Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 4:11

[1] Hashize imisi, asubira i Kaperinawumu, bimenyekana ko ari mu nzu.

[2] Benshi bakoraniraho, ntibakwirwa mu nzu, eka n'imbere y'umuryango hose; ababwira ijambo ry'Imana.

[3] Haza abazanye ikimuga, bagiteruye ari bane.

[4] Babuze ingene bamushikira ku bwo ishengero, basambura inzu hejuru y'aho atumbereye; bahejeje kuhatobora, bururukirizamwo inderuzo, iryamyemwo ico kimuga.

[5] Yesu abonye ukwizera kwabo, abwira ico kimuga ati: “Mwana wanje, ivyaha vyawe urabihariwe.”

[6] Ariko hariho abahinga b'ivyanditswe bamwe bicayeho, biburanya mu mitima

[7] bati: “Ni igiki gitumye uwo avuga atyo? Aratyojeje, ni nde ashobora guharira ivyaha, atari umwe, ni we Mana?”

[8] Yesu amenye mu mutima wiwe yuko biburanya muri bo batyo, aca arababaza ati: “Ni igiki gitumye mwiburanya ivyo mu mitima yanyu?”

[9] Icoroshe ni ikihe, ni ukubarira ikimuga nti: “Uhariwe ivyaha vyawe; canke ni ukukibarira nti: 'Vyuka, wikorere inderuzo yawe, ugende?'”

[10] Ariko kugira ngo mumenye ko Umwana w'umuntu afise ububasha mw'isi bwo guharira ivyaha-abwira ikimuga

[11] ati: “Ndakubariye nti: 'Vyuka, wikorere inderuzo yawe, utahe.'”

[12] Aravyuka, aca yikorera inderuzo, asohoka imbere ya bose. Nuko bose barumirwa, bahimbaza Imana bati: “Ntitwaribwabone bene ibi.”

[13] Arasohoka, yongera kuja i ruhande y'ikiyaga; ishengero ryose riza kuri we, arabigisha.

[14] Nuko ariko aragenda abona Lewi umwana wa Alufayo, yicaye aho yatoreza ikori, aramubarira ati: “Nkurikira.” Ava hasi, aramukurikira.

[15] Kandi yicaye mu nzu y'uwo, ariko ararya, haza benshi mu batozakori n'abanyavyaha basangira na Yesu n'abigishwa biwe; bari benshi, kandi baramukurikira.

[16] Abahinga b'ivyanditswe bo mu Bafarisayo babonye asangira n'abanyavyaha n'abatozakori babwira abigishwa biwe bati: “Mbega ko asangira n'abatozakori n'abanyavyaha!”

[17] Yesu avyumvise, arababwira ati: “Abakomeye nta co bagombera umuvuzi, atari abarwaye. Sinaje guhamagara abagororotsi, atari abanyavyaha.”

[18] Kandi abigishwa ba Yohana bo n'Abafarisayo bari bisonzesheje. Baraza, baramubaza bati: “Ni igiki gituma abigishwa ba Yohana n'abigishwa b'Abafarisayo bisonzesha, abigishwa bawe ntibisonzeshe?”

[19] Yesu arababaza ati: “Mbega abatowe bokwisonzesha bate, bakiri kumwe n'umukwe? Umukwe akiri kumwe na bo ntibashobora kwisonzesha.

[20] Hari imisi izoza, umukwe akurwe muri bo, bazoca bisonzesha uwo musi.

[21] Nta wobarira ikiraka c'igitambara gishasha ku mpuzu y'umushire; kuko ico kiremo coyitabura, igisha kikavana n'umushire, ikarushiriza gutabuka.

[22] Kandi nta wotara umutobe w'umuvinyu mu mikuza y'insato ibombotse; kuko umuvinyu woturitsa iyo mikuza, umuvinyu n'imikuza bigapfana. Ariko umutobe w'umuvinyu bawutara mu mikuza mishasha.”

[23] Kandi kw'isabato, agenda aca mu mirima y'ingano; abigishwa biwe bakigenda batangura kumyoza ingano.

[24] Abafarisayo baramubaza bati: “Ni igiki gitumye bakora ikizira gukorwa kw'isabato?”

[25] Na we arababaza ati: “Nta ho murasoma ico Dawidi yakoze, aho yari aburaniwe ashonje, bo n'abari kumwe na we?”

[26] Ingene yinjiye mu nzu y'Imana, mu misi ya Abiyatari umuherezi mukuru, akarya imitsima yagenewe gushikanirwa Imana, ari umuziro kuribwa, ukuye abaherezi, akayihako n'abari kumwe na we?”

[27] Kandi arababwira ati: “Isabato yabayeho ku bwo umuntu, ariko umuntu si we yabayeho ku bwo isabato.

[28] Ni co gituma Umwana w'umuntu ari umwami w'isabato na yo.”

Mariko — Chapters