Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:25

[1] Bageze hafi y'i Yerusalemu, bashikira i Betifage n'i Betaniya ku musozi wa Elayono, atuma babiri bo mu bigishwa biwe,

[2] arababarira ati: “Muje muri iriya mihana iri imbere yanyu; ni mwayishikamwo, muca mubona inyana y'indogoba iziritse, ata muntu yigeze kuyigenderako; muyiziture muyizane.”

[3] Kandi ni hagira uwubabaza ati: “Ivyo mubikoreye iki?” Mumwishure muti: “Databuja ni we ayigomba.” Uwo mwanya arayirungika ino.

[4] Baragenda, basanga inyana y'indogoba iziritse i ruhande y'irembo ku nzira, barayizitura.

[5] Bamwe mu bahahagaze barababaza bati: “Mukora iki ko muzitura iyo nyana?”

[6] Na bo babishura nk'uko Yesu yababariye; barabareka.

[7] Bazana iyo nyana aho Yesu ari, bayishirako impuzu zabo, ayicarako.

[8] Benshi basasa impuzu zabo mu nzira, abandi basasa amashami y'ibiti, ayo baciye mu matongo.

[9] Abari imbere yiwe n'abamukurikiye barasemerera bati: “Hoziyana, hashemezwe uwuje mw'izina ry' Uhoraho,

[10] ubwami buje bushimwe, ni bwo bwa sogokuruza Dawidi; Hoziyana mw'ijuru.”

[11] Ashika i Yerusalemu, yinjira mu rusengero, maze ahejeje kweraguza vyose, kuko bwari bugorovye, arasohoka, aja i Betaniya, ajanye na bamwe icumi na babiri.

[12] Bukeye bamaze kuva i Betaniya, yumva arashonje.

[13] Akiri kure, abona umusukoni uriko amababi, arawegera ngo kumbure yogira ico awusangako; awushitseko ntiyagira ico awubonako, atari amababi; kuko kitari igihe co kwama c'umusukoni.

[14] Arawubwira ati: “Ntugapfe hari uwuriye ku nsukoni zawe uhereye ubu ugashitsa ibihe bidashira.” Abigishwa biwe baravyumva.

[15] Bashika i Yerusalemu. Yinjira mu rusengero, atangura guhindira hanze abarudandarizamwo n'abaruguriramwo, ahenura imeza y'abavunja amahera n'intebe z'abariko baragurwako inuma,

[16] ntiyakundira umuntu n'umwe guhita mu rusengero atwaye ikintu co mu bikoresho.

[17] Arigisha arababwira ati: “Mbega ntivyanditswe, ngo ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengerwamwo n'amahanga yose?” Ariko mwebwe mwayihinduye nk'isenga ry'abambuzi.

[18] Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe bavyumvise barondera ingene bomwica, kuko bamutinya, kuko abantu bose batangazwa n'inyigisho ziwe.

[19] Iyo bugorovye, yama ava mu gisagara.

[20] Bukeye mu gitondo ca kare bariko barahita babona wa musukoni, wahereye ku mizi wakabiranye.

[21] Petero yibutse aramubwira ati: “Mwigisha, ehe wa musukoni wavumye wakabiranye.”

[22] Yesu aramwishura, arababwira ati: “Mwamane ukwizera Imana.”

[23] Ndababwira ukuri yuko umuntu wese yobwira uwu musozi ati: “Shinguka utabwe mu kiyaga, ntabikekeranye mu mutima, ariko akizera yuko ico avuze gikorwa, azokibona.

[24] Ni co gitumye ndababwira yuko ivyo musenga canke musaba vyose, mwizere yuko mubihawe, kandi muzobibona.

[25] Kandi ni mwahagarara musenga, ni haba hari ico mupfa n'uwundi, mukimuharire, ngo So wo mw'ijuru na we abaharire ivyaha vyanyu, [

[26] ariko ni mutaharira abandi, na So wo mw'ijuru ntazobaharira ivyaha vyanyu.]”

[27] Bongera kuja i Yerusalemu. Akigendagenda mu rusengero, abaherezi bakuru, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe baza kuri we,

[28] baramubaza bati: “Ni ububasha ki bugutera gukora ivyo? Canke ni nde yaguhaye ubwo bubasha bwo kubikora?”

[29] Yesu arabishura ati: “Nanje hinge ndababaze ijambo rimwe, munyishure; mpeze ndababarire ububasha bunkoresha ivyo.

[30] None ukubatiza kwa Yohana kwaturutse mw'ijuru, canke se mu bantu? Ni munyishure.”

[31] Baravugana bati: “Ni twavuga ko ari mw'ijuru; ahava atubaza ati: 'Ni igiki cababujije kumwemera?'”

[32] Ariko mbega tuvuge tuti: “Ni mu bantu?” Batinya abantu, kuko bose biyumvira badakekeranya yuko Yohana yavugishwa n'Imana.

[33] Bishura Yesu bati: “Ntituhazi.” Yesu arababwira ati: “Nuko rero nanje sindababwira ububasha bunkoresha ivyo.”

Mariko — Chapters