Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 3:30

[1] Jewe ndi umuzabibu w'ukuri, kandi Data ni nyene wo.

[2] Ishami ryose ryo muri jewe ritama, arikuraho; kandi iryama ryose ararituturira, ngo rirushirize kwama.

[3] N'ubu mwebwe mumaze kwezwa kubwo ijambo nababwiye.

[4] Ni mugume muri jewe, nanje ngume muri mwebwe. Nk'uko ishami ritabasha kwama ubwaryo, ritagumye mu muzabibu, ni ko namwe mutabibasha, mutagumye muri jewe.

[5] Ni jewe muzabibu, namwe muri amashami; uwuguma muri jewe, nanje nkaguma muri we, uwo ni we yama cane, kuko ata co mubasha gukora mutamfise.

[6] Umuntu ni ataguma muri jewe atabwa nk'uko ishami ritererwa inyuma y'umurima w'inzabibu, akuma; maze bakayegeranya, bakayaterera mu muriro, agasha.

[7] Ni mwaguma muri jewe, amajambo yanje akabagumamwo, musabe ico mugomba cose, kizobabera kuno.

[8] Muri ivyo Data arashimagizwa, ni mwama cane, kandi mukaba abigishwa banje.”

[9] Nk'uko Data yankunze, ni ko nanje nabakunze; ni mugume mu rukundo rwanje.

[10] Ni mwitondera ivyagezwe vyanje, muzoguma mu rukundo rwanje, nk'uko nanje nitondeye ivyagezwe vya Data, nkaguma mu rukundo rwiwe.

[11] Ivyo ndabibabwiye, kugira ngo umunezero wanje ubabemwo, kandi n'umunezero wanyu wuzuzwe.

[12] Ngiki icagezwe canje: ni mukundane, nk'uko nabakunze.

[13] Nta wogira urukundo ruruta urwo uko umuntu yigura abakunzi biwe.

[14] Muri abakunzi banje, ni mwakora ivyo ndabategetse.

[15] Sinkibita abashumba, kuko umushumba atamenya ico shebuja akora; ariko mweho nabise abakunzi, kuko ivyo numvanye Data vyose nabibamenyesheje.

[16] Si mwebwe mwantoranije, ariko ni jewe nabatoranije, nabashizeho kugira ngo mugende murama imbuto, kandi ngo imbuto zanyu zigumeho, kugira ngo ico muzosaba Data cose mw'izina ryanje, akibahe.

[17] Ivyo ndabibategetse kugira ngo mukundane.

[18] Isi ni yabanka, mumenye ko jewe yabanje kunyanka, itarabanka.

[19] Iyo muba abo isi, isi iba ikunze icayo, maze kuko mutari abo isi, ariko nabatoranije mu bo isi, ni co gituma isi ibanka.

[20] Mwibuke rya jambo nababwiye nti: “Umushumba ntaruta shebuja; namba barampamye, namwe bazobahama; namba baritondeye ijambo ryanje, n'iryanyu bazoryitondera.”

[21] Ariko ivyo vyose bazobibagirira babahora izina ryanje, kuko batazi uwantumye.

[22] Iyo ntaba naraje ngo ngire ico ndababarira, nta caha baba bafise, ariko none ntibari n'ico bireguza icaha cabo.

[23] Uwunyanka aba yanka na Data.

[24] Iyo ntaba narakoreye ibikorwa muri bo bitigeze gukorwa n'uwundi, nta caha baba bafise, ariko noneho twe na Data baratubonye, baraheza baratwanka.

[25] Ariko vyabaye bityo kugira ngo ijambo ryanditswe mu vyagezwe vyabo rishike, ngo Banyankiye ubusa.

[26] Ariko Umwitsa aho azozira, uwo nzobarungikira ava kuri Data, ni we Mpwemu w'ukuri akomoka kuri Data, uwo ni we azonshingira intahe,

[27] kandi namwe nyene muranshingira intahe, kuko mwari kumwe nanje uhereye mu bihe vya kera.

Yohana — Chapters