[1] Yongera kwinjira mu rusengero rw'Abayuda; kandi hari umuntu anyunyutse ukuboko;
[2] baramugenza ngo barabe ko amukiza kw'isabato, ngo bamurege.
[3] Abarira uwo muntu anyunyutse ukuboko ati: “Va hasi, uhagarare hagati.”
[4] Arababaza ati: “Mbega ivyemerwa ni ugukora ivyiza kw'isabato canke ni ugukora ibibi? Gukiza umuntu canke kumwica?” Barihorera.
[5] Aberaguzamwo amaso, aratse, ababazwa n'uko imitima yabo ikomantaye, abarira uwo muntu ku gorora ukuboko kwiwe. Arakugorora, kurakira.
[6] Abafarisayo barasohoka, baja hamwe n'abantu ba Herode baca bamugira inama ngo babone ingene bomwica.
[7] Maze Yesu n'abigishwa biwe bavayo, baja ku kiyaga. Ishengero ryinshi riramukurikira, bavuye i Galilaya, i Yudaya,
[8] i Yerusalemu, muri Idumaya, hakurya ya Yorodani, abahereranye, no muri Tiro n'i Sidoni, ishengero ryinshi ryumvise ivyo yakoze riza kuri we.
[9] Abarira abigishwa biwe ngo bagumishe ubwato butoya hafi ku bwo ishengero, ngo ntirimubande.
[10] Kuko yakijije benshi, ni co catumye abari bafise ivyago bose bamuhenukirako, ngo bamukoreko.
[11] Impwemu zihumanye na zo uko zimubonye zamwikubita imbere, zigasemerera ziti: “Uri Umwana w'Imana.”
[12] Arazihanikiriza cane, ngo ntizigende ziramwandagaza.
[13] Maze aduga umusozi muremure, ahamagara abo agomba, baza kuri we.
[14] Atoranya icumi na babiri bo kubana na we, maze ngo abatume kwigisha,
[15] no kugira ububasha bwo kwirukana abadayimoni.
[16] Nuko atoranya aba icumi na babiri: Simoni, amwita Petero;
[17] atoranya Yakobo umwana wa Zebedayo na Yohana mwene nyina wa Yakobo, na bo abita Bowanerige, risobanurwa ngo abana b'inkuba;
[18] atoranya Andereya, Filipo, Barutolomayo, Matayo, Toma, Yakobo umwana wa Alufayo, Tadayo, Simoni Umunyakananayo
[19] na Yuda Isikaryota, ni we yamuguze.
[20] Hanyuma Yesu aja mu nzu, ishengero ryongera gukoranira kuri we, bituma babura ingene botamira n'agatsima.
[21] Abo i wabo bavyumvise barasohoka ngo baje kumufata, kuko bagira ngo Yasaze.
[22] Kandi abahinga b'ivyanditswe bavuye i Yerusalemu baravuga bati: “Arimwo Beyezebuli:” kandi bati: “Umukuru w'abadayimoni ni we amushoboza kwirukana abadayimoni.”
[23] Arabahamagara, abacira umugani ati: “Satani yoshobora ate kwirukana Satani?”
[24] Ubwami iyo bwitandukanije ubwabwo, ubwo bwami ntibushobora kurama.
[25] Inzu ni yitandukanya ubwayo, iyo nzu ntizoshobora kurama.
[26] Kandi Satani, namba yihagurukiye, akitandukanya, ntashobora guhangama, arahera.
[27] Kandi nta muntu yoshobora kwinjira mu nzu y'umuntu w'inkomezi kumusahura ibintu, atabanje kuboha wa munyenkomezi, maze akabona kumusahura ivyo mu nzu yiwe.
[28] Ndababwire ukuri, abana b'abantu bazoharirwa ivyaha vyabo vyose n'ibityozano vyose bazotyoza,
[29] ariko umuntu wese azotyoza Mpwemu Yera nta ho azoharirwa, kandi azoba akoze icaha c'ibihe bidashira.
[30] Icatumye avuga atyo ni uko bavuze ngo arimwo impwemu ihumanye.
[31] Maze nyina n'abavukanyi biwe baraza, batuma kumuhamagara, bahagaze hanze.
[32] Ishengero ryari ryicaye rimukikije; maze baramubwira bati: “Erega umuvyeyi wawe na barumuna bawe bari hanze, barakurondera.”
[33] Na we arababaza ati: “Mama ni nde, canke bene mama ni ba nde?”
[34] Yeraguza amaso abari bicaye impande zose bamukikije ati: “Ngaba mama na bene mama;
[35] umuntu wese akora ivyo Imana igomba ni we murumunanje, ni we mushikanje, ni we mama.”