Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:00

[1] Ku wa mbere w'imisi indwi mu gaturuturu, hatarabona, Mariya Magadalene aja ku mva, abona ikibuye gikuwe ku mva;

[2] agenda ariruka ashikira Simoni Petero na wa mwigishwa wundi Yesu yakunda, arababwira ati: “Bakuye Umwami Yesu mu mva, kandi ntituzi aho bamushize.”

[3] Nuko Petero arasohoka, na wa mwigishwa wundi, baja ku mva.

[4] Bose birukira icarimwe, kandi wa mwigishwa wundi asiga Petero, amutanga ku mva.

[5] Yunamye, arungurutseyo, abona za mpuzu zera derere zirambitseho, ariko ntiyinjira.

[6] Maze Simoni Petero arashika amukurikiye, yinjira mu mva, abona za mpuzu zirambitseho,

[7] n'igitambara cari mu mutwe wiwe, kitarambitse hamwe na za mpuzu, ariko kizinze kiri ahaco ukwa conyene.

[8] Ni ho hinjiye wa mwigishwa wundi na we, umwe yabanje gushika ku mva, abibonye arizera.

[9] Kuko bataribwamenye ivyanditswe yuko akwiye kuzozuka mu bapfuye.

[10] Maze abo bigishwa bavayo basubira i wabo.

[11] Mariya yari ahagaze ku mva arira. Akiriko ararira, arunama, arunguruka mu mva,

[12] abona abamarayika babiri bambaye impuzu zera, bicaye umwe ku mutwe, uwundi mu mirambizo y'aho ikiziga ca Yesu cari kiryamye.

[13] Baramubaza bati: “Mbega nyina wanje, urizwa ni iki?” Na we ati: “Ni uko bakuyeho Umwami wanje, nanje nkaba ntazi aho bamushize.”

[14] Avuze ivyo, arakebuka, abona Yesu ahagaze, ariko ntiyamenya ko ari Yesu.

[15] Yesu aramubaza ati: “Mbega nyina wanje, urizwa n'iki? Urondera nde?” Na we yiyumvira ko ari umurimyi waho, aramubwira ati: “Mugenzi, namba ari wewe wamukuye hano, ndangira aho wamushize, ndamukureyo.”

[16] Yesu aramuhamagara ati: “Mariya.” Na we arahindukira, amwitaba mu Giheburayo ati: “Rabuni (risobanurwa ngo Mwigisha).”

[17] Yesu aramubwira ati: “Ntunkoreko, kuko ntaraduga kwa Data; ariko genda ku bavukanyi banje, ubabarire uti: 'Agira aduge kwa Se ari we So' kandi ku Mana yiwe ari yo Mana yanyu.”

[18] Mariya Magadalene aragenda, abarira abigishwa inkuru ati: “Nabonye Umwami;” abadondera ivyo yamubariye.

[19] Nuko kuri uwo musi bugorovye, ni wo musi wa mbere w'imisi indwi, imiryango yari yugaye aho abigishwa bari, kubwo gutinya Abayuda, Yesu araza abahagarara hagati, arababwira ati: “Amahoro abe muri mwebwe.”

[20] Amaze kuvuga atyo, abereka ibiganza vyiwe no mu rubavu. Maze abigishwa baranezerwa, babonye Umwami.

[21] Yesu yongera kubabwira ati: “Amahoro abe muri mwebwe.” Nk'uko Data yantumye ni ko nanje nabatumye.”

[22] Avuze ivyo, abahumekerako ati: “Ni mwakire Mpwemu Yera.

[23] Kandi abo muzoharira ivyaha bose, bazoba babihariwe; ariko abo mutazobiharira bose, ntibazoba babihariwe.”

[24] Ariko Toma ari we Hasa, umwe wo muri bamwe icumi na babiri, ntiyari kumwe na bo aho Yesu yaza.

[25] Abandi bigishwa baramubwira bati: “Twabonye Umwami.” Na we arabishura ati: “Ni ntabona inkovu z'imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z'imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.”

[26] Maze imisi umunani ishize abigishwa bari mu nzu ukundi gusha, na Toma bari kumwe. Yesu araza, imyango yari yugaye, abahagarara hagati ati: “Amahoro abe muri mwebwe.”

[27] Maze abwira Toma ati: “Zana hano urutoke rwawe, urabe ibiganza vyanje; zana n'urushi, urushire mu rubavu rwanje, nta co uba uwutizera, ariko ube uwizeye.”

[28] Toma aramwishura ati: “Mwami wanje, kandi Mana yanje.”

[29] Yesu aramubwira ati: “Wijejwe n'uko umbonye. Harahiriwe abatarinze kubona, yamara bakizera.”

[30] Hariho n'ibindi bimenyetso vyinshi Yesu yakoreye imbere y' abigishwa, bitanditswe muri iki gitabo.

[31] Ariko ibi vyandikiwe kugira ngo mwizere yuko Yesu ari we Kristo, Umwana w'Imana, no kugira ngo mwizeye mugire ubugingo mw'izina ryiwe.

Yohana — Chapters