Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 7:22

[1] Maze Pilato afata Yesu, aramukubitisha.

[2] Abasoda na bo batsiba igitsibo c' amahwa bakimwambika mu mutwe, baraheza bamwambika impuzu itukura y'agaciro.

[3] Baramwegera bati: “Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda.” Maze bamukubita amakofe.

[4] Maze Pilato asubira gusohoka, arababwira ati: “Ehe ndamusohokanye aho muri, ngo mumenye ko ata kibi nabonye kuri we.”

[5] Nuko Yesu asohoka yambaye ico gitsibo c'amahwa na ya mpuzu itukura y'igiciro kinini. Pilato arababwira ati: “Ehe raba uwo muntu!”

[6] Maze abaherezi bakuru n'abagendanyi bamubonye, barasemerera bati: “Mubambe, mubambe.” Pilato arababwira ati: “Ni mube ari mwebwe mumwishorerera, mumubambe, kuko jewe ata gicumuro mbonye kuri we.”

[7] Abayuda baramwishura bati: “Twebwe dufise icagezwe, kandi kubwo ico cagezwe akwiye gupfa, kuko yigize Umwana w'Imana.”

[8] Nuko Pilato yumvise iryo jambo, arushiriza gutinya.

[9] Asubira kwinjira mu kibanza baciramwo imanza, abaza Yesu ati: “Uri uwa hehe?” Ariko Yesu ntiyamwishura na rimwe.

[10] Nuko Pilato aramubaza ati: “Nta co umbarira? Ntuzi yuko mfise ububasha bwo kukurekura, kandi mfise ububasha bwo kukubamba?”

[11] Yesu aramwishura ati: “Nta bubasha wari ufise kuri jewe, kiretse ubuhawe buvuye hejuru, ni co gituma uwakunshikirije afise icaha kirengeje.”

[12] Uhereye aho Pilato arondera uburyo bw'uko yomurekura, ariko Abayuda barasemerera bati: “Ni warekura uwo, ntuzoba ucuzura na Kayisari, kuko uwigira umwami wese aba agararije Kayisari.”

[13] Nuko Pilato yumvise ayo majambo, asohora Yesu, yicara ku ntebe y'imanza, yari ahantu hitwa Musezero w' amabuye, mu Giheburayo hitwa Gabata.

[14] Wari umusi wo kwitegurira Pasika, hari nk'isaha zitandatu. Abwira Abayuda ati: “Ehe raba umwami wanyu.”

[15] Na bo barasemerera bati: “Mukureho, mukureho, umubambe.” Pilato arababaza ati: “Mbambe umwami wanyu?” Abaherezi bakuru bati: “Nta mwami dufise, atari Kayisari.”

[16] Araheza aramubahereza, ngo abambwe. Nuko basumira Yesu

[17] Avayo, yiyikorereye umusaraba, ashika ahantu hitwa Nyagihanga, mu Giheburayo hitwa Gologota;

[18] bamubambaho, hamwe n'abandi babiri, umwe hirya, uwundi hino, Yesu yari hagati.

[19] Pilato yandika icandiko, agishira ku musaraba; canditswe ngo YESU UMUNYANAZARETI UMWAMI W'ABAYUDA.

[20] Benshi mu Bayuda basoma ico candiko, kuko aho hantu Yesu yabambwe hari hafi y'igisagara; kandi cari canditswe mu Giheburayo no mu Kiroma no mu Kigiriki.

[21] Nuko Abaherezi bakuru b'Abayuda babwira Pilato bati: “Nta co wandika ngo Umwami w'Abayuda, ariko ko yivuze ngo Ni jewe Mwami w'Abayuda.”

[22] Pilato arabishura ati: “Ico nanditse, nacanditse.”

[23] Nuko abasoda, bamaze kubamba Yesu, bakira impuzu ziwe, bazigaburamwo imigabane ine, umusoda wese umugabane wiwe; hasigara umutamana. Kandi uwo mutamana ntiwari ufise umubariro, wari ujishwe kumwe, uhereye hejuru kugeza hasi.

[24] Nuko baravugana bati: “Ntituwutabure, tuwupfindire, ugire uwuwegukiye.” Kwari ukugira ngo ivyanditswe bishike, ngo Bagabuye impuzu zanje, Bapfindira umwambaro wanje. Ivyo ni ko abasoda babikoze.

[25] Ariko i ruhande y'umusaraba wa Yesu hari hahagaze nyina, nyinabo, Mariya muka Kilopa na Mariya Magadalene.

[26] Yesu abonye nyina na wa mwigishwa yakunda ahagazeho, abarira nyina ati: “Nyina wanje, nguwo umwana wawe.”

[27] Maze abarira wa mwigishwa ati: “Nguwo nyoko.” Uhereye ako kanya uwo mwigishwa ajana Mariya i we.

[28] Hanyuma y'ivyo Yesu amenye yuko noneho vyose birangiye, kugira ngo icanditswe gishike, aravuga ati: “Ndafise inyota.”

[29] Aho hantu hari hateretse inkono yuzuye inkarisha, nuko bashira sipongo yuzuyemwo inkarisha kw' irenga, bayirungika ku munwa wiwe.

[30] Yesu amaze kuyihabwa, aravuga ati: “Birarangiye.” Araheza ajondamika umutwe, umutima uraca.

[31] Uwo musi wari uwo kwitegurira Pasika; nuko kugira ngo ababambwe ntibagume ku misaraba kw'isabato, kuko uwo musi w'isabato wari mukuru, Abayuda basaba Pilato ngo amaguru yabo avunwe, kandi ngo babamburwe.

[32] Maze abasoda baraza, bavuna amaguru y'uwa mbere n'ayo uwundi yabambanywe na we.

[33] Ariko bashitse kuri Yesu, babonye amaze gupfa, ntibaba bakimuvuna amaguru,

[34] ariko umwe mu basoda amucumita icumu mu rubavu; ako kanya hava amaraso n'amazi.

[35] Uwabibonye ni we yabishingiye intahe kandi intahe yiwe ni iyo ukuri, kandi arazi ko avuga ukuri, kugira ngo namwe mwizere.

[36] Kuko ivyo vyabayeho kugira ngo icanditswe gishike, ngo nta n'igufa ryiwe rizovunwa.

[37] Kandi hari ikindi canditswe, kivuga ngo Bazobona uwo bacumise.

[38] Hanyuma y'ivyo Yosefu Umunyarimataya, yari umwigishwa wa Yesu, ariko mu mpisho, ku bwo gutinya Abayuda, yaka Pilato ikiziga ca Yesu ngo akijane, Pilato aremera; nuko araza ajana ikiziga ciwe.

[39] Kandi haza na Nikodemu, umwe yaza kuri Yesu mw'ijoro ubwa mbere, azana ikivange c'isenga n'imbazi nk'ibilo mirongo itanu.

[40] Nuko bakira ikiziga ca Yesu, bakizingira mu mpuzu zera derere, hamwe n'ivyo bimota neza, nk'uko umugenzo w'Abayuda wo guhamba wari uri.

[41] Kandi aho hantu yabambwe hari itongo; kandi muri iryo tongo hari imva nshasha itarahambwamwo umuntu;

[42] aho ni ho bahamvye Yesu, kuko wari umusi wo kwitegura kw'Abayuda, kandi iyo mva ikaba hafi.

Yohana — Chapters