Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:15

[1] Kw'igenekerezo rya gatatu haba ubukwe i Kana i Galilaya, kandi nyina wa Yesu ni ho yari ari.

[2] Yesu na we atorerwa ubukwe, bo n'abigishwa biwe.

[3] Maze umuvinyu ukamye, nyina wa Yesu aramubarira ati: “Nta muvinyu bafise.”

[4] Yesu aramwishura ati: “Duhuriye hehe ga nyina wanje? Igihe canje ntikiragera.”

[5] Nyina abwira abakozi ati: “Ico ababwira cose mugikore.”

[6] Hariho impange z'intango zitandatu z'amazi zabajwe mu mabuye, zateretsweho kubwo ukwihumanura nk'uko umugenzo w'Abayuda wari uri, imwimwe yuzuzwa n'ibibindi bibiri canke bitatu.

[7] Yesu arababarira ati: “Ni mwuzuze izo ntango amazi.” Bazuzuza kugeza ku mbiga.

[8] Arababarira ati: “Mudahe ubu nyene, mushire umuteretsi mukuru.” Baramushira.

[9] Umuteretsi yumvirije amazi yahindutse umuvinyu, ntiyamenye iyo ivuye, ariko abakozi badashe amazi bari babizi; uwo muteretsi ahamagara umukwe,

[10] aramubwira ati: “Umuntu wese ahora abanza gutereka umuvinyu uryoshe, maze bahimba akabaha izitaryoshe; ariko weho iziryoshe ni zo wabitse gushitsa ubu.”

[11] Iryo ni ryo tanguriro ry'ibimenyetso Yesu yakoze ari i Kana i Galilaya, yerekana ubwiza bwiwe; kandi abigishwa biwe baramwizera.

[12] Hanyuma y'ivyo amanuka i Kaperinawumu, bo na nyina n'abavukanyi biwe n'abigishwa biwe, amarayo imisi itari myinshi.

[13] Kandi Pasika y'Abayuda yari hafi; Yesu aduga i Yerusalemu.

[14] Asanga mu rusengero abadandarizaho inka, intama, inuma n'abavunja amahera bicaye.

[15] Atsiba imigozi ayigira nk'ikimoko, abahinda mu rusengero bose, n'intama n'inka, asesa amahera y'abariko baravunja, ahenura imeza zabo.

[16] Abarira abadandaza inuma ati: “Ni mukureho ivyo, nta co muhindura inzu ya Data kuba inzu y'isoko.”

[17] Abigishwa biwe bibuka ko handitswe, ngo ishaka ry'inzu yawe rizondya.

[18] Abayuda baramubaza bati: “Utwereka ikimenyetso ki, gituma ukora ivyo?”

[19] Yesu arabishura ati: “Ni musambure uru rusengero, nanje nzoruhagarika mu misi itatu.”

[20] Maze Abayuda bati: “Uru rusengero rwubatswe imyaka mirongo ine n'itandatu; none wewe uzoruhagarika mu misi itatu?”

[21] Ariko we yavuga urusengero rw'umubiri wiwe.

[22] Nuko amaze kuzuka mu bapfuye, abigishwa biwe bibuka yuko yari yaravuze ivyo, bemera icanditswe, na rya jambo Yesu yavuze.

[23] Kandi yari i Yerusalemu mu misi mikuru ya Pasika, benshi bizera izina ryiwe, babonye ibimenyetso akora.

[24] Ariko Yesu we ntiyabishimira, kuko yari azi abantu bose,

[25] ntiyarinda ko hogira uwushingira intahe ivyo umuntu kuko ubwiwe yari azi ibiri mu muntu.

Yohana — Chapters