Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:33

[1] Yesu avuze ivyo, avanayo n'abigishwa biwe afata hakurya y'umugezi witwa Kidironi; aho hari itongo; ashikaho, bo n'abigishwa biwe.

[2] Kandi na Yuda amugura yari azi aho hantu, kuko Yesu yahora ajanayo n'abigishwa biwe kenshi.

[3] Nuko Yuda amaze guhabwa n'abaherezi bakuru n'Abafarisayo ingabo z' abasoda, bo n'abagendanyi, ajayo, bari n'amatara, ibimuri n'ibirwanisho.

[4] Nuko Yesu amenye ibigira bimubeko vyose, arabasanganira, arababaza ati: “Murondera nde?”

[5] Na bo baramwishura bati: “Yesu Umunyanazareti.” Arababwira ati: “Ni jewe.” Kandi Yuda, amugura, yari ahagararanye na bo.

[6] Amaze kubabarira ati: “Ni jewe,” bagenza imigongo, bagwa hasi.

[7] Na we asubira kubabaza ati: “Murondera nde?” Na bo bati: “Yesu Umunyanazareti.

[8] Yesu arabishura ati: “Nababwiye ko ari jewe; asangwa ari jewe murondera, mureke aba, bigire.”

[9] Ukwo kwari ukugira ngo rya jambo yavuze rishike, ngo mu bo wampaye nta n'umwe najimije.

[10] Simoni Petero yari n'inkota, arayisokora, aca ugutwi kw'i buryo kw'umuntu w'umuherezi mukuru, uwo muntu yitwa Malikusi.

[11] Maze Yesu abarira Petero ati: “Subiza inkota mu rwubati, mbega igikombe Data yampaye ndeke kukinywa?”

[12] Nuko abasoda n'umukuru w'intwazangabo zabo n'abagendanyi b'Abayuda bafata Yesu, baramuboha,

[13] babanza kumujana kwa Anasi, kuko yari sebukwe wa Kayafa umuherezi mukuru wo muri uwo mwaka.

[14] Kandi Kayafa ni we yari yagiriye inama Abayuda, yuko ari ibibereye ko umuntu umwe apfira ubwo bwoko.

[15] Simoni Petero akurikira Yesu, bo n'uwundi mwigishwa. Uwo mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashikana na Yesu mu rugo rw'uwo muherezi mukuru,

[16] ariko Petero asigara ahagaze kw'irembo. Wa wundi mwigishwa yari azinanyi n'umuherezi mukuru, ashika kw'irembo, avugana n'umukumirizi, araheza ashikana Petero imbere.

[17] Maze iyo ncoreke ikumira ibaza Petero ati: “Mbega nawe uri mu bigishwa b'uwo muntu?” Petero ati: “Oya, sindimwo.”

[18] Abashumba n'abagendanyi bari bahagaze bacanye umuriro w'amakara, kuko hari imbeho, bariko barota; kandi Petero na we yari kumwe na bo, ahagaze yota.

[19] Nuko umuherezi mukuru asiguza Yesu ivyo abigishwa biwe n'inyigisho ziwe.

[20] Yesu aramwishura ati: “Nabarira abo isi ndavyeruye, nahora nigishiriza mu nsengero z'Abayuda no mu rundi rusengero aho Abayuda bose bakoranira, nta co navugiye mu mpisho.

[21] Umbarije iki? Baza abahora bavyumva ico nababariye: erega ni bo bazi ivyo navuze.”

[22] Avuze atyo, umwe mu bagendanyi ahagazeho akubita Yesu urushi ati: “Uko ni ko wishura umuherezi mukuru?”

[23] Yesu aramubaza ati: “Namba mvuze nabi, nyagiriza ico kibi; ariko namba ari neza, unkubitiye iki?”

[24] Nuko Anasi amurungika aboshwe kwa Kayafa umuherezi mukuru.

[25] Simoni Petero yari ahagaze yota; nuko baramubaza bati: “Mbega nawe uri mu bigishwa biwe?” Na we arahakana ati: “Oya, sindimwo.”

[26] Umwe mu bashumba b'umuherezi mukuru, yari incuti y'umwe Petero yaciye ugutwi, aramubaza ati: “Sinakubonye uri kumwe na we muri rya tongo?”

[27] Maze Petero yongera kubihakana, ako kanya inkoko ica irabika.

[28] Bakura Yesu kwa Kayafa, bamujana mu nzu y'iburaniro; hari mu mutwenzi. Ariko ubwabo ntibinjira mu nzu y'ibonaniro, ngo ntibihumanye, kugira ngo babone ingene barya Pasika.

[29] Kubwo ivyo Pilato arasohoka aja aho bari, arababaza ati: “Ikirego mufise kuri uwo muntu ni igiki?”

[30] Baramwishura bati: “Ugira ngo uwu, iyaba atakoze ibibi tuba tumukuzaniye?”

[31] Nuko Pilato arababwira ati: “Ni mumujane mwebwe, mumucire urubanza nk'uko ivyagezwe vyanyu bivuga.” Abayuda baramwishura bati: “Erega twebwe ntitwemererwa kwica umuntu.”

[32] Kwari ukugira ngo ijambo rya Yesu rishike, iryo yavuze abamenyesha urupfu azopfa urwo ari rwo.

[33] Nuko Pilato asubira mu gisagara gikikijwe n'uruhome rw'amabuye, ahamagaza Yesu, aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?”

[34] Yesu ati: “Mbega ivyo ubibajije kubwawe, canke n'abandi bakubariye ivyanje?

[35] Pilato ati: “Mbega nanje ndi Umuyuda? Abo mu bwoko bwanyu n'abaherezi bakuru ni bo bakunzaniye. Wakoze iki?”

[36] Yesu aramwishura ati: “Ubwami bwanje si ubwo muri iyi si; iyaba ubwami bwanje bwari ubwo muri iyi si, abagendanyi banje baba barwanye, ngo simpabwe Abayuda. Ariko noneho ubwami bwanje si ubwo ino.”

[37] Nuko Pilato aramubaza ati: “Ubwo wewe uri umwami?” Yesu ati: “Ni wewe uvyivugiye ko ndi umwami.” Iki ni co navukiye, kandi iki ni co canzanye mw'isi, ni ukugira ngo nshingire intahe ukuri. Uwo ukuri wese yumva ijwi ryanje.

[38] Pilato aramubaza ati: “Mbega ukuri ni iki?” Amaze kuvuga ivyo, asubira gusohoka, aja aho Abayuda bari, arababwira ati: “Jewe nta kibi nabonye kuri we.

[39] Ariko musanganywe umugenzo ko ndabarekurira umwe mu misi ya Pasika; none muragomba ko ndabarekurira umwami w'Abayuda?”

[40] Nuko basubira gusemerera bati: “Si uyo, ariko turekurire Baraba.” Yamara Baraba yari umwambuzi.

Yohana — Chapters