Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:20

[1] Umutwenzi utambitse, uwo mwanya abaherezi bakuru, abashingantahe, abahinga b'ivyanditswe n'abashingantahe ba sentare bose baja inama, baboha Yesu, baramujana, bamushikiriza Pilato.

[2] Pilato aramubaza ati: “Ni wewe Mwami w'Abayuda?” Na we aramwishura ati: “Urarivuze.”

[3] Abaherezi bakuru bamurega vyinshi.

[4] Pilato yongera kumubaza ati: “Nta co wiregura?” Umve ivyo bakwagiriza ingene ari vyinshi.

[5] Maze Yesu ntiyasubira kwishura ijambo na rimwe, bituma Pilato atangara.

[6] Muri iyo misi mikuru yahora abarekurira imbohe imwe, uwo bamusavye.

[7] Hariho umwe yitwa Baraba, yabohanywe n'abagararije, bishe abantu muri ukwo kugarariza.

[8] Ishengero riraduga, ritangura gusaba ko abagirira nk'uko yamenyereye.

[9] Pilato arababaza ko bagomba ko abarekurira Umwami w'Abayuda?

[10] Kuko yamenye yuko ishari ari ryo ryatumye abaherezi bakuru bamutanga.

[11] Maze abaherezi bakuru bosha ishengero gusaba ngo ivyoba vyiza abarekurire Baraba.

[12] Pilato yongera kubabaza ati: “None uwo mwita Umwami w'Abayuda, we ndamugire nte?”

[13] Bongera kuyogora bati: “Mubambe.”

[14] Pilato arababaza ati: “Ku ki? Yakoze ikibi ki?” Maze barushiriza kuyogora cane bati: “Mubambe.”

[15] Pilato agomvye kumara ishavu ishengero, abarekurira Baraba, maze atanga Yesu ngo abambwe, amaze kumutonagura.

[16] Maze abasoda bamujana imbere mu rugo, ari rwo boma, bahamagara ingabo zose, ziraterana.

[17] Bamwambika impuzu y'agahama, batsiba igitsibo c'amahwa, bakimwambika mu mutwe;

[18] batangura kumuramutsa bati: “Ndagize bwakeye, Mwami w'Abayuda.”

[19] Bamukubita irenga mu mutwe, bamuvuma amate, barapfukama, bamukomera amashi.

[20] Bamaze kumucurira, bamwambura ya mpuzu y'agahama, bamwambika impuzu ziwe, bamurengana irembo bamushoreye kumubamba.

[21] Bafata umuntu ahita, Simoni Umunyakurene, avuye mu misozi, ni se wa Alekisandero na Rufo, ngo amutwaze umusaraba.

[22] Bamushikana Yesu ahitwa i Gologota, risobanurwa ngo ahantu h' agahanga.

[23] Bamuha umuvinyu uvanze n'umuti w'umururazi, ntiyawunywa.

[24] Baramubamba, bagabura impuzu ziwe, barazipfindira, ngo bamenye iyo umuntu wese atwara.

[25] Igihe babamba Yesu zari isaha zitatu.

[26] Icandiko c'ikirego candikwa hejuru yiwe ngo UMWAMI W'ABAYUDA.

[27] Kandi babambana na we abambuzi babiri, umwe i buryo bwiwe, uwundi i bubamfu. [

[28] Nuko ivyanditswe birashika, ngo Yaharuranywe n'abanyavyaha.]

[29] Abahahita baramucurira, bazunguza imitwe bati: “Yo, wewe usambura urusengero, ukarwubaka mu misi itatu,

[30] ni wikize, wimanure ku musaraba.”

[31] N'abaherezi bakuru bamucurira batyo, banwengurana n'abahinga b'ivyanditswe bati: “Yakijije abandi, we ntashobora kwikiza;

[32] Kristo Umwami w'Abisirayeli ni yimanure ku musaraba ubu nyene, tubibone twizere.” N'abari babambanywe na we na bo baramutuka.

[33] Maze isaha zitandatu zishitse, ubwirakabiri bukorana mu gihugu cose, bushitsa kw'isaha y'icenda.

[34] Kw'isaha y'icenda Yesu asemerera n'ijwi rirenga ati: “Eloi, Eloi, lama sabakatani?” Risobanurwa ngo Mana yanje, Mana yanje, ni igiki kikumpebesheje?

[35] Maze bamwe mu bahahagaze bavyumvise baravuga bati: “Umve, ahamagaye Eliya.”

[36] Umwe arirukanga, yakira sipongo, ayuzuza inkarisha, ayirungikisha irenga; arayimusomesha ati: “Hinge turabe ko Eliya yoza kumubambura.”

[37] Maze Yesu avuga n'ijwi rirenga, aracikana.

[38] Igihuzu gikingira ahera cane h'urusengero gitantamukamwo kubiri, uhereye hejuru ugashitsa hasi.

[39] Intwazangabo y'abasoda ijana yari ihahagaze bahanganye, ibonye acikanye atyo, iravuga ati: “Ni ivyo ukuri, uwu muntu yari Umwana w'Imana.”

[40] Hariho n'abagore bari kure babiraba, muri bo harimwo Mariya Magadalene, na Mariya nyina wa Yakobo mutoya na Yose, harimwo na Salome.

[41] Abo bagore, aho yaba i Galilaya, baramukurikira bakamukorera; kandi hariho n'abandi bagore benshi bari baduganye na we i Yerusalemu.

[42] Bugorovye, kuko wari umusi wo Kwitegura, ni wo musi utangurira isabato,

[43] haza Yosefu w'i Arimataya, umushingantahe w'icubahiro, kandi na we yari areretse ubwami bw'Imana, ararinduka aja kuri Pilato, asaba ikiziga ca Yesu.

[44] Ariko Pilato biramutangaza ko yoba amaze gupfa; ahamagaza ya ntwazangabo y'abasoda, ayibaza yuko amaze umwanya apfuye.

[45] Maze yumvise ivyo iyo ntwazangabo imubwiye, aha Yosefu ikiziga.

[46] Agura impuzu yera, arakibambura akizingira muri ino mpuzu, agishira mu mva yimbwe mu bitandara, atembagaza ikibuye acugaza umuryango w'imva.

[47] Mariya Magadalene na Mariya nyina wa Yose babona aho ahambwe.

Mariko — Chapters