Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:43

[1] Nuko hasigaye imisi itandatu Pasika igashika, Yesu aja i Betaniya, ni ho haba Lazaro yari yazuye mu bapfuye.

[2] Barahamuzimanira; Marita yarahereza, kandi na Lazaro yari umwe wo mu bicaranye na we basangira.

[3] Maze Mariya yakira ingero y'amavuta amota cane y'igiciro kinini cane, y'agati kitwa narada, ayasiga ku birenge vya Yesu, abihanaguza umushatsi wiwe, kandi inzu yose itamiranamwo ayo mavuta.

[4] Ariko Yuda Isikaryota, umwe mu bigishwa biwe, uwagira azomugure, aravuga

[5] ati: “Ni igiki catumye ayo mavuta ataguzwe idenariyo amajana atatu, ngo zihabwe aboro?”

[6] Ariko ivyo ntiyabivugishijwe no kubabara aboro, ni uko yari umwivyi, agendana umupfuko, agasotora ku bibitswemwo.

[7] Yesu aramubwira ati: “Ni umureke, kuko ivyo yabibikiye umusi wo guhambwa kwanje.

[8] Aboro muramana imisi yose, ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.”

[9] Ishengero ryinshi ry'Abayuda rimenye ko ari ho ari, baraza, mugabo ntihari kubwa Yesu gusa, ariko kwari ukugira ngo barabe na Lazaro yazuye mu bapfuye.

[10] Ariko abaherezi bakuru baja inama yo kwica Lazaro na we,

[11] kuko kubwiwe Abayuda benshi babavako bakizera Yesu.

[12] Bukeye bw'aho, ishengero ryinshi ryari ryaje i Yerusalemu muri iyo misi mikuru, bumvise ko Yesu azayo,

[13] bakira amashami y'ibigazi, baja kumusanganira, barasemerera bati: “Hoziyana; hashemezwe uwuje mw'izina ry'Uhoraho, ni we Mwami w'Abisirayeli.”

[14] Kandi Yesu abonye inyana y'indogoba, ayicarako, nk'uko handitswe,

[15] ngo Nta co utinya, mukobwa w'i Siyoni, raba, Umwami wawe araje, ari ku nyana y'indogoba.

[16] Ivyo abigishwa ntibabitahuye ubwa mbere, ariko Yesu amaze guhabwa ubwiza bwiwe, ni ho bibutse ko ivyo yavyandikiwe, kandi ko ari vyo bamugiriye.

[17] Nuko rya shengero rimushingira intahe, rimwe ryari kumwe na we hamwe yahamagara Lazaro ngo ave mu mva, akamuzura mu bapfuye.

[18] Kandi ni co catumye ishengero rimusanganira, kuko bumvise ko yakoze ico kimenyetso.

[19] Ariko Abafarisayo bavugana muri bo bati: “Murabona ko ata co mumaze, raba isi yose yamukondoreye inyuma.”

[20] Hari Abagiriki bamwe, mu baduze gusenga mu misi mikuru,

[21] bashikira Filipo w'i Betsayida i Galilaya, baramwinginga bati: “Mugenzi, turagomba kuraba Yesu.”

[22] Filipo araza abibarira Andereya; Andereya na Filipo baraza babibarira Yesu.

[23] Yesu arabishura ati: “Igihe kirageze c'uko Umwana w'umuntu ahabwa ubwiza bwiwe.

[24] Ni ukuri ni ukuri ndababwire; iyo agatete k'ingano kataguye mw'ivu ngo gapfe, kaguma uko kari konyene; ariko iyo gapfuye, gahunda impeke nyinshi.

[25] Uwukunda ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwanka ubugingo bwiwe muri iyi si azobuzigama gushitsa ku bugingo budashira.

[26] Ni hagira uwunkorera, ni ankurikire, kandi aho nzoba ndi, umukozi wanje ni ho azoba, ni hagira uwunkorera, Data azomuha icubahiro.

[27] Umushaha wanje urahagaze; none mvuge iki? Ngire nti: “Data, ni unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike muri iki gihe.

[28] Data, shimagiza izina ryawe.” Maze ijwi riva mw'ijuru riti: “Ndarishimagije, kandi nzokwongera kurishimagiza.”

[29] Ishengero rihagazeho rivyumvise riti: “Ni umuturagaro.” Abandi bati: “Ni umumarayika avuganye na we.”

[30] Yesu arabishura ati: “Iryo jwi ntirije kubwanje, ariko rije kubwanyu.

[31] None ubu iyi si iciriweko urubanza, none ubu umutware w'iyi si agira ahindirwe hanze.

[32] Nanje ni namanikwa hejuru y'isi, nzokwikwegerako bose.”

[33] Avuga ivyo ari ukubamenyesha urupfu agira apfe.

[34] Ishengero riramwishura riti: “Twebwe twumvise mu vyagezwe ko Kristo azohoraho ibihe bidashira. None uvuze ute ngo Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa? Mbega uwo Mwana w'umuntu ni nde?”

[35] Yesu arababwira ati: “Hasigaye igihe gito umuco ukiri muri mwebwe; ni mugende mugifise umuco, umwiza ntubiriranireko.” Uwugenda mu mwiza ntamenya iyo aja.

[36] Mugifise umuco, mwizere umuco, ngo mube abana b'umuco. Yesu amaze kuvuga ivyo, arigira, arabihisha.

[37] Ariko naho yakoreye ibimenyetso bingana uko imbere yabo, ntibarushe bamwizera,

[38] ngo ijambo ry'uwavugishwa n'Imana Yesaya rishike, ngo, Mwami, ni nde yizeye ico twumvise? Kandi ukuboko kw'Uhoraho kwahishuriwe nde?

[39] Ni co catumye badashobora kwizera, kuko Yesaya yongeye kuvuga

[40] ati: “Yabahumye amaso, yabakomantaje imitima, Kugira ngo ntibaboneshe amaso, ngo batahurishe imitima, Bahindukire, Ngo ndabakize.”

[41] Ivyo Yesaya yabivuze, kuko yabonye ubwiza bwiwe, kandi ni we yavuzeko.

[42] Yamara no mu bakuru, benshi baramwizeye; ariko ku bwo Abafarisayo ntibavyatura, kugira ngo ntibahimburwe igikoba c'ubugabo mu rusengero rw'Abayuda,

[43] kuko bakunda icubahiro c'abantu kukirutisha icubahiro c' Imana.

[44] Yesu arasemerera ati: “Uwunyizera, si jewe yizeye, ariko yizeye uwantumye;

[45] uwumbonye aba abonye uwantumye.

[46] Naje mw'isi ndi umuco, kugira ngo uwunyizera wese ntazogume mu mwiza.

[47] Ariko ni hagira uwumva amajambo yanje, ntayazigame, si jewe ndamucira urubanza; kuko ntazanywe no gucira urubanza isi, ariko nazanywe no gukiza isi.

[48] Ariko uwungaya, ntiyemere amajambo yanje, ari n'ikizomutsindisha, ijambo navuze ni ryo rizomutsindisha ku musi w'umuhero.

[49] Kuko ivyo ntabivuze ndavyigeneye, ariko Data yantumye, ni we yangeze ivyo nkwiye kuvuga n'ivyo nkwiye gusigura.

[50] Kandi ndazi yuko ivyo yageze ari ubugingo budashira. Nuko ivyo mvuga, ndabivuga nk'uko Data yambariye.”

Yohana — Chapters