Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:07

[1] Muri iyo misi hongera kuba ishengero ryinshi, babura ivyo kurya; ahamagara abigishwa, arababarira

[2] ati: “Ishengero rinteye akagongwe, kuko uwu ari umusi ugira gatatu turi kumwe, none ntibagira ico barya.

[3] Nobasezera ngo basubire i wabo bashonje, bogwira isari mu nzira, kandi bamwe ari aba kure.”

[4] Abigishwa biwe baramubaza bati: “Umuntu yokura hehe imitsima yo guhaza aba bantu, ko hano ari mu bugararwa?”

[5] Arababaza ati: “Mufise imitsima ingahe?” Na bo bati: “Ni indwi.”

[6] Abarira ishengero ngo ryicare hasi; yakira ya mitsima indwi, ayishimira Imana, arayimanyagura, ayihereza abigishwa biwe, ngo bayibagaburire; bayigaburira ishengero.

[7] Kandi bari bafise udufi duke; araduhezagira, avuga ko batubagaburira na two.

[8] Bararya, barahaga, begeranya utumanyagu tw'imisigazwa, twuzura ibiseke indwi.

[9] Bari nk'ibihumbi bine; arabasezera.

[10] Uwo mwanya atambukira mu bwato, bo n'abigishwa biwe, aja ahegereye i Dalamanuta.

[11] Haza Abafarisayo, batangura kumuhaririza, bamuronderako ikimenyetso kiva mw'ijuru, bamugeza.

[12] Aruhutsa umutima cane ati: “Ni igiki gitumye abo iki gihe barondera ikimenyetso? Ndababwira ukuri abo iki gihe bakazohabwa ikimenyetso!”

[13] Abasiga hano, yongera gutambukira mu bwato, ajabuka hakurya.

[14] Kandi bari bibagiye gutekera imitsima, nta yo bari bafise mu bwato, atari irobe rimwe.

[15] Arabihanikiriza ati: “Mumenye, mwirinde umwambiro w'Abafarisayo n'umwambiro wa Herode.”

[16] Baravugana bati: “Ntidufise imitsima.”

[17] Yesu arabimenya, arababaza ati: “Ni igiki gitumye mwiburanya ngo nta mitsima mufise?” Ntimuraruha mubimenya canke mubitahura? Mbega mufise imitima ikomantaye?

[18] Amaso ko muyafise ntimuruha mubona? Mufise amatwi, ntimwumva, kandi ntimwibuka?

[19] Hamwe namanyagurira ya mitsima itanu ibihumbi bitanu, mwegeranije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyagu?” Baramwishura bati: “Ni icumi na bibiri.”

[20] Kandi hamwe namanyagurira ya mitsima indwi ibihumbi bine, mwatororokanije ibiseke bingahe vyuzuye utumanyagu? Baramwishura bati: “Ni indwi.”

[21] Arababaza ati: “Ntimuraruha mubitahura?”

[22] Baraza bashika i Betsayida. Bamuzanira impumyi, baramwinginga ngo ayikoreko.

[23] Afata iyo mpumyi ukuboko, ayikura mu mihana, acira amate mu maso yayo, ayirambikako ibiganza, arayibaza ati: “Hari ico ubona?”

[24] Iraramura amaso, iramwishura iti: “Ndabona abantu kuko mbona ibisa n'ibiti bigendagenda.”

[25] Yongera kurambika ibiganza ku maso yayo, iritegereza, irakira, yihweza vyose neza.

[26] Amurungika i we ati: “Ntuje no muri iyi mihana.”

[27] Yesu avanayo n'abigishwa biwe, aja mu mihana y'i Kayisariya mu bwa Filipo. Bari mu nzira, abaza abigishwa biwe ati: “Abantu bagira ngo ndi nde?”

[28] Baramwishura bati: “Bagira ngo uri Yohana Umubatizi, abandi ngo uri Eliya,” “abandi ngo uri umwe mu bavugishwa n' Imana.”

[29] Na we arababaza ati: “Ariko mweho mugira ngo ndi nde?” Petero aramwishura ati: “Uri Kristo.”

[30] Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babwira ivyiwe.

[31] Atangura kubigisha ati: “Umwana w'umuntu akwiye kuzobabazwa uburyo bwinshi, no kuzokwankwa n'abashingantahe, abakuru b'abaherezi, abahinga b'ivyanditswe, no kuzokwicwa, maze hashize imisi itatu akazuka.”

[32] Avuga iryo jambo ataguhishangiza. Petero aramwihererana, atangura kumwamira.

[33] Arahindukira, abona abigishwa biwe, akankamira Petero ati: “Herera inyuma yanje, Satani, kuko ivyo Imana atari vyo ubabaye, ariko ni ivyo abantu.”

[34] Ahamagara ishengero bo n'abigishwa biwe, arababwira ati: “Umuntu ni yagomba kunkurikira, ni yiyanke, yikorere umusaraba wiwe, ankurikire;

[35] kuko uwugomba gukiza ubugingo bwiwe azobubura, ariko uwuzoheba ubugingo bwiwe kubwanje no ku bugingo bwo ubutumwa bwiza, azobukiza.”

[36] Kandi umuntu vyomumarira iki kwunguka ivyo mw'isi vyose, abitangiye ubugingo bwiwe ko iciru?

[37] Mbega umuntu yotanga iki ngo acungure ubugingo bwiwe?

[38] Kuko umuntu wese bizotera isoni kunyemera no kwemera amajambo yanje muri iki gihe c'ubusambanyi kandi c'ikinyavyaha, n'Umwana w'umuntu bizomutera isoni kumwemera, aho azozira afise ubwiza bwa Se, azananye n'abamarayika bera.

Mariko — Chapters