Skip to content
Opens in a new window
Listen to this chapter • 6:37

[1] Arababwira ati: “Ndababwira ukuri; muri aba bahagaze hano harimwo bamwe batazobona urupfu gushitsa aho bazobonera ubwami bw'Imana buzananye n'ubushobozi.”

[2] Imisi itandatu ishize, Yesu ajana Petero, Yakobo na Yohana, abadugana igisozi kirekire ari bonyene. Ahinduka ukundi imbere yabo,

[3] impuzu ziwe zirakayangana, zera derere, kandi nta mumesuzi kw'isi yoshoboye kuzeza atyo.

[4] Maze Eliya na Mose barabiyereka, bavugana na Yesu.

[5] Petero abwira Yesu ati: “Mwigisha, bitubereye vyiza ko turi hano, nuko duce uburaro butatu, bumwe rwawe, ubundi bwa Mose, ubundi bwa Eliya.”

[6] Ntiyari azi ico akwiye kuvuga, kuko bari baguye igihumura.

[7] Maze igicu kiraza kibatera igitutu, ijwi riva muri nya gicu riti: “Nguwu Umwana wanje nkunda, ni mumwumve.”

[8] Maze baraba hirya no hino, ntibaba bakigira uwundi babona, atari Yesu wenyene, ari kumwe na bo.

[9] Bariko baramanuka ico gisozi, arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu badondera ivyo babonye, Umwana w'umuntu atarazuka avuye mu bapfuye.

[10] Babika iryo jambo, babazanya ivyo ukuzuka mu bapfuye ivyo ari vyo.

[11] Baramubaza bati: “Mbega abahinga b'ivyanditswe ko bavuga yuko Eliya akwiye kubanza kuza?”

[12] Arabishura ati: “Eliya abanza kuza koko, akaroranya vyose neza.” Ariko vyanditswe bite ku Mwana w'umuntu yuko azobabazwa vyinshi, agatiturwa?

[13] Ariko ndababwira yuko Eliya yamaze kuza, kandi bamugiriye uko bagomba kwose, nk'uko vyanditswe kuri we.

[14] Bariko barashikira abigishwa, babona ishengero ryinshi ribakikije, n'abahinga b'ivyanditswe baharira na bo.

[15] Uwo mwanya ishengero ryose rimurabutswe riratangara rwose, barirukanga baramusanganira, baramuramutsa.

[16] Arababaza ati: “Mwariko murabahaririza ibiki?”

[17] Umwe muri iryo shengero aramwishura ati: “Mwigisha, nari nakuzaniye umwana wanje, yinjiwemwo n'impwemu y'ikiragi.

[18] Aho imufatiye hose, imutura hasi, akabimba ifuro, akazyegenya amenyo, akagenda arananuka; ndabarira abigishwa bawe ngo bayirukane, irabananira.”

[19] Arabishura ati: “Yemwe abo iki gihe mutizera, nzogeza ryari kubana namwe? Nzogeza ryari kubihanganira? Ni mumunzanire.”

[20] Baramuzana. Iyo mpwemu imubonye ica iramujegeza cane, aratemba, arigaragura, abimba ifuro.

[21] Yesu abaza se ati: “Amaze igihe kingana iki bimutera bityo?” Aramwishura ko vyahereye mu bwana bwiwe. “

[22] Kenshi cane imuta mu muriro no mu mazi ngo imwice. Ariko namba hari ico woshobora, tugirire akagongwe udutabare.

[23] Yesu aramwishura ati: “Uvuze uti: 'Namba wobishobora?” Erega vyose bishobokera uwizeye.

[24] Se w'uwo mwana aca aturika cane ati: “Ndizeye, fasha ukutizera kwanje.”

[25] Yesu abonye abantu bagwirirana biruka, akankamira iyo mpwemu ihumanye ati: “Yewe mpwemu y'ikiragi kandi y'igipfamatwi, ubwanje ndakubariye muvemwo, ntukamugarukemwo namba.”

[26] Iratakamba, iramujegeza cane, imuvamwo, amera nk'uwuhwereye, bituma abenshi bavuga bati: “Arahwereye.”

[27] Yesu amufata ukuboko, aramuvyura, arahagarara.

[28] Yinjiye mu nzu, abigishwa biwe bamubaza biherereye bati: “Tweho mbega ko vyatunaniye kuyirukana?”

[29] Arabishura ati: “Bene irya ntikurwamwo n'ikindi atari ugusenga no kwisonzesha.”

[30] Bavayo, baca i Galilaya, agomba ko hatogira uwubimenya.

[31] Kuko yigisha abigishwa biwe ati: “Umwana w'umuntu azoshirwa mu maboko y'abantu, bazomwica, hashize imisi itatu bamwishe, azozuka.”

[32] Ariko bayoberwa iryo jambo, batinya kurimubaza.

[33] Bashika i Kaperinawumu. Yinjiye mu nzu arababaza ati: “Mwaharira ibiki mu nzira?”

[34] Barihorera, kuko mu nzira baharira umukuru wabo uwo ari we.

[35] Aricara, ahamagara bamwe icumi na babiri, arababwira ati: “Umuntu ni yagomba kuba uwo imbere, ni abe inyuma ya bose, ni abe n'umukozi wa bose.”

[36] Yakira akana, agahagarika hagati yabo; arakarera, arababwira

[37] ati: “Uwuzokwakira umwe mu twana nk' aka mw'izina ryanje, azoba anyakiriye; kandi uwunyakira, si jewe yakira, ariko yakira uwantumye.”

[38] Yohana aramubwira ati: “Mwigisha, twabonye umuntu yirukana abadayimoni mw'izina ryawe, turamubuza, kuko atadukurikira.”

[39] Yesu aramwishura ati: “Ntimumubuze, kuko ata muntu azokora igitangaza mw'izina ryanje, azoshobora guca amvuga nabi.”

[40] Kuko uwutari umwansi wacu ari mu ruhande rwacu.

[41] Umuntu wese azobaha n'urwato rw'amazi kuko muri mw'izina rya Kristo, ndababwire ukuri, ntazobura impera yiwe.

[42] Kandi uwuzotsitaza n'umwe muri abo bato banyizera, iciza ni uko yohambirirwa urusyo ruremereye kw'izosi, agatererwa mu kiyaga.”

[43] Ukuboko kwawe ni kwagutsitaza, uguce igikonjo; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse igikonjo, hako uja muri Gehinomu mu muriro utazima, ufise amaboko yompi; [

[44] aho inyo zabo zidapfa, kandi n'umuriro utazima.]

[45] N'ikirenge cawe ni cagutsitaza, ugice; vyokubera vyiza kwinjira mu bugingo ucitse ikirenge, hako utererwa muri Gehinomu, ufise ibirenge vyose; [

[46] aho inyo zabo zidapfa, kandi n'umuriro utazima.]

[47] N'ijisho ryawe ni ryagutsitaza, urinogore; vyokubera vyiza kwinjira mu bwami bw'Imana upfuye ijisho, hako utererwa muri Gehinomu ufise amaso yompi;

[48] aho inyo zabo zidapfa, kandi n'umuriro utazima.

[49] Kandi umuntu wese azoryoshwa n'umuriro, nk'uko umunyu uryosha.

[50] Umunyu ni mwiza, ariko umunyu woshira uburyohe, mwoba mukiwuryohesha iki? Mugire umunyu mu mitima yanyu, kandi mubane amahoro.

Mariko — Chapters