[1] Hari hasigaye imisi ibiri, imisi mikuru ya Pasika ikagera, ni yo yo kurya imitsima itambiwe. Abaherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe barondera uburyo bwo guhenda Yesu ngo bamufate bamwice;
[2] kuko bavuga ko batamufata mu misi mikuru, abantu bogumuka.
[3] Ari i Betaniya mu nzu kwa Simoni umunyamibembe, yicaye ariko ararya, haza umugore afise agacupa k'amavuta amota cane, y'igiciro kinini cane, y'agati kitwa narada; amena ako gacupa k'amavuta ayamusuka ku mutwe.
[4] Bamwe muri bo baritonganya bati: “Mbega ubu buhombe bw'aya mavuta ni ubwo iki?”
[5] Kuko yoshoboye kugurwa idenariyo amajana atatu arenga, zigahabwa aboro; baramwidodombera.
[6] Yesu arababarira ati: “Ni mumureke! Mumubabariza iki? Ankoreye igikorwa ciza.
[7] Aboro muramana imisi yose; aho mwogombera mwobagirira neza; ariko jeho ntituja kwamana imisi yose.
[8] Akoze uko ashoboye, ansutse amavuta ku mubiri awutegurira guhambwa bitaraba.
[9] Ndababwire ukuri, aho ubutumwa bwiza buzovugwa hose mw'isi yose, n'ico uwu akoze kizovugwa, kibe icibutso ciwe.”
[10] Kandi Yuda Isikaryota, yari umwe muri bamwe icumi na babiri, aja ku baherezi bakuru, ngo azomubaronkere.
[11] Bavyumvise baranezerwa, basezerana kumuha amahera y'ifeza. Arondera uburyo bwo kumubaronkera.
[12] Ku musi wo gutangurirako ivyo kurya imitsima itambiwe, uwo babagako umwagazi w'intama wa Pasika, abigishwa biwe baramubaza bati: “Ugomba ko twoja hehe gutegura ivya Pasika ngo ubirye?”
[13] Atuma babiri mu bigishwa biwe, arababarira ati: “Ni muje mu gisagara, umugabo muribuhure yikoreye umubindi w'amazi mumukurikire.
[14] Aho aja kwinjira mubwire nyene urwo rugo muti: 'Umwigisha agize ngo indaro yiwe y' aho asangirira ivya Pasika n'abigishwa biwe iri hehe?”
[15] Ubwiwe aribubereke inzu nini yo hejuru, isezeye, iteguritse; mube ari yo muduteguriramwo.”
[16] Ba bigishwa baragenda, baja mu gisagara, babisanga uko yabibabariye; bategura ivya Pasika.
[17] Bugorovye Yesu azanana na bamwe icumi na babiri.
[18] Bicaye bariko bararya, Yesu arababwira ati: “Ndababwire ukuri; umwe muri mwebwe, dusangira, agira angure.”
[19] Batangura kubabara, bamubaza umwumwe bati: “Mbega ni jewe?”
[20] Arabishura ati: “Umwe muri mwebwe icumi na babiri, turiko turakoreza amaboko rimwe mu mubehe, ni we.”
[21] Umwana w'umuntu agira agende nk'uko vyanditswe kuri we; ariko uwo muntu agura Umwana w'umuntu azobona ibara; uwo muntu ivyomubereye vyiza iyaba atavutse.
[22] Maze bariko bararya, yakira umutsima; awuhezagiye arawumanyagura, arawubaha ati: “Ni mwakire, uwu ni umubiri wanje.”
[23] Yakira igikombe; agishimiye Imana arakibaha, bakinywerako bose.
[24] Arababarira ati: “Ico ni amaraso yanje y'isezerano, aviriye benshi.”
[25] Ndababwire ukuri, sinzokwongera kunywa ku nzabibu, gushitsa kuri wa musi nzonywera umutobe wazo musha mu bwami bw'Imana.
[26] Bahejeje kuririmba, barasohoka, baja ku musozi wa Elayono.
[27] Maze Yesu arababwira ati: “Mwese muhava mutsitazwa; kuko handitswe, ngo nzokubita umwungere, intama zisanzare.”
[28] Ariko ni namara kuzurwa, nzobitangira imbere kuja i Galilaya.
[29] Maze Petero aramubwira ati: “N'iyo vyotsitaza bose, urakura jeho.”
[30] Yesu aramubwira ati: “Ndakubwira ukuri yuko wewe ubwawe uwu musi muri iri joro nyene, inkoko itarabika uhava unyihakana gatatu.”
[31] Ariko arihanukira cane ati: “Ni iyo noba nkwiye gupfana nawe, sinokwihakana.” N'abandi na bo bavuga batyo bose.”
[32] Maze bashika ahantu hitwa i Getsemane, abarira abigishwa biwe ati: “Ba muricaye hano, mbanze nje gusenga.”
[33] Ajana Petero, Yakobo na Yohana, atangura kugira ubwoba no guhagarika umutima cane.
[34] Arababwira ati: “Umutima wanje uri n'akabonge kagomba kunyica; ba muragumye hano, mube maso.”
[35] Yunguruza imbere gatoya, yubama hasi arasenga ngo ico gihe kimurengane, asangwa bishoboka
[36] Ati: “Abba, Data, vyose biragushobokera; kura iki gikombe kindengane, ariko ntibibe uko jewe ngomba, yamara bibe uko wewe ugomba.”
[37] Aragaruka, asanga basinziriye, abaza Petero ati: “Simoni, urasinziriye? Nturushe uba maso n'isaha n'imwe?
[38] Ni mube maso, musenge, ntimuje mu mosha mabi. Umutima ni wo ukunze, ariko umubiri ufise intege nke.”
[39] Yongera kugenda, arasenga, avuga amajambo amwe n'aya mbere.
[40] Yongera kugaruka, asanga basinziriye, kuko amaso yabo yari aremerewe cane, ntibamenya ico bamwishura.
[41] Agaruka ubugira gatatu, arababarira ati: “Ni mwisinzirire noneho, muruhuke; biraheze. Igihe kirashitse; raba Umwana w'umuntu ashizwe mu maboko y'abanyavyaha.
[42] Ni muvyuke, tugende, ehe uwunguze ari hafi.”
[43] Buno nyene akivuga, Yuda, umwe muri bamwe icumi na babiri, araza, azananye n'igitero kizanye inkota n'amahiri, kivuye ku baherezi bakuru n'abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe.
[44] Ariko uwumugura yari yabahaye ikimenyetso ati: “Uwo nja gusoma azoba ari we, mumufate, mumujane mumugumije.”
[45] Ashitse, aca aramwegera ati: “Mwigisha;” maze aramusomagura.
[46] Bamushorerako amaboko, baramufata.
[47] Maze umwe mu bahagazeho asokora inkota, ayikubita umushumba w'umuherezi mukuru, amuca ugutwi.
[48] Yesu arababaza ati: “Mbega munziye kumfata nk'umwambuzi, muzanye inkota n'amahiri?
[49] Ko namana namwe mu rusengero nigisha imisi yose, ntimumfate; ariko ibi bibaye kugira ngo ivyanditswe bishike.”
[50] Maze bose baramuta barahunga.
[51] Kandi umuhungu umwe w'umusore amuja inyuma, yizingiyeko impuzu imwe gusa, baramufata;
[52] abatana impuzu yiwe, ahunga ataco yambaye.
[53] Bajana Yesu ku muherezi mukuru, abaherezi bakuru bose n'abashingantahe n'abahinga b'ivyanditswe bakoraniraho.
[54] Petero amuja inyuma barenga arenguka, ashika imbere mu rugo rw'umuherezi mukuru; yicarana n'abagendanyi yota umuriro.
[55] Maze abaherezi bakuru n'abashingantahe ba sentare bose baronderera Yesu ibirego vyomwicisha, barabibura.
[56] Naho abamurega ibinyoma bari benshi, ibirego vyabo ntivyari bihuye.
[57] Bamwe bava hasi, baramubeshera
[58] bati: “Twebwe twaramwumvise avuga ngo yosambura uru rusengero rwubatswe n'intoke akubaka urundi rutubatswe n'intoke mu misi itatu.”
[59] Ariko na ho nyene amajambo yabo ntiyari ahuye.
[60] Umuherezi mukuru arahaguruka, ahagarara hagati, abaza Yesu ati: “Nta co wiregura? Aba bakwagirije iki?”
[61] Arihorera, ntiyamwishura na rimwe. Umuherezi mukuru yongera kumubaza ati: “Ni wewe Kristo, Umwana w'Iyishimwa?”
[62] Yesu aramwishura ati: “Ndi we; kandi muzobona Umwana w'umuntu yicaye i buryo bw'ububasha bw'Imana, azananye n'ibicu vyo kw'ijuru.”
[63] Maze umuherezi mukuru yitabagurirako imyambaro yiwe, aravuga ati: “Turacaronderera iki ivyabona?
[64] Muriyumviye ingene atutse Imana; mugira ngo iki?” Bose bamucira urubanza ngo akwiye gupfa.
[65] Bamwe batangura kumuvuma amate, bamupfuka mu maso, bamukubita ibipfunsi bati: “Ni udupfindure.” Abagendanyi bamushikizako amashi.
[66] Petero akiri mu rugo ahahera hepfo, haza umwe mu ncoreke z'umuherezi mukuru,
[67] abonye Petero yota umuriro, aramwitegereza, aramubwira ati: “Nawe nyene mwari kumwe na wa Munyanazareti Yesu.”
[68] Na we arabihakana ati: “Sinzi ico uvuze, sindagitahuye.” Maze arunguruza, ashika mu bikingi vy'irembo; inkoko irabika.
[69] Ya ncoreke imubonye, itangura kwongera kubwira abahagazeho iti: “Uwu ni uwo muri bo.”
[70] Na we yongera kubihakana. Maze hahise akanya, abahagazeho bongera kubwira Petero bati: “Ni ivyo ukuri uri uwo muri bo, bitayeko uri Umunyagalilaya.”
[71] Na we atangura kurahira arisiba ati: “Uwo muntu muvuga sindanamuzi.”
[72] Uwo mwanya inkoko ibika ubugira kabiri. Petero yibuka rya jambo Yesu yamubwiye ati: “Inkoko itarabika, uja kunyihakana gatatu;” avyiyumviriye, ararira.