Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:33

[1] Hari umuntu mu Bafarisayo, yitwa Nikodemu, yari umukuru wo mu Bayuda;

[2] Uwo aza kuri we mw'ijoro, aramubwira ati: “Mwigisha, turazi yuko uri umwigisha yavuye ku Mana, kuko ata muntu ashobora gukora ibimenyetso nk'ivyo ukora, kiretse Imana iri kumwe na we.”

[3] Yesu aramwishura ati: “Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe ubwa kabiri, ntashobora kubona ubwami bw'Imana.”

[4] Nikodemu aramubaza ati: “Umuntu ashobora ate kuvyarwa ashaje? Mbega yoshobora gusubira mu nda ya nyina akavuka?”

[5] Yesu aramwishura ati: “Ni ukuri ndakubwire koko. Iyo umuntu atavyawe n'amazi na Mpwemu, ntashobora kwinjira mu bwami bw' Imana.

[6] Ikivyawe n'umubiri na co ni umubiri; ikivyawe na Mpwemu na co ni impwemu.”

[7] Ntutangazwe n'uko ndakubwiye nti: “Murakwiye kuvyarwa ubwa kabiri.

[8] Umuyaga uhuhuta aho ugomba, nawe ukumva igihuhuta cawo, ariko ntumenye aho uva, n'aho uja; uko ni ko amera, uwuvyawe na Mpwemu wese.”

[9] Nikodemu aramubaza ati: “Ivyo bishoboka bite?”

[10] Yesu aramwishura ati: “Ni wewe mwigisha w'Abisirayeli, kandi ntutahura ivyo?”

[11] Ni ukuri ndakubwire koko: twebwe tuvuga ico tuzi, kandi dushingira intahe ico twabonye; ariko ntimwemera igishingantahe cacu.

[12] Ko nababwiye ivyo isi ntimwemere, none muzokwemera mute ni nababwira ivyo ijuru?

[13] Nta waduze mw'ijuru, atari uwamanutse ava mw'ijuru, ni we Mwana w'umuntu wo mw'ijuru.

[14] Kandi uko Mose yamanitse inzoka mu bugaragwa, ni ko Umwana w'umuntu akwiye kumanikwa,

[15] ngo uwumwizera wese ahabwe ubugingo budashira.”

[16] Kuko Imana yakunze urukundo abari mw'isi ari rwo rwatumye itanga umwana wayo w'ikinege, ngo uwumwizera wese ntazopfe rubi, ariko ahabwe ubugingo budashira.

[17] Kuko Imana itatumye Umwana wayo gucira urubanza abari mw'isi, ariko yamutumye ngo abari mw'isi bakizwe na we.

[18] Uwumwizeye ntazotsindwa n'urubanza, ariko uwutamwizeye aramaze gutsindwa, kuko atizeye izina ry'Umwana w' Imana w'ikinege.

[19] Uku ni kwo gutsindwa, kuko umuco waje mw'isi, ariko abantu bagakunda umwiza kuruta umuco, kuko ibikorwa vyabo ari bibi.

[20] Kuko uwukora ibibi wese yanka umuco, kandi ntaza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe ntibihanwe.

[21] Ariko uwukora ivyo ukuri aza ku muco, kugira ngo ibikorwa vyiwe biseruke ko vyakorewe mu Mana.

[22] Hanyuma y'ivyo Yesu ajana n'abigishwa biwe mu gihugu c'i Yudaya, atebanayo na bo, abatiza.

[23] Kandi Yohana na we yabatiriza ahitwa Ayinoni, hafi y'i Salimu, kuko aho hari amazi menshi, abantu baraza bakabatizwa,

[24] kuko Yohana ataribwashirwe mw'ibohero.

[25] Havyuka ibihari ku bigishwa ba Yohana n'Umuyuda ku vyo kwihumanura.

[26] Baza aho Yohana ari, baramubwira bati: “Mwigisha, uwo mwari kumwe hakurya ya Yorodani, umwe washingira intahe, erega na we ariko arabatiza, kandi bose baza kuri we.”

[27] Yohana arabishura ati: “Nta co umuntu ashobora kwironsa ubwiwe, atagihawe kivuye mw'ijuru.”

[28] Ni mwebwe ubwanyu munshingira intahe yuko navuze nti: “Si jewe Kristo, ariko natumwe kumwitangira imbere.”

[29] Uwuhawe umugeni ni we mukwe, ariko umugenzi w'uno mukwe amuhagaraye i ruhande amwumva, anezerwa cane n'ijwi ry'umukwe; nuko ako kanyamuneza kanje karashitse.

[30] Urya akwiye gukuzwa, nanje ngirwe muto.

[31] Uwavuye hejuru ni we asumba bose, uwo mw'isi aba ari uwo mw'isi nyene, avuga ivyo isi; uwavuye mw'ijuru ni we asumba bose.

[32] Ico yabonye, kandi yumvise, ni co ashingira intahe, ariko ugushinga intahe kwiwe nta wukwemera.

[33] Uwemeye ugushinga intahe kwiwe aba ateye igikumu ngo Imana ni iyo ukuri.

[34] Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y'Imana, kuko idatanga Mpwemu ku ngero.

[35] Se arakunda Umwana, kandi yamuhaye vyose, abishira mu kuboko kwiwe.

[36] Uwizeye Umwana arafise ubugingo budashira, ariko uwutumvira Umwana ntazobona ubugingo, ariko ishavu ry'Imana riguma kuri we.

Yohana — Chapters