[1] Umusi wa Pasika utarashika, Yesu amenye ko igihe ciwe gishitse co kuva mw'isi ngo aje kwa Se, uko yakunda abiwe bari mw'isi, ni ko yabakunze gushitsa ku muhero.
[2] Bakiriko bararya ku mugoroba, wa mugarariji amaze kwinjiza ubuguranyi mu mutima wa Yuda Isikaryota, umwana wa Simoni,
[3] Yesu yari azi ko Se yamuhaye vyose yabishize mu maboko yiwe, kandi ko yavuye ku Mana, kandi ko agira asubire ku Mana,
[4] ava hasi mw'iriro, akura umutamana, yakira icambazo, arakenyera;
[5] araheza asuka amazi mu mubehe, atangura kwoza ibirenge vy'abigishwa, no kubihanaguza icambazo akenyeje.
[6] Nuko ashika kuri Simoni Petero, na we aramubaza ati: “Mugenzi, ni wewe unyoza ibirenge?”
[7] Yesu aramwishura ati: “Ico jewe ndiko ndakora, wewe nturibukimenye ubu; ariko uzokimenya hanyuma.”
[8] Petero aramubwira ati: “Nta ho uzokwigera unyoza ibirenge gushitsa ibihe vyose.” Yesu aramwishura ati: “Ni ntakwoza, nta ho tuzoba duhuriye.”
[9] Simoni Petero aramubwira ati: “Mugenzi, ntugarukize ku birenge gusa, ariko ushikane ku maboko no ku mutwe.”
[10] Yesu aramubwira ati: “Uwari yiyuhagiye nta kindi agomba, atari ukwoga ibirenge, kuko aba akeye umubiri wose, namwe murakeye, ariko si mwese.”
[11] Kuko yari azi uwuzomugura uwo ari we; ni co catumye avuga ati: “Ntimukeye mwese.”
[12] Nuko ahejeje kuboza ibirenge, yakira umutamana wiwe, yongera kwicara; arababaza ati: “Mbega muramenye ico ndabagiriye?
[13] Munyita Mwigisha na Shobuja, kandi mubivuga ko, kuko ari ko ndi.
[14] Nuko rero, ko jewe ndabogeje ibirenge, ndi Shobuja n'Umwigisha, namwe mukwiye kwozanya ibirenge.
[15] Kuko ndabahaye akarorero, kugira ngo nk'uko jewe ndabagiriye, mube ari ko namwe mugira.
[16] Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umushumba ntaruta shebuja, kandi n'intumwa ntiruta uwayitumye.
[17] Ni mwamenya ivyo, muzoba muhiriwe ni mwabikora.
[18] Simvuze mwese, kuko nzi abo natoranije, ariko ni ukugira ngo ivyanditswe bishike, ngo Uwurya ivyo kurya vyanje ni we ambanguriye umugere.
[19] Uhereye ubu ndabibabariye bitaraba, kugira ngo aho bizobera, mwizere ko ndi we.
[20] Ni ukuri ndababwire, uwakira uwo nzotuma azoba anyakiriye, uwunyakira aba yakiriye uwantumye.”
[21] Yesu avuze ivyo, ahagarika umutima, abivuga avyataguye ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire, umwe muri mwebwe agira angure.”
[22] Abigishwa bararabana, bazazaniwe uwo avuze uwo ari we.
[23] Hariho umwe mu bigishwa biwe yari yegamiye mu gikiriza ca Yesu bariko bararya, umwe Yesu yakunda.
[24] Simoni Petero amuvunira akagohe ati: “Tubwire uwo avuze uwo ari we.”
[25] Uwo rero ahengamira inyuma, uko yari hano nyene mu gikiriza ca Yesu, aramubaza ati: “Ni nde ga Mugenzi?”
[26] Yesu aramwishura ati: “Uwo nkorezamwo intore, nkayimuha, azoba ari we.” Akojejemwo intore, arayikuramwo, ayihereza Yuda, umwana wa Simoni Isikaryota.
[27] Hanyuma y'iyo ntore, Satani aca yinjira muri we. Nuko Yesu aramubarira ati: “Ico ukora, gikore ningoga.”
[28] Ariko muri abo bicaranye nta n'umwe yamenye ico abimubwiriye.
[29] Ariko kuko Yuda ari we yarafise umupfuko, bamwe bagize ngo Yesu yamubwiye, ngo Gura ibizodukwira ku musi mukuru, canke ngo agire ico aha aboro.
[30] Na we amaze kwakira intore, aca asohoka ako kanya, kandi hari mw'ijoro.
[31] Nuko amaze gusohoka, Yesu aravuga ati: “Noneho Umwana w'umuntu arashimagijwe, kandi Imana ishimagirijwe muri we.
[32] Kandi Imana, ko ishimagirijwe muri we, na yo izomushimagiriza muri yo, kandi izomushimagiza vuba.
[33] Bana bato, ndacari kumwe namwe akanya gato. Muzondondera, ariko, nk'uko nabwiye Abayuda nti: 'Aho nja ntimushobora gushikayo, ni ko none ndababwira namwe.'
[34] Ndabaha icagezwe gishasha, ni mukundane; nk'uko nabakunze, mube ari ko namwe mukundana.
[35] Ni mwagiriranira urukundo, ni ho bose bazomenya ko muri abigishwa banje.”
[36] Simoni Petero aramubaza ati: “Mugenzi, uja hehe?” Yesu aramwishura ati: “Aho nja ntushobora kunkurikira ubu, ariko uzonkurikira hanyuma.”
[37] Petero aramubaza ati: “Mugenzi, ni igiki kimbuza kugukurikira n'ubu?” Erega nzonakwigura.
[38] Yesu aramwishura ati: “Ugize ngo uzonyigura?” Ni ukuri ndakubwire koko, inkoko itarabika, uhava unyihakana gatatu.