[1] Abafarisayo bakoranira kuri we n'abahinga b'ivyanditswe bamwe bavuye i Yerusalemu.
[2] Babona abigishwa biwe bamwe barisha ivyo kurya intoke zihumanye, bisobanurwa ngo zidakaravye.
[3] Ariko Abafarisayo n'Abayuda bose, iyo batifyikinyuye mu gukaraba ntibarya, kuko bakurikiye imigenzo babwirijwe n'aba kera.
[4] Kandi bavuye mu kaguriro, iyo batimijagiye amazi ntibarya, kandi hariho ibindi vyinshi babwirijwe n'aba kera ngo bavyumireko, nko kwoza mu buryo bwinshi ibikombe, inzavya n'inkono zikozwe mu miringa.
[5] Abafarisayo n'abahinga b'ivyanditswe baramubaza bati: “Ni igiki gitumye abigishwa bawe badakurikira ingeso twabwirijwe n'aba kera, bagapfa kurisha ivyo kurya intoke zihumanye?”
[6] Arabishura ati: “Yesaya yavuze neza ivyo yavugishijwe n'Imana kuri mwebwe indyarya, nk'uko handitswe, ngo aba bantu banyubahisha iminwa yabo, Ariko imitima yabo iri kure yanje.”
[7] Bansengera ubusa, Kuko inyigisho bigisha ari ivyagezwe n'abantu.
[8] Ico Imana yageze murakireka ngo mwumire ku migenzo mwabwirijwe n'abantu.
[9] Kandi ati: “Nka ko mwagize neza gukengera icagezwe c'Imana, ngo muziririze iyo migenzo yanyu!”
[10] Kuko Mose yavuze ati: “Wubahe so na nyoko:” kandi ati: “Uwututse se canke nyina, ntazobure kwicwa.”
[11] Ariko mweho mugira ngo umuntu ni yabwira se canke nyina ati: 'Ico nari kugufashisha ni Korubani, risobanurwa ngo Ni co nzoshikanira Imana;'
[12] ntimuba mukimukundira kugira ico yofasha se canke nyina;
[13] ijambo ry'Imana mukaritituza imigenzo yanyu mwigishije: kandi mukora n'ibindi vyinshi bene ivyo.”
[14] Kandi yongera guhamagara ishengero, araribarira ati: “Munyumve mwese, mubitahure:
[15] nta kintu kiri inyuma, iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya, ariko ibivuye mu muntu ni vyo bimuhumanya.” [
[16] Namba hari uwufise amatwi yumva, ni yumve.]
[17] Yinjiye mu nzu asize ishengero hanze, abigishwa biwe bamusiguza uwo mugani.
[18] Na we arababaza ati: “Mbega namwe muri imburabwenge mutyo? Ntimutahura yuko ata kintu kiri inyuma iyo kigiye imbere mu muntu gishobora kumuhumanya,
[19] kuko kitagiye mu mutima wiwe, ariko kija mu nda, kigaca mu nzira yaco?” Ivyo yabivugiye guhumanura ivyo kurya vyose.
[20] Kandi aravuga ati: “Ibiva imbere mu muntu, ni vyo bimuhumanya,
[21] kuko imbere mu mitima y'abantu havamwo ivyiyumviro bibi, ubushakanyi,
[22] ubwivyi, ubwicanyi, ubusambanyi, ukwifuza, kugira nabi, ubugunge, ivyo isoni nke, ijisho ribi, ibitutsi, ubwibone, ubupfu.
[23] Ivyo bibi vyose biva imbere ni vyo bihumanya umuntu.”
[24] Ava aho hantu, aja mu ntara yo muri Tiro n'i Sidoni. Yinjira mu nzu atagomba ko hogira umuntu abimenya, ariko ntiyashobora kuyoberana.
[25] Ariko uwo mwanya, umugore afise akigeme kinjiwemwo n'impwemu ihumanye, amwumvise, araza, yikubita imbere y'ibirenge vyiwe.
[26] Uwo mugore yari Umugirikikazi, amamo yiwe n'i Sirofoyinike, aramwinginga ngo yirukane dayimoni mu mukobwa wiwe.
[27] Aramubwira ati: “Reka abana babanze guhaga, kuko atari vyiza kwakira umutsima w'abana ukawuterera utubwa.”
[28] Na we Aramwishura ati: “Nka ko, Mugenzi, utubwa na two turi musi y'imeza twirira utuvunguka tw'abana.”
[29] Aramubwira ati: “Ko uvuze utyo ni wigire, dayimoni avuye mu mukobwa wawe.”
[30] Arigira, ashitse mu nzu yiwe asanga umwana aryamye ku buriri, dayimoni amuvuyemwo.
[31] Yongera kuva mu ntara yo muri Tiro, araza aca i Sidoni, ashika ku kiyaga c'i Galilaya, aciye hagati y'intara y'i Dekapoli.
[32] Bamuzanira igipfamatwi kidatobora neza, baramwinginga ngo akirambikeko ikiganza.
[33] Agikura mw'ishengero, aracihererana, agishira intoke mu matwi, acira amate, agikora ku rurimi.
[34] Ararangamiza, araba mw'ijuru, yitsa umutima, arakibarira ati: “Efata,” risobanurwa ngo “Zibuka.”
[35] Amatwi yiwe arazibuka, inkingi z'ururimi rwiwe zirabohoka, avuga neza.
[36] Arabihanikiriza ngo ntihagire umuntu babibarira, ariko iyo abihanikirije barushiriza gukwiza inkuru yiwe rwose.
[37] Baratangara cane, baravuga bati: “Akoze vyose neza, azibura n'ibipfamatwi, kandi avugisha ibiragi.”