[1] Yesu aja ku musozi wa Elayono.
[2] Mu gaturuturu asubira mu rusengero, abantu bose baza aho ari, aricara arabigisha.
[3] Abahinga b'ivyanditswe bo n'Abafarisayo bamuzanira umugore, afashwe asambana, bamushira hagati,
[4] baramubwira bati: “Mwigisha, uwu mugore bamuturumbukiyeko ariko arasambana.
[5] Kandi Mose mu vyagezwe yatugeze kwicisha amabuye bene abo. None weho uvuga iki?”
[6] Ariko ivyo babivuga ari ukumugeza, ngo bamukureko urwitwazo rwo kumurega. Ariko Yesu arunama, yandikisha urutoke hasi.
[7] Maze bakobeje kumubaza, arunamuka, arababwira ati: “Uwutagira icaha muri mwebwe ni abe ari we abanza kumutera ibuye.”
[8] Asubira kwunama yandika hasi.
[9] Na bo bavyumvise basohoka isorosoro, uhereye k'uwukuze ugashitsa ku muto, Yesu asigara wenyene, bo na wa mugore yari ahagaze hagati.
[10] Yesu yunamutse aramubaza ati: “Yewe mugore, bamwe bakureze bari hehe? Nta n'umwe aguciriye urubanza?”
[11] Na we ati: “Nta n'umwe, Mugenzi.” Yesu aramubwira ati: “Nanje singucira urubanza.” Ni wigire, guhera ubu ntuzosubire gukora icaha.]
[12] Yesu yongera kubabwira ati: “Jewe ndi umuco w'isi, uwunkurikira nta ho azogenda mu mwiza, ariko azogira umuco w'ubugingo.”
[13] Abafarisayo baramubwira bati: “Erega urishingira intahe, intahe yawe si iyo ukuri.”
[14] Yesu arabishura ati: “Naho jewe nishingira intahe, intahe yanje ni iyo ukuri, kuko nzi iyo navuye, n'iyo nja, ariko mweho ntimuzi iyo navuye canke iyo nja.
[15] Mwebwe muca urubanza nk'abantu, jeho nta n'umwe ncira urubanza.
[16] Kandi naho jewe noca urubanza, urubanza rwanje rwoba urwo ukuri, kuko ntari jenyene, ndi kumwe na Data yantumye.
[17] Kandi no mu vyagezwe vyanyu handitswe ko intahe ishinzwe n'abantu babiri ari iyo ukuri.
[18] Jewe ndi uwishingira intahe, kandi na Data yantumye aranshingira intahe na we.”
[19] Na bo baramubaza bati: “So ari hehe?” Yesu arabishura ati: “Nta jewe, nta Data, nta we muzi; iyo muba munzi, na Data muba mumuzi.”
[20] Ayo majambo yayavugiye mw'iyakiriro ry'amashikanwa, ariko arigisha mu rusengero; kandi nta n'umwe yamufashe, kuko igihe ciwe kitaribwashike.
[21] Nuko yongera kubabwira ati: “Jewe ndi mu kuhava, namwe muzondondera, kandi muzopfira mu vyaha vyanyu; jewe iyo nja mwebwe ntimuzoshobora gushikayo.”
[22] Abayuda barabazanya bati: “Mbega azokwiyahura, ko agize ngo iyo aja ntituzoshobora gushikayo?”
[23] Na we arababwira ati: “Mwebwe mwamutse hasi, jeho namutse iyo hejuru; mwebwe muri abo iyi si, jeho sindi uwo iyi Si.
[24] Ico ni co gitumye ndababwira ko muzopfira mu vyaha vyanyu; kuko ni mutizera ko ndi We, muzopfira mu vyaha vyanyu.”
[25] Nuko baramubaza bati: “Uri nde, wewe?” Yesu arabishura ati: “Ndi ico nababwiye uhereye ubwa mbere.
[26] Ndafise ivyo kubabarira vyinshi, no kubacira urubanza. Kandi uwantumye ni uwo ukuri; ivyo namwumvanye ni vyo mvuga mw'isi.”
[27] Ariko bo ntibamenya yuko ababwiye Se.
[28] Nuko Yesu arababwira ati: “Aho muzomanikira Umwana w'umuntu, ni ho muzomenya ko ndi We, kandi ko ata co nkora nigeneye; uko Data yanyigishije, ni ko ndabivuga.
[29] Kandi uwantumye turi kumwe na we, ntiyansize jenyene, kuko jewe na ntaryo nama nkora ibimuhimbara.”
[30] Avuze ivyo, benshi baramwizera.
[31] Nuko Yesu abwira Abayuda bari bamwemeye ati: “Ni mwaguma mw'ijambo ryanje, muri abigishwa banje vy'ukuri;
[32] kandi muzomenya ukuri, kandi ukuri kuzobaha kwidegemvya.”
[33] Baramwishura bati: “Turi uruvyaro rwa Aburahamu, nta ho twigeze kujakarira umuntu n'umwe; none uvuga ute ngo tuzohabwa kwidegemvya?”
[34] Yesu arabishura ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire, uwukora icaha wese ni umuja w'icaha.
[35] Umushumba ntiyama ahangamye mu muryango, ariko umwana we yama ahangamye.
[36] Umwana ni yabaha kwidegemvya, muzoba abidegemvya nyakuri.
[37] Ndazi ko muri uruvyaro rwa Aburahamu, yamara murondera ingene mwonyica, kuko ijambo ryanje ritagira ikibanza muri mwebwe.
[38] Jewe mvuga ivyo nabonye kuri Data; namwe mukora ivyo mwumvise kuri so.”
[39] Baramwishura bati: “Aburahamu ni we data.” Yesu arabishura ati: “Iyo muba mu bana ba Aburahamu, muba mukora ibikorwa nk'ivya Aburahamu.
[40] Ariko none murondera ingene mwonyica, umuntu yababariye ivyo ukuri, ivyo numvise ku Mana; Aburahamu ntiyagize atyo.
[41] Mukora ibikorwa nk'ivya so. Baramubwira bati: “Twebwe ntituri ibivyarwa, dufise Data umwe, ni Imana.”
[42] Yesu arababwira ati: “Iyo Imana iba ari So, muba munkunda, kuko jewe naje mvuye ku Mana; sinaje nitumye, ariko ni yo yantumye.
[43] Ni igiki gituma mutamenya imvugo yanje? Ni uko mudashobora kwumva ijambo ryanje.
[44] Mwebwe muri aba so wa mugarariji, kandi ivyo so yifuza ni vyo mushaka gukora. Uwo yahereye mu ntango ari umwicanyi, kandi ntiyahagaze mu kuri, kuko ata kuri kuri muri we. Iyo avuga ibinyoma, avuga ivyiwe, kuko ari umunyabinyoma, kandi ari we se wavyo.
[45] Ariko jeho, kuko mvuga ivyo ukuri, ntimunyemera.
[46] Ni nde muri mwebwe yonyagiriza icaha nakoze? Ko mvuga ukuri, ni igiki gituma mutanyemera?
[47] Uwo Imana yumva amajambo y'Imana; mwebwe igituma mutumva, ni uko mutari abo Imana.”
[48] Abayuda baramwishura bati: “None se ntitwavuze ukuri ko uri Umusamariya, kandi ko urimwo dayimoni?”
[49] Yesu arabishura ati: “Jewe sindimwo dayimoni, ariko nubaha Data, namwe ntimunyubaha.
[50] Jewe sinironderera icubahiro, hariho uwukindonderera, kandi ni we Gahinyuza.
[51] Ni ukuri ndakubwire koko, ni hagira uwitondera ijambo ryanje, ntazobona urupfu gushitsa ibihe bidashira.”
[52] Abayuda baramubwira bati: “Noneho turamenye ko urimwo dayimoni.” Aburahamu yarapfuye, n'abavugishwa n' Imana ni uko, ariko wewe uvuze uti: “Ni hagira uwitondera ijambo ryanje, nta ho azokwumviriza ku rupfu.”
[53] Mbega uruta sogokuruza wacu Aburahamu? We ko yapfuye, n'abavugishwa ni Imana na bo bakaba barapfuye, wiyita nde?”
[54] Yesu arabishura ati: “Ni naba niha icubahiro, icubahiro canje kizoba ari ico ubusa; uwumpa icubahiro ni Data, uwo muvuga ngo n'Imana yanyu,
[55] yamara ntimumuzi, ariko jewe ndamuzi. Kandi ni navuga ngo sindamuzi, nzoba mbaye umunyabinyoma nkamwe; ariko ndamuzi, kandi nitondera ijambo ryiwe.”
[56] Aburahamu sogokuruza wanyu yari yarahahamiye kubona umusi wanje, kandi yarawubonye, aranezerwa.”
[57] Nuko rero Abayuda baramubwira bati: “Ube utaramara imyaka mirongo itanu, ngo warabonye Aburahamu?”
[58] Yesu arababwira ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire, Aburahamu ataravuka, jewe namye ndiho.”
[59] Baca batora amabuye yo kumutera, maze Yesu arihisha, ava mu rusengero.