Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 9:07

[1] Hanyuma y'ivyo Yesu avayo, yigira hakurya y'ikiyaga c'i Galilaya citwa Tiberiya.

[2] Ishengero ryinshi riramukurikira kuko ribonye ibimenyetso akora ku barwaye.

[3] Yesu aduga umusozi, yicaranayo n'abigishwa biwe.

[4] Kandi imisi mikuru ya Pasika y'Abayuda yari hafi.

[5] Yesu yunamutse, abona ishengero ryinshi riza kuri we, abaza Filipo ati: “Tugurira hehe imitsima, ngo barye bose?”

[6] Icatumye avuga atyo kwari ukumugeza, kuko ubwiwe yari azi ico agira akore.

[7] Filipo aramwishura ati: “Imitsima y'idenariyo amajana abiri ntiyobakwira, naho umuntu wese yohabwa gatoya.”

[8] Umwe mu bigishwa biwe, ni Andereya mwene nyina wa Simoni Petero, aramubwira

[9] ati: “Hano hari umuhungu ari n'udutsima dutanu twa sayiri, n'udufi tubiri, ariko tumaze iki mu bantu bangana uko?”

[10] Yesu aravuga ati: “Ni mwicarike abantu.” Kandi aho hantu hari ivyatsi vyinshi; nuko abantu baricara, igitigiri cabo cari nk'ibihumbi bitanu.

[11] Maze Yesu yakira ya mitsima, arayihezagira, ayigaburira abicaye, n'ifi na zo nk'uko bagomba.

[12] Bamaze guhaga, abwira abigishwa biwe ati: “Ni mwegeranye utumanyagu tw'imisigazwa, ntihagire igipfa ubusa.”

[13] Baratwegeranya, buzuza ibiseke icumi na bibiri vy'utumanyagu twa ya mitsima itanu ya sayiri, utwo abariye bashigaje.

[14] Bano bantu babonye ikimenyetso akoze, baravuga bati: “Ni ukuri uwu ni wa muntu avugishwa n'Imana yari akwiye kuza mw'isi.”

[15] Yesu amenye ko bagira baze kumufata ngo bamwimike, asubira ku musozi ari wenyene gusa.

[16] Buhwibiriye, abigishwa biwe bamanuka ku kiyaga,

[17] batambukira mu bwato, bajabuka baja hakurya y'ikiyaga i Kaperinawumu. Bwateranye Yesu atarabashikira;

[18] ikiyaga gitangura kuzungazunga, kuko umuyaga mwinshi uhuhuta.

[19] Bamaze gusoza nka stadiyo mirongo ibiri na zitanu canke mirongo itatu, babona Yesu agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, ariko aregera ubwato, na bo baratinya.

[20] Maze arababwira ati: “Ni jewe, nta co mutinya.”

[21] Bumva bakunze kumushira mu bwato, buno nyene buca bushika i musozi aho baja.

[22] Bukeye bw'aho, rya shengero ryari rihagaze hakurya y'ikiyaga, rimenye ko ata bundi bwato bwariho atari bumwe, kandi yuko na Yesu atajanye n'abigishwa biwe mu bwato, ariko abigishwa biwe ni bo bari bijanye;

[23] (mugabo hari amato ajabuka ava i Tiberiya, afata hafi ya ha hantu baririye imitsima ihezagiwe n'Umwami Yesu).

[24] Nuko iryo shengero ribonye ko Yesu atari ho ari, n'abigishwa biwe na bo ari uko, rija muri ubwo bwato na bwo, rijabuka i Kaperinawumu rirondera Yesu.

[25] Bamubonye hakurya y'ikiyaga baramubaza bati: “Mwigisha, waje ino ryari?”

[26] Yesu arabishura ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire. Ntimundondera kuko mwabonye ibimenyetso, ariko ni uko mwariye kuri ya mitsima, mugahaga.

[27] Ntimukorere ivyo kurya biyoka, ariko mukorere ivyo kurya bihoraho bizana ubugingo budashira, ni vyo Umwana w'umuntu azobaha, kuko ari we Imana Data yashizeko ikimenyetso.

[28] Baramubaza bati: “Tugire dute ngo dukore ibikorwa vy'Imana?”

[29] Yesu na we arabishura ati: “Igikorwa c'Imana ngiki: ni uko mwizera uwo yatumye.”

[30] Nuko baramubaza bati: “None ukora ikimenyetso ki, ngo tukirabe tukwizere? Ukora ikimeze gite?

[31] Ba sogokuruza bacu barira manu mu bugaragwa, nk'uko vyanditswe ngo Yabahaye umutsima wo kurya uvuye mw'ijuru.”

[32] Yesu arababwira ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire; Si Mose yabahaye umutsima uvuye mw'ijuru; Data ni we abaha umutsima w'ukuri uvuye mw'ijuru.

[33] Kuko umutsima w'Imana ari uwumanuka uva mw'ijuru, ugaha abari mw'isi ubugingo.

[34] Baramubwira bati: “Mugenzi, na ntaryo uzohore uduha uwo mutsima.”

[35] Yesu arababwira ati: “Ni jewe mutsima w'ubugingo, uwuza kuri jewe ntazosonza na mba, kandi uwunyizera nta ho azogira inyota na mba.

[36] Ariko narababwiye yuko mwambonye, muraheza ntimwizera.

[37] Ico Data ampa cose kiranshikira, kandi uwoza kuri jewe sinomuhinda na gatoya.

[38] Kuko ntakuwe mw'ijuru no gukora ivyo nigombera, ariko nazanywe no gukora ivyo uwantumye agomba.

[39] Kandi ico uwantumye agomba ngiki; agomba yuko mu vyo yampaye vyose hatagira na kimwe kinzimirana, ariko ngo nzokizure ku musi w'iherezo.

[40] Kuko iki ari co Data agomba, agomba yuko uwubona Umwana wese akamwizera, agira ubugingo budashira, nanje nkazomuzura ku musi w'iherezo.

[41] Buno Abayuda baramwidodombera, kuko yavuze ati: “Ni jewe mutsima wamanutse uva mw'ijuru.”

[42] Bati: “Uwu si we Yesu umwana wa Yosefu? Na se na nyina turabazi; none avuga ate ngo Namanutse mva mw'ijuru?”

[43] Yesu arabishura ati: “Nta co mugira imyidodombo muri mwebwe.

[44] Nta n'umwe ashobora kuza kuri jewe Data yantumye atamukwegakweze; nanje nzomuzura ku musi w'iherezo.”

[45] Mu majambo y'abavugishwa n'Imana handitswe ko bose bazoba abigishijwe n'Imana. Uwumvise ivya Data wese akavyiga, aza kuri jewe.

[46] Si ukugira ngo hari uwabonye Data, atari uwavuye ku Mana: uwo ni we yabonye Data.

[47] Ni ukuri ndakubwire koko; Uwizera afise ubugingo budashira.

[48] Ni jewe mutsima w'ubugingo.

[49] Ba sogokuruza banyu barira manu mu bugaragwa, barapfa,

[50] uwu ni wo mutsima umanuka uva mw'ijuru, ngo umuntu awuryako ntapfe.

[51] Ni jewe mutsima w'ubugingo wamanutse uvuye mw'ijuru; ni hagira uwurya kuri uwo mutsima azohoraho ibihe bidashira, kandi umutsima nzobaha n'umubiri wanje, utangirwa abari mw'isi ngo bagire ubugingo.

[52] Abayuda batanako ibirake bati: “Uwu ashobora ate kuduha umubiri wiwe ngo tuwurye?”

[53] Yesu arababwira ati: “Ni ukuri ni ukuri ndababwire; Ni mutarya umubiri w'Umwana w'umuntu, ngo munywe amaraso yiwe, nta bugingo mwogira muri mwebwe.”

[54] Uwurya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, ni we afise ubugingo budashira, nanje nzomuzura ku musi w'iherezo.

[55] Kuko umubiri wanje ari ico kurya c'ukuri, n'amaraso yanje ari ico kunywa c'ukuri.

[56] Uwurya umubiri wanje akanywa amaraso yanje, aguma muri jewe, nanje nkaguma muri we.

[57] Nk'uko Data w'ubugingo yantumye, nanje ndiho kubwa Data, ni ko uwundya na we azobaho kubwanje.

[58] Uwo ni wo mutsima wamanutse uvuye mw'ijuru, si nk'uwo ba sogokuruza banyu bariye, ariko bagapfa; uwurya uwo mutsima azohoraho ibihe bidashira.

[59] Ivyo yabivugiye mu rusengero rw'Abayuda yigisha i Kaperinawumu.

[60] Nuko benshi mu bigishwa biwe bavyumvise, baravuga bati: “Iryo jambo riragoye, hari uworyumva akarishobora?”

[61] Yesu amenye mu mutima ko abigishwa biwe bidodombera ivyo, arababaza ati: “Mbega ivyo birabatsitaje?”

[62] None bizomera bite ni mwabona Umwana w'umuntu aduga aja iyo yahora ubwa mbere?

[63] Impwemu ni zo zitera ubugingo, umubiri nta co umaze; amajambo ndababwiye ni impwemu n'ubugingo.

[64] Ariko muri mwebwe hariho bamwe batizera. Kuko Yesu yahereye ubwa mbere azi abatizera abo ari bo, n'uwuzomugura uwo ari we.

[65] Kandi aravuga ati: “Ni co catumye ndababwira ko ata wushobora kuza kuri jewe atabihawe na Data.”

[66] Kuva ico gihe benshi mu bigishwa biwe bamuva inyuma, ntibaba bakijana na we.

[67] Yesu abaza bamwe icumi na babiri ati: “Mbega namwe muragomba kwigira?”

[68] Simoni Petero aramwishura ati: “Tuje kwa nde ga Mwigisha? Ko ari wewe ufise amajambo y'ubugingo budashira,

[69] natwe twarizeye, tumenya yuko wewe uri Uwera w'Imana.”

[70] Yesu aramwishura ati: “Mbega si jewe nabatoranije uko muri icumi na babiri?” Ariko umwe muri mwebwe ni umwansi.”

[71] Yavuga Yuda Isikaryota, umwana wa Simoni, kuko ari we yagira azomugure, yari uwo muri bamwe icumi na babiri.

Yohana — Chapters