Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:06

[1] Ntimuhagarike imitima yanyu, mwizere Imana, nanje munyizere.

[2] I muhira kwa Data hari inzu nyinshi, iyo ziba zitariho, mba ndabibabwiye, kuko ngiye kubategurira ahanyu.

[3] Kandi ko ngiye kubategurira ahanyu, nzogaruka kubajana i wanje, ngo aho ndi namwe mube ari ho muba.

[4] Kandi iyo nja murazi inzira ijayo.

[5] Toma aramubwira ati: “Mugenzi, ntituzi iyo uja, dushobora dute kumenya inzira?”

[6] Yesu aramubwira ati: “Ni jewe nzira, ukuri n'ubugingo; nta wushika kuri Data ntamujanye.

[7] Iyo muba mwaramenye, na Data muba mumuzi. Uhereye ubu muramuzi, kandi mwamubonye.

[8] Filipo aramubwira ati: “Mugenzi, twereke So, bizoba bihaye.”

[9] Yesu aramubaza ati: “Mbega ko nabanye namwe igihe kingana gityo, nturakaruha umenya ga Filipo? Uwubonye jewe aba abonye Data; none uvuga ute ngo Twereke So?”

[10] Ntiwizeye ko jewe ndi muri Data, na Data ari muri jewe? Amajambo ndababwira si ayo nigeneye, ariko Data aba muri jewe ni we akora ibikorwa vyiwe.

[11] Ni munyizere ko ndi muri Data, na Data ari muri jewe, bibuze, mupfe kwizera ku bwo ibikorwa ubwavyo.

[12] Ni ukuri, ni ukuri ndababwire; uwunyizera, ibikorwa jewe nkora na we azobikora, kandi azokora ibibiruta, kuko jewe ngiye kwa Data.

[13] Kandi ico muzosaba cose mw'izina ryanje nzogikora, kugira ngo Data ashimagizwe mu Mwana.

[14] Ni mwagira ico musaba mw'izina ryanje, nzogikora.”

[15] Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,

[16] nanje nzosaba Data, na we azobaha uwundi Mwitsa, ngo azobane namwe ibihe bidashira,

[17] ni we Mpwemu w'ukuri, uwo abo isi badashobora kwakira, kuko batamubona, kandi batamuzi; mweho muramuzi, kuko abana namwe kandi azoba muri mwebwe.

[18] Sinzobasiga nk'impfuvyi, nzoza kuri mwebwe.

[19] Hasigaye igihe gito, abo isi ntibabe bakimbona, ariko mweho muzombona; kuko ndiho, namwe muzobaho.

[20] Uwo musi muzomenya ko ndi muri Data, namwe muri muri jewe, nanje ndi muri mwebwe.

[21] Uwuri n'ivyagezwe vyanje akavyitondera, uwo ni we ankunda, kandi uwunkunda azokundwa na Data, nanje nzomukunda, kandi nzomwihishurira.

[22] Yuda (atari Isikaryota), aramubaza ati: “Mugenzi, bibaye bite, ko ugira wihishurire twebwe, ntiwihishurire abo isi?”

[23] Yesu aramwishura ati: “Ni hagira uwunkunda, azokwitondera ijambo ryanje, kandi Data azomukunda, maze tuzoza kuri we, tubane na we.

[24] Uwutankunda ntiyitondera amajambo yanje, kandi ijambo mwumva si iryanje, ariko ni irya Data yantumye.”

[25] Ivyo ndabibabariye nkiri kumwe namwe,

[26] ariko Umwitsa, ari we Mpwemu Yera, uwo Data azorungika mw'izina ryanje, ni we azobigisha vyose, kandi azobibutsa ivyo nababariye vyose.

[27] Amahoro ndayabasigaranye, amahoro yanje ndayabagabiye. Jeho sindayabagabira nk'uko abo isi bagaba. Imitima yanyu ntihagarare, kandi ntitinye.

[28] Mwumvise ko nababwiye nti: “Ndagiye, ariko nzobagarukako. Iyo muba munkunda, muba munezerejwe ni uko ngiye kwa Data, kuko Data ari we anduta.

[29] Nuko none ndabibabwiye bitaraba, ngo aho bizobera muzokwizere.

[30] Sinkivugana namwe vyinshi, kuko umwami w'isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;

[31] ariko ni ukugira ngo abo isi bamenye ko nkunda Data, kandi uko Data yangeze ko ari ko nkora. Ve hasi, tuve hano tugende.”

Yohana — Chapters