Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:25

[1] Hanyuma Yesu atangura kubabwira mu migani ati: “Habaye umuntu yateye umurima w'inzabibu, awuzitirira uruzitiro, yimbamwo ubwato bw'ikinogo, yubakamwo umutara, arusigarana abarimyi, aja mu mahanga.”

[2] Hageze mw'iyera atuma umukozi ku barimyi, ngo aze yake abo barimyi ivyamuwe mu ruzabibu.

[3] Baramufata, baramushishagura, bamurungika iminwe iri gusa.

[4] Yongera kubatumako uwundi mukozi, uwo bamuca uruguma mu mutwe, baramutetereza.

[5] Atuma uwundi, uwo we baramwica; atuma n'abandi benshi, bamwe barabashishagura, abandi barabica.

[6] Yari agisigaranye umwe, umwana wiwe akunda; hanyuma amubatumako ati: “Bazosonera umwana wanje.”

[7] Maze abo barimyi baravugana bati: “Urya ni we samuragwa; ni muze tumwice, umwandu uzobe uwacu.”

[8] Baramufata, baramwica, bamukwegera inyuma y'umurima w'inzabibu.

[9] None nyene uwo murima azogenza ate? Abo barimyi azoza abice rubi, umurima w'inzabibu awusigarane abandi.

[10] Mbega nta ho murasoma iki canditswe, ngo ibuye abubatsi bagaye Ni ryo ryahindutse irigumya imfuruka;

[11] Ivyo vyavuye k'Uhoraho, Kandi ni igitangaza mu maso yacu?

[12] Barondera ingene bomufata, batinya abantu, kuko bamenye yuko ari bo yaciyeko uwo mugani; bamusiga hano, baragenda.

[13] Bamwe mu Bafarisayo n'abantu ba Herode bamutumako, ngo bamutegeshe amajambo.

[14] Baje baramubwira bati: “Mwigisha, turazi yuko uri umunyakuri, kandi ko udatinya umuntu wese ku kigohe, kuko udatinya ijunja ry'abantu, ariko ko wigisha inzira y'Imana vy'ukuri. Mbega biremerwa gutanga ikori rya Kayisari, canke ntivyemerwa?

[15] Turitange, canke dusigeho?” Maze amenye uburyarya bwabo arababaza ati: “Mungereza iki? Ni munzanire idenariyo, ndayirabe.”

[16] Barayizana. Arababaza ati: “Iki gishushanyo n'ibi vyanditsweko ni ivya nde?” baramwishura bati: “Ni ivya Kayisari.”

[17] Yesu arababarira ati: “Ivya Kayisari ni mubihe Kayisari, ivyo Imana mubihe Imana.” Baramutangarira cane.

[18] Maze Abasadukayo baza kuri we, abahakana yuko ata kuzuka kuriho, baramubaza

[19] bati: “Mwigisha, Mose yatwandikiye yuko mwene nyina w'umuntu ni yapfa, agasiga umugore wiwe, adasize umwana, mwene nyina akwiye gucura uwo mugore, ngo ahonore mwene nyina.

[20] Habaye abavukana indwi: uwa mbere ararongora, arapfa, ntiyasiga abana;

[21] uwa kabiri acura umupfakazi wiwe, na we apfa adasize abana n'uwa gatatu aba atyo;

[22] bose uko ari indwi ntibasiga abana. Hanyuma ya bose, na wa mugore arapfa.

[23] Mbega mw'izuka azoba muka nde muri bo? Ko bari bamufise bose uko ari indwi!”

[24] Yesu arabishura ati: “Igituma muzimira mbega si uko mutamenye ivyanditswe canke ubushobozi bw'Imana?

[25] Aho bazozukira mu bapfuye ntibazorongora kandi ntibazoshingirwa; bazoba nk'abamarayika bo mw'ijuru.”

[26] Ariko ivyo abapfuye yuko bazurwa, nta ho murasoma mu gitabo ca Mose hamwe havuga ivyo Igisaka c'amahwa, ingene Imana yamubwiye iti: “Ni jewe Mana ya Aburahamu, Imana ya Isaka, Imana ya Yakobo?”

[27] Imana si iyo abapfuye, ni iyo abariho; mwarazimiye cane.

[28] Haza umwe mu bahinga b'ivyanditswe yumva babazanya, amenye ko abishuye neza, aramubaza ati: “Ibwirizwa ry'imbere muri yose ni irihe?”

[29] Yesu aramwishura ati: “Iryo imbere ni iri, ngo ni mwumve, yemwe Bisirayeli, Uhoraho Imana yacu ni we Uhoraho wenyene.”

[30] Kandi mukundishe Uhoraho Imana yanyu imitima yanyu yose, n'ubugingo bwanyu bwose, n'ubwenge bwanyu bwose, n'inkomezi zanyu zose.

[31] Irya kabiri ngiri, Mukunde abavukanyi banyu nk'uko mwikunda; nta rindi bwirizwa risumba ayo.

[32] Uno muhinga w'ivyanditswe aramubwira ati: “Ni koko, Mwigisha, uvuze ivyo ukuri yuko ari Imwe, nta yindi, atari yo yonyene;

[33] kandi kuyikundisha umutima wose, n'ugutahura kwose, n'inkomezi zose, bo n'ugukunda mugenzawe nk'uko wikunda, biruta cane ibimazi vyose bituriwe n'ibidaturiye.”

[34] Yesu abonye amwishuranye ubwenge, aramubwira ati: “Nturi kure y'ubwami bw'Imana.” Ntihagira uwusubira kwubahuka kugira ico amubaza.

[35] Kandi Yesu yigishiriza mu rusengero, arababaza ati: “Abahinga b'ivyanditswe bavuga bate yuko Kristo ari umwana wa Dawidi?”

[36] Dawidi ubwiwe yavugishijwe na Mpwemu Yera, avuga ati: “Uhoraho yabariye Umwami wanje Ati: “Icara i buryo bwanje, Ushitse aho nzoshirira abansi bawe musi y'ibirenge vyawe.”

[37] Dawidi ko ari we amwita Umwami, none ivyo kuba umwana wiwe vyavuye hehe?” Abenshi mw'ishengero banezererwa kumwumva.

[38] Kandi ababarira mu kwigisha kwiwe ati: “Mwirinde abahinga b'ivyanditswe, bakunda kugenda bambaye imvune, no kugirwako bwakeye mu makoraniro,

[39] no kwicara ku ntebe z'icubahiro mu masengero y'Abayuda, n'ivyicaro vyo haruguru aho batumiwe.

[40] Barya ingo z'abapfakazi, kandi basengesha menshi bahumba; abo bazocirwa urubanza ruruta izindi.”

[41] Yicara yerekeye ku masandugu y'amahera, abona ingene ishengero rishikana amahera, bayaterera muri ayo masandugu; benshi b'abatunzi batereramwo menshi.

[42] Haza umupfakazi w'umworo, atereramwo amasenge abiri, ni yo kuta.

[43] Ahamagara abigishwa biwe, arababwira ati: “Ndababwire ukuri, uwu mupfakazi w'umworo ashikanye ibirengeye ivyo bose batereye mu masandugu;

[44] kuko bose bashikanye ku musesekara, ariko we ku bworo

Mariko — Chapters