Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 5:04

[1] Bafata hakurya y'ikiyaga mu gihugu c'Abageraseni.

[2] Avuye mu bwato, umuntu yinjiwemwo n'impwemu ihumanye ava mu masenga y'imva, aca aramusanganira.

[3] Yaba muri ayo masenga, ntihagira uwuba akibona ico ashobora kumubohesha, n'iyo woba umunyororo;

[4] kuko bamubohesheje iminyororo ku maguru no ku maboko kenshi, iyo amaboko akayicagagura, iyo amaguru akayivutagura. Ntihagira umuntu afise inkomezi zomustinda.

[5] Maze imisi yose ku murango no mw'ijoro yama muri ayo masenga no ku misozi, ataka, yikebesha amabuye.

[6] Abonye Yesu akiri kure, arirukanga, arunama,

[7] asemerera n'ijwi rirenga ati: “Duhuriye hehe ga Yesu Mwana w'Imana Isumbavyose? Ndakurahiye Imana, ntubabaze ushinyagurira.”

[8] Kuko yari amubariye ati: “Va mu muntu, wa mpwemu ihumanye.”

[9] Aramubaza ati: “Witwa nde?” Aramwishura ati: “Gitero ni ryo zina ryanje kuko turi benshi.”

[10] Aramwinginga cane ngo ntazirukane muri ico gihugu.

[11] Kandi kuri uwo musozi hari ubusho bwinshi bw'ingurube zirisha;

[12] izo mpwemu mbi ziramwinginga ziti: “Turungike muri ziriya ngurube, tuzinjiremwo.”

[13] Arazemerera. Izo mpwemu zihumanye zimusokorotsemwo, zinjira muri nya ngurube, umukuku wirukira ku gatembwe, zisuka mu kiyaga, zari nk'ibihumbi bibiri, amazi araziniga.

[14] Abaziragira barahunga, babivuga mu gisagara no mu misozi; na bo baza kuraba ibibaye ivyo ari vyo.

[15] Bashika aho Yesu ari, basanga uwari yinjiwemwo n'abadayimoni yicaye, yambaye, ubwenge bwagarutse, umwe nyene yari yinjiwemwo na ca gitero; baratinya.

[16] Ababibonye babadondera ivyo uwari yinjiwemwo n'abadayimoni n'ivyo ingurube.

[17] Batangura kwinginga Yesu ngo ave mu ntara yabo.

[18] Ariko aratambukira mu bwato, uwari yinjiwemwo n'abadayimoni aramwinginga ngo agume kuri we.

[19] Ntiyamukundira, ariko aramubarira ati: “Ja i muhira i wawe mu b'i wanyu, ubabarire ivyo Umwami Imana igukoreye vyose, kandi ingene ikugiriye ikigongwe.”

[20] Aragenda, atangura gukwiza i Dekapoli ivyo Yesu yamukoreye vyose, abantu bose baratangara.

[21] Nuko Yesu agenda mu bwato, asubira hakurya, ishengero ryinshi rikoranira kuri we; yari i ruhande y'ikiyaga.

[22] Haza umwe mu bakuru b'isengero ry'Abayuda, yitwa Yayiro, amubonye amwitembagaza imbere y'ibirenge,

[23] aramwinginga cane ati: “Akana kanje k'agakobwa kari ku mpfiro, ndakwinginze, ni uze se, umurambikeko ibiganza, akire, abeho.”

[24] Aragenda, ajana na we. Ishengero ryinshi riramukurikira rimubanda.

[25] Kandi umugore atakaza amaraso menshi yari abimaranye imyaka icumi n'ibiri,

[26] yababajwe cane n'abavuzi benshi bamumarisha ibintu vyiwe vyose abitangamwo ingemu, ntihagira ico bamumarira, mbere arushiriza kurwara;

[27] yumvise ivya Yesu, araza, aca hagati y'ishengero, amuturuka inyuma, akora ku mpuzu yiwe.

[28] Yari yibwiye ati: “N'iyo nokora ku mpuzu ziwe gusa, nokira.”

[29] Uwo mwanya isoko y'amaraso irakama, amenya mu mubiri wiwe yuko akize ico cago.

[30] Ako kanya Yesu yumva muri we ubushobozi bumuvamwo, ahindukira abandana n'ishengero, arababaza ati: “Ni nde akoze ku mpuzu zanje?”

[31] Abigishwa biwe baramwishura bati: “Ubone abantu bariko barakubanda, nawe ukagira ngo ni nde ankozeko?”

[32] Aberaguzamwo amaso, ngo abone uwumukozeko.

[33] Uwo mugore aratinya, ahinda agashitsi, kuko azi ikimubayeko, araza amwikubita imbere, amubarira ivyo ukuri vyose.

[34] Yesu aramubwira ati: “Mwana wanje, ukwizera kwawe kuragukijije, genda amahoro, ukire rwose icago cawe.”

[35] Akivuga, haza abavuye kwa wa mukuru w'isengero ry'Abayuda bati: “Wa mwana wawe aracikanye, uracagorera iki Umwigisha?”

[36] Ariko Yesu ntiyashira umutima kw'ijambo rivuzwe, abarira uwo mukuru w'isengero ry'Abayuda ati: “Ntutinye, wizere gusa.”

[37] Ntiyakundira uwundi muntu kujana na we, atari Petero, Yakobo na Yohana mwene nyina wa Yakobo.

[38] Bashitse ku nzu y'uwo mukuru w'isengero ry'Abayuda, asanga bariko barakoma induru barira baboroga cane.

[39] Yinjiye arababaza ati: “Ni igiki gitumye mukoma induru murira? Umwana ntahwereye, ariko arasinziriye.

[40] Baramutwenga bamushimanga. Arabakumira bose, ajana se w'umwana na nyina n'abari kumwe na we, yigira haruguru aho ikiziga kiri,

[41] afata ukuboko kw'ikiziga, arakibarira ati: “Talisa kumi;” bisobanurwa ngo Gakobwa, ndakubariye nti: “Vyuka.”

[42] Umukobwa aca avyuka uwo mwanya, aragendagenda, kuko yari amaze imyaka icumi n'ibiri avutse: baca baratangara cane.

[43] Arabihanikiriza cane, ngo ntihagire umuntu n'umwe abimenya, arababarira ngo bamugaburire.

Mariko — Chapters