Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:54

[1] Hanyuma y'ivyo haba imisi mikuru y'Abayuda; Yesu aduga i Yerusalemu.

[2] Kandi i Yerusalemu hafi y'irembo ry'intama, hari ikidengeri, mu Giheburayo citwa Betesida, cariko amabaraza atanu.

[3] Muri yo hari haryamye abantu benshi barwaye, n'impumyi, n'abacumbagira, n'abanyunyutse. [Bari barorereye ko amazi azikuruka.

[4] Kuko rimwerimwe umumarayika yamanuka aja muri kino kidengeri, akazikurura amazi. Maze uwitangiye gutambukiramwo, amazi azikurutse, ni we yakira indwara yamufashe iyo ari yo yose.]

[5] Hariho umuntu yarafise indwara ayimaranye imyaka mirongo itatu n'umunani.

[6] Yesu amubonye aryamyeho, kandi amenye ko amaze igihe kirekire, aramubaza ati: “Wumva ugomba gukira?”

[7] Uno arwaye aramwishura ati: “Mugenzi, nta muntu mfise wo kunyinikira mu kidengeri iyo amazi azikurutse; kuko ngira ngo ndaza uwundi akantanga gushungurukiramwo.”

[8] Yesu aramubwira ati: “Va hasi, ikorere ikirago cawe, ugende.”

[9] Buno nyene uwo muntu arakira, yikorera ikirago ciwe, aragenda. Ariko uwo musi hari kw'isabato.

[10] Nuko Abayuda babwira uwakijijwe bati: “Erega ni kw'isabato, ntivyemerwa ko wikorera ikirago cawe.”

[11] Na we arabishura ati: “Uwankijije ni we yambariye ati: 'Ikorere ikirago cawe, ugende.'”

[12] Baramubaza bati: “Uwo muntu ni nde yakubariye ngo ikorere ugende?”

[13] Ariko uwakijijwe ntiyari azi uwo ari we, kuko Yesu yaciye yigira, kuko aho hantu hari abantu benshi.

[14] Hanyuma y'ivyo Yesu amubona mu rusengero, aramubwira ati: “Raba wakize; ntugasubire gukora icaha, kugira ngo ntuzobone ibiruta ivya mbere.”

[15] Uno muntu aragenda, abwira Abayuda ko ari Yesu yamukijije.

[16] Ni co catumye Abayuda bahama Yesu, kuko yakoze ivyo kw'isabato.

[17] Yesu arababwira ati: “Data arakora kugeza n'ubu, nanje ndakora.”

[18] Ni co catumye Abayuda barushiriza kurondera ingene bomwica, kuko atakengereye isabato gusa, ariko agatako akita Imana ko ari Se bwite, akiringaniza n'Imana.

[19] Nuko Yesu asubira kubabwira ati: “Ni ukuri, ni ukuri ndababwire. Nta co Umwana ashobora kwigenera, atabonye Se agikora, kuko ivyo Se akora vyose n'Umwana aca abikora kuno.

[20] Kuko Se akunda Umwana, akamwereka ivyo akora vyose ubwiwe, kandi azomwereka ibikorwa biruta ivyo, kugira ngo mwebwe mutangare.

[21] Nk'uko Se azura abapfuye akabaha ubugingo, ni ko n'Umwana aha ubugingo abo agomba.

[22] Kuko Se ata n'umwe acira urubanza, ariko imanza zose yazishikirije Umwana,

[23] ngo bose bubahe Umwana nk'uko bubaha Se; uwutubaha Umwana ntaba yubaha Se yamutumye.”

[24] Ni ukuri ndakubwire koko, Uwumva ijambo ryanje, akizera uwantumye, ni we afise ubugingo budashira, kandi ntazoshirwa mu rubanza, ariko aba avuye mu rupfu, ashitse mu bugingo.

[25] Ni ukuri ndakubwire koko. Igihe kiza, kandi kirashitse, aho abapfuye bazokwumvira ijwi ry'Umwana w'Imana, kandi abazoryumva bazoba bazima.

[26] Nk'uko Se ari n'ubugingo muri we, ni ko yahaye Umwana kugira ubugingo muri we na we.

[27] Yamuhaye ububasha bwo guca imanza, kuko ari Umwana w'umuntu.

[28] Ntimutangazwe n'ico; kuko igihe kija kuza, aho abari mu mva bose bazokwumvira ijwi ryiwe,

[29] bakazivamwo; abakoze ivyiza bakazukira ubugingo, abakoze ibibi bakazukira gutsindwa n'urubanza.

[30] Nta co nshobora gukora nigeneye; uko numvise ni ko nca urubanza, kandi urubanza nca rurabereye, kuko ntarondera ivyo nigombera, ariko ndondera ivyo uwantumye agomba.

[31] Asangwa nishingira intahe, intahe yanje ntizoba ari iyo ukuri;

[32] ariko hari Uwundi anshingira intahe, nanje nzi yuko intahe yiwe anshingira ari iyo ukuri.

[33] Mwebwe mwatumye kuri Yohana, ashingira ukuri intahe,

[34] mugabo jewe sindinda gushingirwa intahe n'umuntu; ariko ico mvugiye ivyo ni ukugira ngo mukizwe.

[35] Uwo yari itara ryaka rikabonesha, kandi namwe mwamaze igihe muhimbawe n'ukwaka kwiwe.

[36] Ariko jewe mfise ikinshingira intahe kuruta Yohana, kuko ibikorwa Data yampaye ngo ndabiheraheze, ivyo bikorwa nyene nkora ni vyo binshingira intahe yuko Data ari we yantumye.

[37] Kandi Data yantumye ni we anshingira intahe. Nta ho murumva ijwi ryiwe, kandi ntimurabona ishusho yiwe,

[38] bitayeko ntimufise ijambo ryiwe riguma muri mwebwe, kuko uwo yatumye mutamwizeye.

[39] Mwebwe murasoma mwitonze mu vyanditswe, kuko mugira ngo muri vyo ni ho mufise ubugingo budashira, kandi ari vyo binshingira intahe,

[40] ariko mukanka kuza kuri jewe ngo muronke ubugingo.

[41] Singomba gushimwa n'abantu,

[42] ariko mwebwe ndabazi yuko mutagira urukundo rw'Imana mu mitima yanyu.

[43] Jewe naje mw'izina rya Data, ntimwanyakira, ni hagira uwundi aza mw'izina ryiwe ubwiwe, we muzomwakira.

[44] Mwoshobora kwizera mute, ari mwebwe mwubahana, ariko icubahiro kiva ku Mana imwe nsa mutakirondera?

[45] Ntimugire ngo nzobarega kuri Data; hariho uwubarega, ni Mose uwo mwishimiye.

[46] Iyo mwizera Mose, nanje muba munyizeye, kuko ari ivyanje yanditse.

[47] Ariko ni mutizera ivyo uwo yanditse, amajambo yanje muzoyizera mute?

Yohana — Chapters