muntu ntava ku Mana, kuko ataziririza isabato.” Abandi bati: “Mbega umuntu w'umunyavyaha yoshobora ate gukora ibimenyetso bingana bityo?” Baramupfa.

[17] Basubira kubaza umwe yahora ari impumyi bati: “Weho uvuga ko ari iki, kuko yaguhumuye amaso?” Na we ati: “Ni uwuvugishwa n'Imana.”

[18] Maze Abayuda ntibemera ivyo uwo, yuko yamye ari impumyi, agaheza agahumuka, kugeza aho bahamagariye abavyeyi b'uwahumutse,

[19] barababaza bati: “Mbega uwu ni umwana wanyu, mwebwe muvuga ko yavutse ari impumyi? None yahumutse ate?”

[20] Abavyeyi biwe barabishura bati: “Uwu turazi ko ari umwana wacu, kandi ko yavutse ari impumyi;

[21] ariko icatumye abona ubu, ntitukizi, kandi n'uwamuhumuye, tweho ntitumuzi. Mumwibarize, ni umugabo, arivugira.”

[22] Abavyeyi biwe bavugiye ivyo, kuko batinya Abayuda, kuko Abayuda bari bamaze kuja ingingo, ngo umuntu wese azokwatura Yesu ko ari Kristo acibwe mu rusengero rwabo.

[23] Ni co catumye abavyeyi biwe bavuga bati: “Ni umugabo, ni mumwibarize.”

[24] Maze bahamagara ubugira kabiri wa muntu yahora ari impumyi, baramubwira bati: “Ni wubahe Imana, twebwe tuzi yuko uwo muntu ari umunyavyaha.”

[25] Na we arabishura ati: “Namba ari umunyavyaha sindabizi: ico nzi ni kimwe, ni uko nari impumyi, none nkaba mbona.”

[26] Baramubaza bati: “Yakugiriye ate? Yahumuye amaso yawe ate?”

[27] Arabishura ati: “Namaze kubibabwira ariko ntimwavyumvise. Mugombera iki gusubira kuvyumva? Mbega namwe mugomba kuba abigishwa biwe?”

[28] Baramutuka bati: “Ni wewe wenyene uri umwigishwa wiwe, nayo tweho turi abigishwa ba Mose.

[29] Twebwe tuzi yuko Imana yavuganye na Mose, ariko uwo ntituzi aho aturuka.”

[30] Wa muntu arabishura ati: “Erega biratangaje kwumva ko mutazi aho aturuka, kandi ari we yahumuye amaso yanje.

[31] Turazi ko Imana itumviriza abanyavyaha, ariko uwuyubaha, agakora ivyo igomba, uwo ni we yumviriza.

[32] Uhereye kera hose ntihumvikanye ko hari umuntu yahumuye amaso y'uwavutse ari impumyi.

[33] Iyaba uwo atavuye ku Mana, nta co yoshoboye gukora.”

[34] Baramwishura bati: “Wewe wavukiye mu vyaha gusa gusa, ni wewe utwigisha?” Bamuhindira hanze.

[35] Yesu yumvise ko bamuhindiye hanze, aja kumuraba, aramubaza ati: “Mbega wizeye Umwana w'Imana?”

[36] Na we aramwishura ati: “Ni nde ga Mugenzi, nkamwizera?”

[37] Yesu aramubwira ati: “Wamubonye, kandi ni we muriko muravugana.”

[38] Na we ati: “Ndizeye, Mwami.” Araheza aramupfukamira.

[39] Yesu aravuga ati: “Naje muri iyi si kuba agahinyuza, ngo abatabona babone, n'ababona babe impumyi.”

[40] Bamwe mu Bafarisayo bari kumwe na we bumvise ivyo bati: “Mbega natwe turi impumyi?”

[41] Yesu arababwira ati: “Iyo muba mwari impumyi, nta caha muba mufise, ariko noneho muvuga muti: 'Turabona, icaha canyu camaho.”

Yohana — Chapters