[1] Avayo, aja mu ntara y'i wabo, abigishwa biwe baramukurikira.
[2] Isabato ishitse, aca yigishiriza mu rusengero rw'Abayuda. Benshi bamwumvise baratangara bati: “Ivyo vyose uwu yabikuye hehe?” Kandi n'ubwenge ki yahawe, n'ivyo bitangaza bingana bityo bikorwa n'amaboko yiwe ni ibiki?
[3] Mbega si wa mubaji, umwana wa Mariya, mwene nyina wa Yakobo na Yose, Yuda na Simoni? Bashiki biwe na bo ntibari hano i wacu? Ivyiwe birabatsitaza.
[4] Yesu arababwira ati: “Umuntu avugishwa n'Imana ntagawa ahandi, atari mu ntara y'i wabo, no mu muryango w'i wabo, no mu nzu y'i wabo.”
[5] Maze ntiyashobora gukorerayo igitangaza na kimwe, atari abarwaye bake yarambitseko ibiganza akabakiza.
[6] Atangazwa n'ukutizera kwabo. Agendagenda mu mihana ihakikije, yigisha.
[7] Ahamagara bamwe icumi na babiri, atangura kubatuma babiribabiri, abaha ububasha ku mpwemu zihumanye.
[8] Ababuza ngo ntibagire ico bajana ku nzira, atari inkoni gusa ati: “Ntimujane induhuro canke isaho canke amahera mu mipfuko yanyu,
[9] ariko mwambare ibirato, kandi ntimwambare amapfundo abiri.”
[10] Kandi arababwira ati: “Inzu yose muzokwinjiramwo, mube ari yo mugumamwo, kugeza aho muzovira aho hantu.”
[11] Ahantu hose aho bazokwanka kubakira ntibabumvirize, mukivayo muzokunkumure umukungugu wo mu birenge vyanyu, kibe ikimenyetso kibabere icabona.”
[12] Baragenda, bigisha ko abantu bakwiye kwihana.
[13] Basenda abadayimoni benshi, basiga amavuta abarwaye benshi, barakira.
[14] Umwami Herode aravyumva, kuko izina rya Yesu ryari ribaye rurangiranwa, aravuga ati: “Yohana Umubatizi yazutse mu bapfuye, ni co gituma ivyo bitangaza bikorera muri we.”
[15] Ariko abandi baravuga bati: “Ni Eliya;” abandi bati: “Ni umuntu avugishwa n'Imana, nka ba bandi bavugishwa na yo.”
[16] Ariko Herode avyumvise, aravuga ati: “Yohana uwo naciye izosi ni we yazutse.”
[17] Kuko Herode ubwiwe ari we yari yatumye ngo bafate Yohana, aramuboha, amushira mw'ibohero, kubwa Herodiya mwene se umugore wa Filipo, kuko Herode yamucuye.
[18] Kandi Yohana yari yarabwiye Herode ati: “Ni ikizira ko ufise muka mwene so.”
[19] Ni co catumye Herodiya amugirira akazika, agomba kumwica, ntiyaronka uburyo;
[20] kuko Herode yatinya Yohana, amuzi ko agororotse kandi ari umuntu yera, aramukingira; iyo amwumvise hose, ivyiwe vyaramuzazanira, yamara yanezererwa kumwumva.
[21] Maze umusi uragera, uburyo buraboneka; wari umusi wo kwibutsa ukuvuka kwa Herode; atumira abaganwa biwe, n'abakuru b'intwazangabo z'abasoda, n'abapfasoni b'i Galilaya, ngo baze abatereke.
[22] Umukobwa wa Herodiya nyene arinjira aratamba, Herode n'abashitsi biwe baramushima. Umwami abwira uwo mukobwa ati: “Nsaba ico ugomba cose, ndakiguha.”
[23] Aramurahira ati: “Ico unsaba cose ndakiguha, n'iyo coba igisate c'ubwami bwanje.”
[24] Arasohoka, abaza nyina ati: “Nsabe iki?” Aramwishura ati: “Saba umutwe wa Yohana Umubatizi.”
[25] Aca aza aho umwami ari ningoga, aramusaba ati: “Ndagomba ko umpa nonaha umutwe wa Yohana Umubatizi ku mubehe.”
[26] Umwami arababara cane, ariko kubwa za ndahiro ziwe, no ku bwo abasangira na we, bimunanira kuwumwima.
[27] Uwo mwanya umwami atuma uwucungera irembo, amubarira kuzana umutwe wa Yohana. Aragenda, amucira izosi mw'ibohero,
[28] azana umutwe wiwe ku kibehe, awuha wa mwigeme, na we awuha nyina.
[29] Abigishwa biwe bavyumvise baraza, bajana ikiziga ciwe, bagihamba mu cobo.
[30] Nuko za ntumwa zikoranira aho Yesu ari, zimudondera ivyo zakoze vyose n'ivyo zigishije.
[31] Arababwira ati: “Ni muze mwebwe mwenyene ahiherereye mu gahinga, muruhuke gatoya.” Kuko hari uruja n'uruza, babura n'ingene botamira utwo kurya.
[32] Bagenda mu bwato, baja ahantu h'agahinga kwihererayo.
[33] Bababona bagenda, benshi barabamenya, bava mu bisagara vyose, barirukanga, bajana inkokoro y'ikiyaga, babatangayo.
[34] Yesu avuye mu bwato, abona ishengero ryinshi, rimutera akagongwe kuko bameze nk'intama zitagira umwungere; atangura kubigisha vyinshi.
[35] Buriko burira, abigishwa biwe baramwegera bati: “Mbega hano hantu ko ari mu gahinga, bukaba buhaye burira;
[36] basezere, baje mu misozi no mu mihana impande zose, kwirondererayo ivyo kurya.”
[37] Arabishura ati: “Mube ari mwebwe mubagaburira.” Baramubaza bati: “Tugende tugure imitsima y'idenariyo amajana abiri, tuyibahe ga barye?”
[38] Na we arababaza ati: “Mufise imitsima ingahe?” Ni mugende muyirabe. Babimenye baramwishura bati: “Ni dutanu, n'udufi tubiri.”
[39] Ababarira ko bose bicara ku vyatsi bibisi bari mu mirwi.
[40] Bicara imirongo imirongo, hamwe ijanijana ahandi mirongo itanitanu, batyo batyo.
[41] Yakira ya mitsima itanu na za fi zibiri, ararangamiza, araba mw'ijuru, arabihezagira, amanyagura iyo mitsima, ayiha abigishwa ngo bayishire imbere y'abantu, n'ifi zompi na zo arazibagaburira bose.
[42] Bararya bose barahaga.
[43] Begeranya utumanyagu tw'imitsima n'utw'ifi, twuzura ibiseke icumi na bibiri.
[44] Abariye iyo mitsima bari abagabo ibihumbi bitanu.
[45] Uwo mwanya Yesu agobera abigishwa biwe ngo batambukire mu bwato, batangure kujabuka hakurya i Betsayida, aheze gusezera rya shengero.
[46] Ahejeje gusezerana na bo avayo, aduga umusozi gusenga.
[47] Bwagorovye, bwa bwato bushitse mw'ibenga, ariko we yari i musozi wenyene.
[48] Abonye ko batamijwe no gusoza, kuko umuyaga wari ubaturutse imbere, ku muteramyi agira kane aza aho bari, agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, yagira abarengane.
[49] Ariko babonye agendesha amaguru hejuru ku kiyaga, bagira ngo ni igihume, bakoma induru y'ubwoba.
[50] Bose baramubona, basimbwa n'umutima. Ariko uwo mwanya arabavugisha ati: “Humura ni jewe, ni mureke gutinya.”
[51] Aratambuka, aja mu bwato barimwo; umuyaga uraca. Barumirwa cane mu mitima yabo;
[52] kuko batatahuye ivya ya mitsima, ariko imitima yabo yari ikomantaye.
[53] Bamaze kujabuka hakurya, bagenda mu misozi mu ntara y'i Genesareti, bazirika ubwato ku nkombe.
[54] Bavuye mu bwato, abaho baca baramumenya.
[55] Birukanga impande zose muri ico gihugu cose, batangura guterura abarwaye mu nderuzo, babakwiragirana aho bamwumvise hose.
[56] Kandi aho yaja, mu mihana, mu bisagara canke mu misozi, bashira abarwaye mu tuguriro, bakamwinginga ngo bamukore naho hoba ku buyonga bw'impuzu yiwe gusa; abamukozeko bose bagakira.