Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:34

[1] Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo ntimuzotsitazwe.

[2] Bazobaca mu nsengero z'Abayuda, kandi igihe kigiye kuza, uwuzobica wese azogira ngo agiriye Imana ikimazi.

[3] Kandi ivyo bazobikora kuko batamenye Data, nanje ntibamenye.

[4] Ico ndababaririye ivyo, ni ukugira ngo igihe cavyo ni cashika, muzovyibuke ko nanje nabibabwiye. Uhereye ubwa mbere sinaribwabibabwire, kuko nari nkiri kumwe namwe.

[5] None ngira ngende ku wantumye, kandi nta n'umwe muri mwebwe arushe ambaza ati: “Uja hehe?”

[6] Ariko kuko ndababariye ivyo, umubabaro waciye wuzura mu mitima yanyu.

[7] Ariko jewe ndababwira ukuri; Ikizogira ico kibamarira, ni uko jewe ngenda; kuko ni ntagenda, Umwitsa ntazoza kuri mwebwe; ariko ni nagenda nzomubarungikira.

[8] Uwo ni yaza, azohinyuza abo isi, abemeze ivyo icaha, ivyo ukugororoka n'ivyo urubanza;

[9] ivyo icaha, kuko batanyizeye,

[10] ivyo ukugororoka, kuko nja kwa Data, kandi namwe muzoba mutakimbona,

[11] ivyo imanza, kuko umwami w'iyi si yaciriwe urubanza.

[12] Nari ngifise vyinshi vyo kubabwira, ariko ntimushobora kuvyihanganira ubu.

[13] Ariko uwo Mpwemu w'ukuri ni yaza, azobarongora abashitse ku kuri kwose, kuko atazovuga ivyo yigeneye, ariko ivyo azokwumva vyose ni vyo azovuga, kandi azobamenyesha ibigira bize.

[14] Uwo azoshimagiza jewe, kuko azokwakira ku vyanje, akabibamenyesha.

[15] Ivyo Data afise vyose ni ivyanje, ni co gitumye mvuga nti: “Yakira ku vyanje, akabibamenyesha.”

[16] Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona.

[17] Bamwe mu bigishwa biwe barabazanya bati: “Mbega ivyo atubwiye ni ibiki ngo Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona, ngo maze hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona, kandi ngo kuko nja kwa Data?”

[18] Kandi bati: “Ivyo atubwiye ni ibiki, ngo igihe gito?” Ntitumenye ico avuze ico ari co.

[19] Yesu amenya ko bagomba kumubaza, arababaza ati: “Mbega mubazanya ico ari co, ko mbababariye nti: “Hasigaye igihe gito ntimube mukimbona kandi hazoca ikindi gihe gito musubire kumbona?”

[20] Ni ukuri, ni ukuri ndababwire, mweho muzorira muboroge, ariko abo isi bo bazonezerwa; mweho muzobabara, ariko umubabaro wanyu uzocika umunezero.

[21] Umugore iyo aramutswe, aja mu mubabaro, kuko igihe ciwe kigeze, ariko iyo umwana amaze kuvuka ntaba acibuka kugorwa kwiwe, kuko anezerejwe n'uko umuntu avutse mw'isi.

[22] Ni ko namwe muri mu mubabaro, ariko nzosubira kubabona, kandi imitima yanyu izonezerwa, umunezero wanyu nta n'umwe azowubanyaga.

[23] Kuri uwo musi nta na kimwe muzombaza. Ni ukuri ndakubwire koko, ni hagira ico musaba Data cose azokibaha mw'izina ryanje.

[24] Kugeza ubu nta co mwasavye mw'izina ryanje; musabe muzohabwa, ngo umunezero wanyu wuzuzwe.

[25] Ivyo ndabibabwiriye mu migani, ariko igihe kizoza sinzoba ngisubira kuvuganira namwe mu migani, mugabo nzobabwira ivya Data ndabifoboye.

[26] Kuri uwo musi muzosaba mw'izina ryanje, kandi sindababwira ngo nzobasabira Data.

[27] Kuko Data na we ubwiwe abakunda, kuko mwankunze kandi mwizeye ko naturutse ku Mana.

[28] Navuye kwa Data, nza mw'isi; ikindi, isi ndiko ndayivamwo, nje kwa Data.

[29] Abigishwa biwe baravuga bati: “Ubuho urabifoboye, nta mugani uduciriye.

[30] Ubuho tumenye ko uzi vyose, kandi ko ku bwawe utarinda ko hogira uwukubaza; ni co gituma twizera ko waturutse ku Mana.”

[31] Yesu arabishura ati: “Mbega noneho murizeye?

[32] Igihe kigira kize, mbere kirashitse, aho muhava musabagira, umuntu wese aje mu vyiwe, munte jenyene, ariko sindi jenyene, kuko Data ari kumwe nanje.

[33] Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo mugire amahoro muri jewe. Mw'isi muri n'amarushwa, ariko ni muhumure, jewe naranesheje isi.”

Yohana — Chapters