[1] Hariho uwari arwaye, ni Lazaro w'i Betaniya, ni wa musozi Mariya na mwene nyina Marita babako.
[2] Uwo Mariya ni we yasize Umwami Yesu amavuta amota cane ku birenge, amuhanaguza umushatsi wiwe; uwo Lazaro yari arwaye ni we musaza we.
[3] Bashiki biwe batuma kuri Yesu bati: “Mugenzi, wa wundi ukunda ararwaye.”
[4] Yesu avyumvise aravuga ati: “Iyo ndwara si iyo kumwica, ariko ni iyo gutuma bashimagiza Imana, kugira ngo n'Umwana w'Imana itume ashemagizwa.”
[5] Kandi Yesu yarakunda Marita na mwene nyina na Lazaro.
[6] Nuko yumvise ko arwaye, asibira aho hantu yari ari imisi ibiri.
[7] Hanyuma y'ivyo abwira abigishwa biwe ati: “Dusubire i Yudaya.”
[8] Abigishwa baramubwira bati: “Mwigisha, Abayuda baheruka gushaka kugutera amabuye, none usubireyo?”
[9] Yesu arabishura ati: “None isaha z'umurango si icumi na zibiri? Uwugenda ku murango ntatsitara, kuko abona umuco w'iyi si.
[10] Ariko uwugenda mw'ijoro aratsitara, kuko umuco utari muri we.”
[11] Amaze kuvuga ivyo, arababwira ati: “Lazaro, umukunzi wacu, arasinziriye, nanje ndagiye kumukangura.”
[12] Nuko abigishwa baramubwira bati: “Mugenzi, asangwa asinziriye, azokira.”
[13] Yamara Yesu yavuga ko yapfuye, ariko bo bagira ngo avuga kuruhuka kwo gusinzira.
[14] Buno Yesu avuga abifoboye ati: “Lazaro yahwereye;
[15] ariko kubwanyu ndanezerewe ko ntariyo, kugira ngo muzokwizere; noneho ni muze tuje iyo ari.”
[16] Toma ari we Hasa abwira abigishwa bagenzi biwe ati: “Ingo tugende, dupfane na Yesu.”
[17] Nuko Yesu ashitse asanga amaze imisi ine mu mva.
[18] I Betaniya hari hafi y'i Yerusalemu nka stadiyo icumi na zitanu.
[19] Nuko Abayuda benshi bari baje kwa Marita na Mariya ku bagarukirako kuko musaza wabo yapfuye.
[20] Nuko Marita yumvise ko Yesu aje, aragenda aramusanganira; ariko Mariya asigara yicaye mu nzu.
[21] Marita abwira Yesu ati: “Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye.”
[22] Kandi n'ubu ndazi ko ivyo wosaba Imana vyose, Imana yobiguha.
[23] Yesu aramubwira ati: “Musazawe azozuka.”
[24] Marita aramwishura ati: “Ndazi ko azozuka mw'izuka ryo ku musi w'iherezo.”
[25] Yesu aramubwira ati: “Ni jewe kuzuka n'ubugingo. Uwunyizera n'iyo yoba yarapfuye, azobaho;
[26] kandi uwuriho wese anyizera, nta ho azokwigera apfa gushitsa ibihe bidashira. Urizeye ivyo?”
[27] Na we ati: “Ego me Mugenzi, nizeye ko uri Kristo, Umwana w'Imana, umwe wo kuza mw'isi.”
[28] Avuze ivyo, asubira inyuma, yongorera Mariya, mwene nyina ati: “Umwigisha ari hano, araguhamagaje.”
[29] Na we avyumvise, ava hasi ningoga, aja aho ari.
[30] Yesu ntiyari bwashike muri iyo mihana, ariko yari akiri ha handi aho Marita yamusanganiriye.
[31] Buno Abayuda bari kumwe na Mariya mu nzu bamugandariye, babonye avuye hasi ningoga, asohotse, baramukurikira, bagira ngo agiye kuririra ku mva.
[32] Mariya ashitse aho Yesu ari, amubonye, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe ati: “Mugenzi, iyo uba wari hano, musazanje ntaba yahwereye.”
[33] Yesu abonye ko arira, n'Abayuda bari kumwe na we barira, agira ikigumbagumba mu mutima, biranka,
[34] arababaza ati: “Mwamuhamvye hehe?” Bati: “Mugenzi, ngwino urabe.”
[35] Yesu ararira.
[36] Abayuda baravuga bati: “Ehe ingene yamukunda.”
[37] Ariko bamwe muri bo baravuga bati: “Mbega uwo yahumuye amaso y'impumyi, ntiyoshoboye kubuza uwo ngo ntapfe?”
[38] Yesu yongera kugira ikigumbagumba mu mutima, ashika ku mva; kandi yari isenga yugajwe ikibuye.
[39] Yesu aravuga ati: “Ni mukureho iryo buye.” Marita mushiki w'uwapfuye, aramubwira ati: “Mugenzi, erega ubu aramaze kunuka, ko amaze imisi ine.”
[40] Yesu aramubwira ati: “Sinakubwiye ko ni wizera ubona ubwiza bw'Imana?”
[41] Nuko bakuraho ikibuye. Buno Yesu ararangamiza ati: “Data, ndagushima ko wanyumvirije.
[42] Jewe nari nsanzwe nzi ko unyumviriza ubudasiba, ariko ndabivugishijwe n'ishengero rihagaze ngaha, kugira ngo bizere ko ari wewe wantumye.”
[43] Amaze kuvuga ivyo, asemerera n'ijwi rirenga ati: “Lazaro, ngwino, sohoka.”
[44] Uwari yapfuye arasohoka, azingiriweko impuzu ku maguru no ku maboko, n'igitambara gipfutse mu maso hiwe. Yesu arababwira ati: “Ni mumuhamburure, mumureke, agende.”
[45] Nuko benshi muri abo Bayuda bari baje kwa Mariya, babonye ico Yesu akoze, baramwizera,
[46] ariko bamwe muri bo baja ku Bafarisayo, bababwira ivyo Yesu akoze.
[47] Nuko abaherezi bakuru n'Abafarisayo bakoranya inama nkuru y' abacamanza, barababaza bati: “Mbega, tugire dute? Ko uwu muntu akora ibimenyetso vyinshi.
[48] Ni twamurekeraho dutyo, bose bazohava bamwizera, kandi Abaroma bazoza batikize igisagara cacu n'ubwoko bwacu.”
[49] Ariko umwe muri bo, ni Kayafa, yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, arababwira ati: “Mwebwe nta co muzi na mba,
[50] kandi nta co mwiyumvira yuko ari ibibereye kubwanyu ko umuntu umwe apfira abantu, hako ubwoko bwose buhona.”
[51] Ivyo ntiyabivuze avyigeneye, ariko, kuko yari umuherezi mukuru muri uwo mwaka, yavugishijwe ko Yesu agira apfire ubwo bwoko;
[52] kandi si ubwo bwoko bwonyene, ariko ngo abana b'Imana bose bari basanzaye, abakoranirize hamwe.
[53] Nuko bahera uwo musi baja inama yo kumwica.
[54] Maze Yesu ntiyaba akigenda yibonekeza mu Bayuda, ariko avayo, aja mu gihugu kiri hafi y'ubugaragwa mu gisagara citwa Efurayimu, agumanayo n'abigishwa.
[55] Maze Pasika y'Abayuda yariko irashika, benshi bava mu misozi, baduga i Yerusalemu ngo bihumanure, Pasika itarashika.
[56] Maze barondera Yesu, babazanya bahagaze mu rusengero bati: “Mbega, mugira ngo iki? Ubwo ntazoza muri iyi misi mikuru?”
[57] Kandi abaherezi bakuru n'Abafarisayo bari bashinze ngo uwomenya aho ari aharange, ngo bamufate.